Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 28

Gutinya Imana vyama bitugirira akamaro

Gutinya Imana vyama bitugirira akamaro

“Uwugendera mu bugororotsi bwiwe aratinya Yehova.”​—IMIG. 14:2.

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

INCAMAKE a

1-2. Cokimwe na Loti, abakirisu bahanganye n’ingorane iyihe muri iki gihe?

 INGESO mbi zirangwa muri iyi si zituma twiyumva nka wa mugororotsi Loti. “Ya[ra]tuntuzwa cane n’ingeso ziteye isoni z’abagarariji” kuko yari azi ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yanka ingeso mbi. (2 Pet. 2:7, 8) Kuba Loti yaratinya Imana akongera akayikunda, vyaratumye yirinda ingeso mbi zari ziraye mu bantu bari bamukikuje. Natwe tuba mu bantu badaha agaciro ingingo ngenderwako za Yehova ziranga inyifato runtu canke baziha agaciro buhoro. Naho ari ukwo, turashobora kuguma tudahumanye mu nyifato runtu, hamwe twoguma dukunda Imana tukongera tukayitinya.​—Imig. 14:2.

2 Ivyo Yehova arabidufashamwo biciye ku mpanuro no ku ndemesho ziranga urukundo dusanga mu gitabu c’Imigani. Gusuzuma izo mpanuro ziranga ubukerebutsi dusanga muri ico gitabu, birashobora kudufasha twese, twaba turi abagabo canke abagore, abato canke abakuze.

GUTINYA IMANA BIRADUKINGIRA

Ku kazi, turakwiye kwirinda kugiranira ubugenzi n’abantu badatinya Yehova, no kugira uruhara mu bikorwa badutumiramwo biteye amakenga (Raba ingingo ya 3)

3. Twisunze Imigani 17:3, ni imvo imwe iyihe ikwiye gutuma dukingira umutima wacu? (Raba n’ishusho.)

3 Imvo nyamukuru ikwiye gutuma dukingira umutima wacu ni uko Yehova awusuzuma. Ivyo bisobanura ko adahendwa n’ingene twiyerekana imbere y’abandi, ahubwo ko abona ico turi koko mu mutima. (Soma Imigani 17:3.) Yehova aradukunda igihe tuguma tuzirikana ku mpanuro ziturokorera ubuzima aturonsa. (Yoh. 4:14) Ivyo bituma twirinda ingeso mbi n’ibinyoma biva kuri Shetani no kuri iyi si yiwe. (1 Yoh. 5:18, 19) Uko turushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko turushiriza kumukunda no kumwubaha. Urukundo dukunda uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru, ruratuma twamirira kure mbere n’iciyumviro co gukora igicumuro. Igihe twohejwe gukora ikibi duca twibaza duti: ‘Nokwubahuka gute kubabaza n’ibigirankana Imana inkunda ukuraho?’​—1 Yoh. 4:9,10.

4. Gutinya Yehova vyafashije gute mushiki wacu umwe kunanira inyosha mbi?

4 Mushiki wacu umwe wo muri Krowasiya yitwa Marta yohejwe gukora ubusambanyi, avuga ati: “Vyarangoye kwiyumvira neza no kurwanya icipfuzo co kunezererwa igicumuro akanya gato. Ariko gutinya Yehova vyarankingiye.” b None vyamukingiye gute? Marta avuga ko yazirikanye ku ngaruka mbi vyomukwegeye. Natwe turashobora kubigenza gutyo nyene. Ingaruka ibabaje kuruta izindi zose ni ukubabaza Yehova maze tugatakaza agateka ko kumusenga ibihe bidahera.​—Ita. 6:5, 6.

5. Wokwigira iki ku vyashikiye Leo?

5 Gutinya Yehova biratuma twirinda kwifatanya n’abantu bigenza nabi. Ico ni co cigwa uwitwa Leo wo muri Kongo yize. Haciye imyaka ine abatijwe, yaratanguye kwifatanya n’abagenzi babi. Yabona ko ata co bitwaye mu gihe ubwiwe atokora ikibi ngo acumure kuri Yehova. Ariko rero bidatevye, abo bagenzi biwe babi baratumye yisuka mu kaborerwe no mu bushegabo. Mu nyuma, yaratanguye kuzirikana ku bintu abavyeyi biwe bakirisu bari baramwigishije no ku munezero yahorana ico gihe. None yaciye akora iki? Yaciye yigarura. Yaragarutse kuri Yehova abifashijwemwo n’abakurambere. Ubu akorera Yehova ahimbawe ari umukurambere n’umutsimvyi adasanzwe.

