IKIGANIRO C’UKWIGA CA 8
URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi
Wokwigana gute imbabazi za Yehova?
«Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene.»—KOL. 3:13.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyo twokora kugira ngo tubabarire uwatubabaje.
1-2. (a) Ni ryari canecane usanga bigoye kubabarira umuntu? (b) Denise yababariye gute uwamutuntuje?
VYOBA bikugora kubabarira abandi? Abenshi biratugora, canecane iyo hari uwavuze canke agakora ikintu kitubabaza cane. Ariko rero, turashobora kurengera uwo mubabaro maze tukababarira uwatubabaje. Raba nk’akarorero ivyashikiye mushiki wacu yitwa Denise, a yatanze imbabazi zidasanzwe. Mu 2017, Denise n’umuryango wiwe baragiye kugendera icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova cari giherutse kwugururwa. Igihe bari mu modoka bariko barataha, hari uwundi mushoferi yataye inzira maze arabagonga. Denise yaciye ata ubwenge. Amaze gutora ubwenge, yaramenye ko abana biwe bari bakomeretse cane, umugabo wiwe Brian na we arapfa. Denise yibutse ivyabaye ico gihe, avuga ati: «Naratuntuye nongera ndata umutwe.» Mu nyuma, yahavuye amenya ko iryo sanganya ritari ryatewe n’uko uwo mushoferi yari yaborewe, canke ngo asamazwe n’ikindi kintu. Denise yaciye asenga Yehova amusaba gutekana.
2 Uwo mushoferi yagirijwe icaha co kwica. Kiramutse kimwagiriye yaca apfungwa. Ariko rero, sentare yabwiye Denise ko ivyo yovuze ari vyo vyofatiweko mu gucira urubanza uwo mugabo. Denise avuga ati: «Gusubira kuvuga ibintu vyabaye kuri uwo musi mubi mu buzima bwanje, kwari nko gushonorora igikomere mfise ku mutima, maze ukagisukamwo umunyu mwinshi.» Haciye amayinga makeyi, Denise yararengutse muri sentare yiteguriye kugira ico avuze, imbere y’uwo mugabo yabateje intuntu nyinshi. None Denise yavuze iki? Yasavye umucamanza kubabarira uwo mugabo. b Denise agiheza kuvuga, umucamanza yaciye aturikisha ararira. Yavuze ati: «Mu myaka 25 yose maze ndi umucamanza, sinari bwigere numva ikintu nk’iki muri sentare. Sindigera numva umuryango wagiriwe nabi usabira imbabazi uwabagiriye nabi. Sinari bwigere numva amajambo aranga urukundo n’imbabazi.»
3. Ni igiki catumye Denise atanga imbabazi?
3 Ni igiki none catumye Denise atanga imbabazi? Yarazirikanye ku kuntu Yehova ari Imana ibabarira. (Mika 7:18) Gukenguruka bimwe bigera kure imbabazi Yehova atugirira, biratuma tubabarira abandi.
4. Yehova yipfuza ko dukora iki? (Abanyefeso 4:32)
4 Yehova yipfuza ko tubabarira abandi ata gahigihigi, nk’uko na we abitugirira. (Soma Abanyefeso 4:32.) Ashaka ko twama twiteguriye kubabarira abatubabaza. (Zab. 86:5; Luka 17:4) Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino ibintu bitatu vyodufasha kurushiriza kubabarira abandi.
NTIWIRENGAGIZE UMUBABARO UFISE
5. Twisunze Imigani 12:18, dushobora kumererwa gute igihe umuntu atubabaje?
5 Twoshobora kubabazwa n’ivyo umuntu atubwiye canke adukoreye, na canecane igihe aba ari uwo mu muryango canke ari umugenzi somambike. (Zab. 55:12-14) Rimwe na rimwe, twoshobora kugira umubabaro twogereranya no gucumita inkota. (Soma Imigani 12:18.) Twoshobora kugerageza kuwikuramwo canke kuwirengagiza. Ariko kubigenza gutyo, kwoba ari nko kugumiza imbugita mu gikomere. Na twebwe rero, ntitwokwitega ko kwirengagiza gusa umubabaro, bica bituma uhera.
