IKIGANIRO C’UKWIGA CA 7
Ingene worushiriza kwungukira ku vyo usoma muri Bibiliya
“Usoma gute?”—LUKA 10:26.
URURIRIMBO RWA 97 Dutungwa n’Ijambo ry’Imana
INCAMAKE a
1. Ni igiki cerekana ko Yezu yaha agaciro Ivyanditswe?
IYUMVIRE ingene vyari bimeze kwumviriza Yezu ariko arigisha. Yarakunda gusubiramwo Ivyanditswe Vyeranda ku mutwe. Nkako, mu vyo yavuze ubwa mbere inyuma y’aho abatirijwe be na bimwebimwe mu vyo yavuze gatoyi imbere y’uko apfa, yabikuye mu Vyanditswe. b (Gus. 8:3; Zab. 31:5; Luka 4:4; 23:46) Vyongeye, mu kiringo c’imyaka itatu n’igice Yezu yamaze yigisha, akenshi yarasomera Ivyanditswe imbere y’abantu canke akabisubiramwo mu majambo akongera akabisigura.—Mat. 5:17, 18, 21, 22, 27, 28; Luka 4:16-20.
2. Igihe Yezu yariko arakura, ni ibiki vyamufashije kumenya neza Ivyanditswe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)
2 Hagisigaye imyaka itari mike ngo Yezu atangure igikorwa ciwe, yarasoma Ijambo ry’Imana kenshi akongera akumva risomwa. Muhira iwabo, nta nkeka ko mu biyago vya misi yose yumva Mariya na Yozefu basubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe. c (Gus. 6:6, 7) Nta nkeka kandi ko Yezu yaja kw’isinagogi buri Sabato ari kumwe n’umuryango wiwe. (Luka 4:16) Ari ng’aho, ategerezwa kuba yarumviriza yitonze igihe Ivyanditswe vyaba biriko birasomwa. Mu nyuma, Yezu yarize kwisomera ubwiwe ivyo Vyanditswe Vyeranda. Ivyo vyatumye Yezu atamenya gusa Ivyanditswe ariko kandi vyatumye abikunda, yongera aravyisunga mu vyo yakora. Nk’akarorero, niwibuke ivyabaye ku rusengero igihe Yezu yari afise imyaka 12 gusa. Abigisha bari bazi neza ibijanye n’Itegeko rya Musa, “barumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe.”—Luka 2:46, 47, 52.
3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?
3 Na twebwe tugiye turasoma Ivyanditswe turashobora kumenya Ijambo ry’Imana tukongera tukarikunda. None tworushiriza gute kwungukira ku vyo dusoma? Ivyo Yezu yabwiye abari bazi neza Itegeko rya Musa, ushizemwo abanditsi, Abafarizayo be n’Abasadukayo, birashobora kubidufashamwo. Abo bakuru b’idini barakunda gusoma Ivyanditswe, ariko ivyo basoma nta co vyabamarira. Yezu yarerekanye ibintu bitatu bari gukora kugira ngo barushirize kwungukira ku Vyanditswe. Ivyo yababwiye biradufasha kubona ingene tworushiriza (1) gutahura ivyo dusoma, (2) kubikuramwo ivyigwa, (3) kureka Ijambo ry’Imana rikatuyobora.
NUSOME URONDERA GUTAHURA
4. Muri Luka 10:25-29 hatwigisha iki ku bijanye no gusoma Ijambo ry’Imana?
4 Twipfuza gutahura ivyo dusoma mw’Ijambo ry’Imana. Bitagenze ukwo, ivyo dusoma nta kintu kinini vyotumarira. Nk’akarorero, rimbura ikiyago Yezu yagiranye n’“umuntu umwe w’umuhanga mu vy’Itegeko.” (Soma Luka 10:25-29.) Igihe uwo muntu yabaza Yezu ico yokora ngo aronke ubuzima budahera, Yezu yamwerekeje kw’Ijambo ry’Imana mu kumubaza ati: “Handitswe iki mw’Itegeko? Usoma gute?” Uwo muntu yaratanze inyishu nziza mu gusubiramwo Ivyanditswe vyavuga ibijanye n’ugukunda Imana no gukunda mugenzawe. (Lew. 19:18; Gus. 6:5) Ariko rero, raba ivyo uwo mugabo yaciye avuga ubukurikira. Yabajije ati: “None mugenzanje ni nde?” Uwo mugabo yarerekanye ko atatahura ico ivyo yari yarasomye vyasobanura. Ivyo vyatumye atamenya neza ingene yoshira mu ngiro ivyo vyanditswe mu buzima bwiwe.