6. Ni abagore babiri b’ikigereranyo abahe tugiye kurimbura?

6 Reka turimbure Imigani ikigabane ca 9, ahavugwa abagore babiri, umwe akaba agereranya ubukerebutsi uwundi na we ubupfu. (Gereranya n’Abaroma 5:14 be n’Abagalatiya 4:24.) Uko turimbura ico kigabane, nugume wibuka ko isi ya Shetani yatwawe n’ubushegabo be n’amashusho y’ibiterasoni. (Ef. 4:19) Birahambaye rero ko tuguma dutinya Imana tugaca kure ikibi. (Imig. 16:6) Ku bw’ivyo rero, twaba turi abagabo canke abagore, ibivugwa muri ico kigabane birashobora kutugirira akamaro. Umwe wese muri abo bagore babiri aratumira abantu “[ba]tazi utuntu n’utundi,” ni ukuvuga abantu batagira ubwenge. Umwe wese muri abo bagore ni nk’aho avuga ati: ‘Nimuze iwanje ndabazimane.’ (Imig. 9:1, 5, 6, 13, 16, 17) Ariko abitaba ubwo butumire bashikirwa n’ingaruka zitandukanye cane.

NTIWITABE UBUTUMIRE BWA WA MUGORE W’IMBURABWENGE

Wa “mugore w’imburabwenge” atanga ubutumire bushobora gukwega akarambaraye (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze Imigani 9:13-18, abemera ubutumire bwa wa mugore w’imburabwenge bashikirwa n’ibiki? (Raba n’ishusho.)

7 Raba ubutumire wa “mugore w’imburabwenge” atanga. (Soma Imigani 9:13-18.) Asemerera abwira abatagira ubwenge ngo ‘baze hano’ ku nzimano. None ni ibiki bishikira ababwitaba? “Inzu yiwe yuzuyemwo abapfuye.” Ushobora kuba uciye wibuka izindi mvugo ngereranyo zifitaniye isano n’iyo, dusanga mu bigabane vy’imbere y’ico kigabane ca 9. Haturemesha kwirinda “umugore w’igitandero” kandi w’“igihumbu.” Tubwirwa duti: “Inzu yiwe inyika ija mu rupfu.” (Imig. 2:11-19) Mu Migani 5:3-10 na ho haratugabisha ku bijanye n’uwundi “mugore w’igitandero, . . . ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu.”

8. Ni ihitamwo irihe dutegerezwa kugira?

8 Abumviriza uwo “mugore w’imburabwenge” bategerezwa kugira ihitamwo ryo kwemera ubutumire bwiwe canke kutabwemera. Vyoshobora kuba ngombwa ko natwe tugira iryo hitamwo. Tuzohitamwo gukora iki nitwabona amashusho y’ubusambanyi canke y’ibiterasoni mu bimenyeshamakuru canke kuri internet?

9-10. Ni imvo zimwezimwe izihe zikwiye gutuma twirinda inyifato iranga ubushegabo?

9 Hariho imvo zumvikana zikwiye gutuma twirinda inyifato iranga ubushegabo. Wa “mugore w’imburabwenge” agira ati: “Amazi bivye arasosa.” None ayo “mazi bivye” yerekeza ku ki? Kurangura amabanga y’abubatse biba hagati y’umugabo n’umugore, Bibiliya ibigereranya n’amazi amara inyota. (Imig. 5:15-18) Umugabo n’umugore bubakanye biciye mu mategeko barashobora guhimbarirwa ukurangura amabanga y’abubakanye. Ariko rero, biratandukanye n’“amazi bivye.” Ayo mazi y’ubusuma ashobora kuba yerekeza ku guhuza ibitsina kutemewe, ari bwo busambanyi. Akenshi ivyo abantu babigira bihishije, nka kurya nyene umusuma yiba yihishije. Ayo “mazi bivye” arashobora gusa n’ayasosera abayivye, na canecane igihe baba biyumvira ko ata wuzomenya ivyabaye. Ese ukuntu ukwo ari ukwihenda! Yehova abona vyose. Gutakaza ubucuti dufitaniye na Yehova ni co kintu kirura kuruta ibindi vyose, akaba ari co gituma ata busose burimwo. (1 Kor. 6:9, 10) Ariko ntibigarukira aho.

10 Ubusambanyi burashobora gutuma umuntu amaramara, yumva ko ata co amaze, atwara inda atipfuza, akongera agasambura urugo rwiwe. Biraranga ubukerebutsi rero kwirinda “inzu” ya wa mugore w’imburabwenge be n’inzimano yiwe. Abantu bakora ubusambanyi, uretse ko batakaza ubucuti bafitaniye na Yehova, barandura indwara zituma bataramba. (Imig. 7:23, 26) Umurongo wa 18 w’ikigabane ca 9 usozera uti: “Abatumire biwe bari epfo mu kuzimu.” Ni kubera iki none benshi bemera ubwo butumire bw’uruhendo bushikana ku vyago?​—Imig. 9:13-18.