6. Dushobora kuvyakira gute igihe umuntu atubabaje?
6 Igihe umuntu atubabaje, akenshi usanga duca dushavura. Na Bibiliya iravuga ko vyoshobora gushika tukaraka. Ariko rero, Bibiliya iratugabisha kutaguma dushavuye. (Zab. 4:4; Ef. 4:26) Uti kubera iki? Kubera ko kenshi usanga ishavu rikoresha umuntu amakosa. (Yak. 1:20) Niwibuke ko iyo umuntu akubabaje, guca ushavura ari ibisanzwe. Ariko rero, kuguma ushavuye canke gutsinda ishavu ni we uvyihitiramwo.
Iyo umuntu akubabaje, guca ushavura ni ibisanzwe, ariko rero kuguma ushavuye canke gutsinda ishavu, ni we uvyihitiramwo
7. Igihe umuntu atubabaje ni ibindi bintu ibihe bishobora kudushikira?
7 Igihe umuntu atugiriye nabi, twoshobora kugira umubabaro mu bundi buryo. Nk’akarorero, mushiki wacu yitwa Ann avuga ati: «Igihe nari nkiri umwana, dawe yarataye mawe aca yirongorera umuyaya wacu. Numvise umengo mbaye akahebwe. Igihe baronka abana hoho, numvise umengo jewe nta kibanza ngifise. Nakuze numva umengo nta n’umwe ankeneye.» Uwundi mushiki wacu yitwa Georgette aravuga ingene yumvise amererwe igihe umugabo wiwe yarenga ibigo. Agira ati: «Je n’umugabo wanje twabaye abagenzi kuva mu bwana. Twarakoranye mbere n’ubutsimvyi. Igihe nabimenya naravunitse umutima cane.» Uwundi mushiki wacu yitwa Naomi na we, avuga ati: «Sinigeze niyumvira ko umugabo wanje yombabaje. Igihe rero yambwira ko yari amaze igihe araba amashusho y’ibiterasoni mu kinyegero, numvise umengo yarampemukiye.»
8. (a) Ni imvo zimwezimwe izihe zotuma tubabarira abandi? (b) Ni ivyiza ibihe twironkera igihe tubabariye? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Twokora iki nimba hari uwaduhahamuye?»)
8 Nta bubasha dufise ku vyo abandi batuvugako canke badukorera. Ariko turafise ububasha bwo guhitamwo uko twovyifatamwo. Akenshi usanga ihitamwo ryiza ari ukubabarira. Uti kubera iki? Kubera ko dukunda Yehova, kandi akaba adusaba kubabarira abandi. Ariko igihe tugumye dushavuye ntitubabarire, turahakwa gukora ivy’ubupfu canke kumbure tukagirira nabi amagara yacu. (Imig. 14:17, 29, 30) Raba akarorero ka mushiki wacu umwe yitwa Christine. Avuga ati: «Iyo natwawe n’ishavu nca njinyika, nkarya nabi, sinsinzire bikwiye, nkaba n’inkomwahato, ivyo bikaba bigira ingaruka ku wo twubakanye no ku bandi.»
9. Kubera iki tudakwiye kubika inzika?
9 N’igihe uwatubabaje atokwigera adusaba imbabazi, turashobora kugabanya umubabaro yaduteje. Uti gute? Umwe Georgette twavuga, agira ati: «Naho vyafashe igihe, nararetse kubikira inzika uwahoze ari umugabo wanje. Ivyo vyatumye ngira amahoro menshi.» Iyo twirinze kubika inzika, tuba twirinze kuguma tudundumiwe mu mutima. Tuba kandi twigiriye neza, kuko duca tuguma twibandaniriza ubuzima ata ngorane. (Imig. 11:17) Bite hoho mu gihe woba umaze kwiyakira, ariko ukaguma wumva utobabarira uwakubabaje?