Turashobora kwiga gutahura ivyo dusoma muri Bibiliya
5. Gusenga no gusoma tutihutagiza bishobora gute kudufasha kurushiriza gutahura ivyo dusoma?
5 Turashobora kurushiriza gutahura Ijambo ry’Imana hamwe twogira akamenyero keza ko kurisoma. Raba ivyiyumviro bimwebimwe vyogufasha. Nusenge imbere y’uko utangura gusoma. Kubera ko dukeneye ko Yehova adufasha gutahura Ivyanditswe, turakwiye kumusaba impwemu yiwe nyeranda ngo idufashe kwitunira ku vyo dusoma. Ubukurikira, nuce usoma utihutagiza. Ivyo bizogufasha gutahura ivyo usoma. Birashobora kuba vyiza usomye n’ijwi ryumvikana canke usomye ujana n’igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi. Ivyo birashobora gutuma urushiriza gutahura ivyo usoma no kuvyibuka hamwe no kubikuramwo icigwa. (Yos. 1:8) Uhejeje gusoma, nusubire gusenga ushimira Yehova ku bw’Ijambo ryiwe yaturonkeje wongere umusabe agufashe gushira mu ngiro ivyo usoma.
6. Kubera iki kwibaza utubazo be no kugira utwo wiyandikiye bishobora kugufasha igihe uriko urasoma Bibiliya? (Raba n’ishusho.)
6 Raba ibindi vyiyumviro bibiri vyogufasha kurushiriza gutahura ivyo usoma muri Bibiliya. Igihe uriko urasoma niwibaze ibibazo. Igihe uriko urasoma inkuru kanaka niwibaze uti: ‘Ni bande ahanini bavugwamwo? Ni nde ariko aravuga? Ariko abwira nde, kandi kubera iki? Ibivugwamwo vyabereye hehe kandi ryari?’ Mwene ivyo bibazo biragufasha kubona ivyiyumviro nyamukuru biri mu vyo uriko urasoma be no kubizirikanako. Vyongeye, nugire utwo wiyandikira igihe uriko urasoma. Kwandika ivyo uhejeje gusoma biratuma urushiriza kubizirikanako no kubitahura neza. Kwandika biragufasha kandi kwibuka ivyo wasomye. Urashobora kwandika ibibazo, ivyavuye mu bushakashatsi wagize, ukagira incamake y’ivyiyumviro nyamukuru, ukandika ukuntu uzoshira mu ngiro ivyo wasomye canke ukandika gusa ingene vyagukozeko. Kwandika utuntu nk’utwo, birashobora kugufasha kubona ko Ijambo ry’Imana ari ubutumwa bukwerekeye ku giti cawe.
7. Ni kamere iyihe dukeneye igihe turiko turasoma Bibiliya, kandi kubera iki? (Matayo 24:15)
7 Yezu yarerekanye kamere nyamukuru dukeneye nimba twipfuza gutegera ivyo dusoma mw’Ijambo ry’Imana, na yo akaba ari ugutahura. (Soma Matayo 24:15.) None ugutahura ni iki? Ni ubushobozi bwo gutegera ingene iciyumviro kimwe gifitaniye isano n’ikindi be n’ingene gitandukanye n’ikindi, no kubona ico bashatse kuvuga. Nk’uko kandi Yezu yavyerekanye, turakeneye ugutahura kugira ngo tubone ibintu biriko birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Turakeneye kandi iyo kamere kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku bintu vyose dusoma muri Bibiliya.
8. Wobigenza gute kugira ngo usome utahura?
8 Yehova araha abasavyi biwe ugutahura. Numwiture rero mw’isengesho, umusabe agufashe gutsimbataza iyo kamere. (Imig. 2:6) None wokora iki ngo uhuze n’iryo sengesho ryawe? Nusuzume witonze ivyo uriko urasoma kandi urabe isano bifitaniye n’ibindi wari usanzwe uzi. Niwifashishe ibitabu bidufasha kwiga Bibiliya, nk’akarorero ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Ivyo bitabu biradufasha gutahura umurongo kanaka wo muri Bibiliya no kubona uburyo butandukanye twoshira mu ngiro ibivugwamwo. (Heb. 5:14) Usomye utahura, uca urushiriza gutegera Ivyanditswe.