IVYOGUFASHA KUBA URIHANGANIRA UWO MUBABARO
10. Kubera iki dukwiye kwiha umwanya kugira dusubirane mu mutima? (Raba n’amafoto.)
10 Ni ibiki vyogufasha kurengera ishavu? Kimwe muri vyo, ni ukwiha umwanya wo gusubirana mu mutima. Igihe umuntu yakomeretse cane ahejeje kuvurwa, arakenera umwanya kugira ngo akire. Na twebwe twoshobora gukenera umwanya wo kubanza gusubirana mu mutima imbere y’uko tubabarira uwatubabaje.—Umus. 3:3; 1 Pet. 1:22.
11. Gusenga vyodufasha gute kubabarira abandi?
11 Nusenge Yehova umusaba ngo agufashe kubabarira uwakubabaje. c Umwe Ann twavuga, arasigura ingene gusenga vyamufashije. Avuga ati: «Narasavye Yehova ngo ababarire umwe wese mu bagize umuryango wacu ku bintu vyose tutifashemwo neza. Naciye nandikira ikete dawe na mukiwe, ndababwira ko nabababariye.» Ann avuga ko kubigira bitamworoheye. Naho ari ukwo, avuga ati: «Ndizigiye ko akigoro ndiko ndagira ko kwigana imbabazi za Yehova kazotuma dawe na mukiwe bipfuza kumenya ivyerekeye Yehova.»
12. Kubera iki twokwizigira Yehova aho kuguma twiyumvira ko turi mu kuri? (Imigani 3:5, 6)
12 Niwizigire Yehova aho kuguma wiyumvira ko uri mu kuri. (Soma Imigani 3:5, 6.) Yehova yama azi icotubera ciza. (Yes. 55:8, 9) Ntazokwigera adusaba gukora ikintu cotugirira nabi. Igihe rero adusavye kubabarira abandi, turizigira tudakeka ko bitugirira akamaro. (Zab. 40:4; Yes. 48:17, 18) Ariko tugumye tubona ko turi mu kuri, ntituzokwigera tubabarira abandi. (Imig. 14:12; Yer. 17:9) Naomi umwe twamara kuvuga, agira ati: «Mu ntango numva ko mfise imvo yumvikana yo kutababarira umugabo wanje kubona yararavye amashusho y’ibiterasoni. Natinya ko yohava asubira kumbabaza canke akibagira intuntu yanteje. Naca rero niremesha ko Yehova antahura. Nahavuye mbona ko kuba Yehova antahura, bidasobanura ko yemera ko ndi mu kuri. Naho azi umubabaro mfise be n’uko bisaba igihe kugira nsubirane, yipfuza kandi ko mbabarira abandi.» d
NUHINDURE IVYIYUMVIRO
13. Twisunze Abaroma 12:18-21, dukwiye gukora iki?
13 Igihe tubabariye umuntu yatubabaje cane, turakwiye gukora n’ibindi uretse gusa kudasubira kuvuga ivyo yadukoreye. Igihe na ho uwo muntu ari uwo dusangiye ukwizera, turakwiye kwihatira gusubiza hamwe na we. (Mat. 5:23, 24) Aho kuguma dushavuye canke ngo tubike inzika, duhitamwo kubabarira. (Soma Abaroma 12:18-21; 1 Pet. 3:9) Ni igiki none cobidufashamwo?
14. Dukwiye kwihatira gukora iki, kandi kubera iki?
14 Turakwiye kwihatira kubona uwatubabaje nk’uko Yehova amubona. Yehova yibanda ku vyiza abantu bakora. (2 Ngo. 16:9; Zab. 130:3) Mu bisanzwe, igihe urondeye iciza canke ikibi mu bantu urakibabonamwo. Bivana n’ico uba uriko urarondera. Igihe rero turondeye iciza mu bandi, biratworohera kubababarira. Nk’akarorero, umuvukanyi yitwa Jarrod avuga ati: «Igihe umuvukanyi ambabaje, biranyorohera kumubabarira igihe ngumije umutima ku vyiza vyinshi akora, aho kuwushira kw’ikosa aba yankoreye.»
15. Ni kubera iki ari vyiza kubwira uwakubabaje ko wamubabariye?
15 Ikindi kintu gihambaye wokora ni ukubwira uwakubabaje ko wamubabariye. Uti kubera iki? Umwe Naomi twamara kuvuga, agira ati: «Umugabo wanje yambajije ati: ‘Warambabariye?’ Ngize ngo nteranure akanwa ndamubwire ngo ‘ndakubabariye’, iryo jambo ryaca riniga. Nahavuye nsanga mu mutima ntari bwamubabarire vy’ukuri. Haciye igihe vyahavuye bikunda ko ndamubwira iryo jambo ‘ndakubabariye.’ Ndabimubwiye, nagiye mbona akorora amosozi ariruhutsa, nanje numva ndabohotse ku mutima. Kuva ico gihe, naciye ntangura gusubira kumwizigira kandi ubu turi abagenzi somambike.»
16. Wize iki ku bijanye no kubabarira abandi?
16 Yehova yipfuza ko tubabarira abandi. (Kol. 3:13) Naho ari ukwo, ntivyama vyoroshe. Ariko rero, twoshobora kubigira hamwe tutokwirengagiza umubabaro dufise, kandi tukagerageza kuba turawihanganiye. Ivyo bizodufasha guhindura ivyiyumviro, tubone ibintu mu buryo bwiza.—Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ibintu bitatu vyodufasha kubabarira abandi.»
NUGUMIZE UMUTIMA KU VYIZA VYO KUBABARIRA ABANDI
17. Kubabarira abandi bitugirira kamaro gute?
17 Turafise imvo nyinshi zotuma tubabarira abandi. Raba zimwezimwe muri zo. Ubwa mbere, iyo tubabariye abandi tuba twiganye Yehova wa Muvyeyi wacu arangwa imbabazi kandi tukamuhimbara. (Luka 6:36) Ubwa kabiri, tuba twerekanye ko dukenguruka vy’ukuri imbabazi Yehova yatugiriye. (Mat. 6:12) Ubwa gatatu na ho, biratuma tugira amagara meza bikongera bigatuma tugiranira ubucuti bwiza n’abandi.
18-19. Kubabarira abandi bishobora kuvamwo iki?
18 Kubabarira abandi birashobora kuvamwo ivyiza tutari twiteze. Nk’akarorero, raba ivyabaye kuri umwe Denise twavuga mu ntango. Naho Denise ata vyo yari azi, wa mugabo yabateza isanganya yari yateguye ko amaze gucibwa urubanza aca yiyahura. Ariko rero, yarakozwe ku mutima no kuba Denise yaramubabariye aca atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.
19 Twoshobora kubona ko kubabarira uwatugiriye nabi ari kimwe mu bintu bigoye cane gukora. Naho ari ukwo, kubabarira ni kimwe mu bintu bivamwo ivyiza vyinshi. (Mat. 5:7) Ese rero twokora uko dushoboye kwose kugira twigane imbabazi za Yehova!
URURIRIMBO RWA 125 «Hahiriwe abanyembabazi!»
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b Mu bihe nk’ivyo, umukirisu wese ni we yihitiramwo ico yokora.
c Raba kuri jw.org amavidewo y’izi ndirimbo zisanzwe: «Duharirane», «Mfasha ntange imbabazi», na «Dusubire kuba abagenzi.»
d Naho kuraba amashusho y’ibiterasoni ari icaha kandi bikaba bituntuza, si imvo ishingiye ku Vyanditswe yotuma uwubakanye n’uwuraba ayo mashusho aca yahukana.