NUSOME URONDERA GUKURAMWO IVYIGWA
9. Ni ukuri guhambaye ukuhe kwo mu Vyanditswe Abasadukayo batemera?
9 Naho Abasadukayo bari bazi neza ibitabu bitanu vya mbere vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo, ntibemera ukuri guhambaye kwari muri ivyo bitabu vyahumetswe. Nk’akarorero, raba ingene Yezu yishuye Abasadukayo igihe bamugeza ku bijanye n’izuka. Yababajije ati: “Ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo’?” (Mrk. 12:18, 26) Naho Abasadukayo bari barasomye iyo mirongo incuro n’izindi, ikibazo Yezu yababajije carerekanye ko batemera ukuri guhambaye kwo mu Vyanditswe, ni ukuvuga inyigisho y’izuka.—Mrk. 12:27; Luka 20:38. d
10. Ni ibiki dukwiye kwitwararika igihe tuba turiko turasoma?
10 Ni icigwa ikihe tuhakura? Igihe turiko turasoma, twipfuza kwitwararika ibintu vyose umurongo kanaka canke inkuru kanaka yo muri Bibiliya itwigisha. Ntitwipfuza gutahura inyigisho z’ishimikiro gusa, twipfuza no gutahura ukuri kwimbitse be n’ingingo ngenderwako biba vyihishije mu vyo tuba dusomye.
11. Twisunze 2 Timoteyo 3:16, 17, wokora iki kugira ngo urushirize gukura ivyigwa mu vyo usoma muri Bibiliya?
11 Ni gute none twosoma Bibiliya ku buryo tuyikuramwo ivyigwa? Raba ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:16, 17. (Soma.) Havuga ko “Icanditswe cose [ari] . . . ngirakamaro” (1) ku kwigisha, (2) ku gukangira, (3) ku kugorora ibintu, (4) ku gutoza indero. Ivyo bintu uko ari bine urashobora no kubisanga mu bitabu vyo muri Bibiliya udakunda gusoma kenshi. Nusuzume inkuru uriko urasoma kugira ngo ubone ico ikwigisha ku bijanye na Yehova, umugambi wiwe, canke ingingo ngenderwako ziwe. Nuzirikane ukuntu ari ngirakamaro ku gukangira. Ivyo wobigira mu kugerageza kubona ingene iyo nkuru igufasha kubona inyifato itabereye wokwirinda maze ukaguma uri intahemuka kuri Yehova. Nuzirikane ingene wokoresha iyo nkuru mu kugorora iciyumviro kanaka kitari co, kumbure nk’ico wumvise uri mu ndimiro. Ikigeretseko, nugerageze kubona ugutozwa indero kuri muri iyo nkuru gushobora kugufasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Niwitwararika gukora ivyo bintu bine, uzorushiriza gukura ivyigwa mu vyo usoma muri Bibiliya.
NUREKE IVYO USOMYE BIKUYOBORE
12. Kubera iki Yezu yabajije Abafarizayo ngo “Mbega ntimwasomye?”
12 Kugira ngo Yezu yerekane ko Abafarizayo batahura Ivyanditswe ukutari kwo, na bo nyene yababajije ati: “Mbega ntimwasomye?” (Mat. 12:1-7) e Ico gihe Abafarizayo bari bavuze ko abigishwa ba Yezu bari barenze kw’Isabato. Mu kubishura, Yezu yaravuze uburorero bubiri bwo mu Vyanditswe yongera arasubiramwo amajambo yavuzwe n’umuhanuzi Hoseya kugira ngo yerekane ko Abafarizayo batatahura itegeko ryagenga Isabato be n’uko bari bananiwe kugaragaza imbabazi. Kubera iki none abo bantu batemera kuyoborwa n’ivyo basoma mw’Ijambo ry’Imana? Kubera ko babisoma bafise agatima ko gutora amahinyu abandi be n’ubwishime. Ako gatima karatuma badatahura ivyo basoma.—Mat. 23:23; Yoh. 5:39, 40.
13. Dukwiye gusoma Bibiliya dufise agatima akahe, kandi kubera iki?
13 Ayo majambo Yezu yavuze aratwigisha ko dukwiye gusoma Bibiliya dufise agatima kabereye. Mu buryo butandukanye n’abo Bafarizayo, dutegerezwa kwicisha bugufi no kwemera kwigishwa. Dutegerezwa ‘kwakirana ubwitonzi ijambo riterwa muri twebwe.’ (Yak. 1:21) Ubwitonzi butuma tureka Ijambo ry’Imana rigashinga imizi mu mitima yacu. Iyo twirinze agatima ko gutora amahinyu abandi canke k’ubwishime, ni ho gusa dushira mu ngiro ivyigwa twiga muri Bibiliya ku bijanye no kugaragaza imbabazi, impuhwe be n’urukundo.
14. Twomenya gute ko turiko turareka Ijambo ry’Imana rikatuyobora? (Raba n’amashusho.)
14 Ingene dufata abandi birerekana nimba twemera kuyoborwa n’Ijambo ry’Imana. Kubera ko Abafarizayo batareka ngo Ijambo ry’Imana rishike mu mitima yabo, “[bara]tsindisha abatagira ikibagira.” (Mat. 12:7) Na twebwe nyene, ingene tubona abandi be n’ingene tubafata birerekana nimba tureka Ijambo ry’Imana rikatuyobora. Nk’akarorero, twoba dukunda kuvuga ivyiza tubona mu bandi canke twihutira kuvuga amakosa yabo? Twoba tugira imbabazi kandi tugaharira abandi canke turabatora amahinyu tukongera tukababikira inzika? Kwisuzuma gutyo birashobora kutwereka nimba turiko turareka ivyo dusoma bikayobora ivyiyumviro vyacu, ukuntu tubona ibintu be n’ivyo dukora.—1 Tim. 4:12, 15; Heb. 4:12.
INGENE WOSOMA BIBILIYA UKAGIRA AGAHIMBARE
15. Yezu yabona gute Ivyanditswe Vyeranda?
15 Yezu yarakunda Ivyanditswe Vyeranda kandi ukuntu yabibona vyari vyaravuzwe muri Zaburi 40:8, ahagira hati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” Kuba Yezu yarakunda Ivyanditswe vyaratumye ahimbarwa, vyongera bituma aroranirwa mu gikorwa yarangurira Yehova. Na twebwe turashobora guhimbarwa tukongera tukaroranirwa hamwe tworeka Ijambo ry’Imana rigashinga imizi mu mitima yacu.—Zab. 1:1-3.
16. Wokora ibiki kugira ngo urushirize kwungukira ku vyo usoma mw’Ijambo ry’Imana? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo Yezu yavuze birashobora kugufasha gutegera ivyo usoma.”)
16 Dufatiye ku vyo Yezu yavuze no ku karorero kiwe, nimuze turyohore ingene dusoma Bibiliya. Gusenga, kudasoma twihutagiza, kubaza utubazo no kugira ivyo twiyandikiye, birashobora gutuma turushiriza gutahura ivyo dusoma muri Bibiliya. Gusuzuma twitonze ivyo dusoma twifashishije ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, birashobora gutuma turushiriza kubitahura. Kurondera gutahura ivyigwa vyihishije muri izo nkuru, birashobora kudufasha kurushiriza gukoresha neza Bibiliya ushizemwo mbere n’Ivyanditswe tutamenyereye cane. Vyongeye, gusoma Bibiliya tubigiranye agatima kabereye birashobora gutuma tureka Ijambo ry’Imana rikatuyobora. Nitwihatira gukora ivyo bintu vyose, bizotuma turushiriza kwungukira ku vyo dusoma muri Bibiliya vyongere bitume turushiriza kwiyegereza Yehova.—Zab. 119:17, 18; Yak. 4:8.
URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana
a Twese abasavyi ba Yehova turihatira gusoma Ijambo ry’Imana buri musi. Ariko hariho n’abandi benshi basoma Bibiliya, mugabo ntibatahure vy’ukuri ivyo basoma. Ivyo ni ko vyari biri no ku bantu bamwebamwe bo mu gihe ca Yezu. Gusuzuma ivyo Yezu yabwiye abo bantu, biraza kudufasha kubona ivyotuma turushiriza kwungukira ku vyo dusoma muri Bibiliya.
b Igihe Yezu yabatizwa hanyuma akarobanuzwa impwemu nyeranda, biboneka ko yaciye asubira kwibuka ubuzima yahorana mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi.—Mat. 3:16.
c Mariya yari azi neza Ivyanditswe kandi yarabisubiramwo mu vyo yavuga. (Luka 1:46-55) Birashoboka ko Yozefu na Mariya ata mahera bari bafise yo kwigurira amakopi y’Ivyanditswe. Igihe Ijambo ry’Imana ryaba ririko rirasomwa mw’isinagogi, bategerezwa kuba barumviriza bitonze kugira ngo bizobafashe kuvyibuka.
d Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwiyegereze Imana—‘Ni Imana . . . y’abazima’” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2013.
e Raba no muri Matayo 19:4-6, aho Yezu yabajije Abafarizayo ico kibazo nyene ngo “Mbega ntimwasomye?” Naho bari barasomye inkuru ivuga ivy’irema, barirengagiza ico yabigisha ku bijanye n’ingene Imana ibona umubano w’abubatse.
f INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gihe c’ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami, umwe mu bavukanyi bakora mu buhinga bw’ivyuma arakora amakosa atari make. Ariko inyuma y’ikoraniro, bagenziwe baramukeza ku twigoro yagize aho gushimika ku makosa yakoze.