11. Kubera iki kuraba amashusho y’ibiterasoni ari bibi cane?

11 Umutego abenshi bakunda kugwamwo ni ukuraba amashusho y’ibiterasoni. Bamwebamwe biyumvira ko kuyaraba ata co bitwaye. Ariko rero kuraba mwene ayo mashusho bironona abantu, bigatuma batakaza icubahiro kandi bikabizizira. Ayo mashusho arafise ububasha bukomeye kuko bitoroshe kuyafuta mu bwenge. Ikigeretseko, amashusho y’ibiterasoni arakabura ivyipfuzo bibi aho kuvyica. (Kol. 3:5; Yak. 1:14, 15) Ego cane, abenshi mu baraba ibiterasoni baca bisuka mu bintu vy’ubushegabo.

12. Twerekana gute ko twiteguriye kwirinda amashusho avyura inambu y’umubiri?

12 None twokora iki hamwe twobona giturumbuka ishusho y’ibiterasoni mu kuma kacu? Ubwo nyene dukwiye guca tureka kuyiraba. Ikizobidufashamwo ni ukwibuka ko igihambaye kuruta ibindi vyose ari ubucuti dufitaniye na Yehova. Mbere n’amashusho muri rusangi adafatwa nk’ay’ibiterasoni, arashobora kuvyura inambu y’umubiri. Kubera iki none twoyirinda? Kubera ko tutipfuza gutera intambwe n’imwe naho yoba ntoyi, yodushikana ku gukora ubusambanyi mu mutima wacu. (Mat. 5:28, 29) Umukurambere umwe yitwa David wo muri Tayilande avuga ati: “Mpora nibaza nti: ‘Naho amashusho yoba aterekana ibiterasoni mu buryo bugaragara, Yehova yoba yohimbarwa hamwe noguma ndayaraba?’ Kwiyumvira gutyo biramfasha kuyirinda.”

13. Ni igiki kidufasha gufata ingingo nziza?

13 Gutinya gukora ibintu bidahimbara Yehova biradufasha gufata ingingo nziza. “Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi.” (Imig. 9:10) Ivyo turabibona mu majambo atangura mu Migani ikigabane ca 9, ahavuga ibijanye n’uwundi mugore agereranywa n’“ubukerebutsi nyakuri.”

NIWITABE UBUTUMIRE BWA WA MUGORE W’“UBUKEREBUTSI NYAKURI”

14. Ni ubutumire ubuhe dusanga mu Migani 9:1-6 butandukanye na bumwe bwa mbere?

14 Soma Imigani 9:1-6. Ng’aho tuhasanga ubutumire buva kuri Yehova wa Muremyi wacu akongera akaba na we Soko ry’ubukerebutsi ntangere. (Imig. 2:6; Rom. 16:27) Haravugwamwo inzu nini ifise inkingi indwi. Ivyo vyerekana ingene Yehova atanga cane, n’ingene aha ikaze abantu bipfuza kubaho bisunga ubukerebutsi bwiwe.

15. Imana idutera akamo ko gukora iki?

15 Yehova aratanga atitangiriye itama. Ivyo turabibonera kuri wa mugore agereranywa n’“ubukerebutsi nyakuri” avugwa mu Migani ikigabane ca 9. Iyo nkuru ivuga ko uwo mugore w’ikigereranyo yateguye neza inyama, akavanga umuvinyu, akongera agategura imeza. (Imig. 9:2) Twisunze umurongo wa 4 n’uwa 5 na ho, ubwo bukerebutsi bufashwe nk’umuntu “bubwira abantu bose batagira ubwenge buti: ‘Nimuze mufungure ku bifungurwa vyanje.’” Kubera iki dukwiye kuja mu nzu y’uwo mugore w’ubukerebutsi nyakuri maze tugafata inzimano yiwe? Yehova yipfuza ko abana biwe bagira ubukerebutsi kandi bagakingirwa. Ntiyipfuza ko twiga tubanje kwibonerako. Ni co gituma “abikira abagororotsi ubukerebutsi nyabwo.” (Imig. 2:7) Iyo dutinya Yehova, bituma twipfuza gukora ibimuhimbara. Turumviriza impanuro ziwe nziza kandi tukazikurikiza tunezerewe.​—Yak. 1:25.

16. Gutinya Imana vyafashije gute Alain gufata ingingo nziza, kandi vyavuyemwo iki?

16 Raba ingene ugutinya Imana kwafashije Alain gufata ingingo nziza. Uwo mukurambere akaba n’umwigisha yavuze ati: “Abenshi mu bo twakorana bafata isinema z’ibiterasoni nk’uburyo bwo kwigisha abana ibijanye n’igitsina.” Ariko Alain si ko yabibona. Yavuze ati: “Kubera ko ntinya Imana, naranka nivuye inyuma kuraba izo sinema. Vyongeye, narabasiguriye igituma navyanka.” Yarashize mu ngiro impanuro y’“ubukerebutsi nyakuri” imusaba ‘gutera aja imbere mu nzira y’ugutegera.’ (Imig. 9:6) Ugushikama kwa Alain kwarakomeje bamwebamwe mu bo bakorana, ku buryo ubu biga Bibiliya bakongera bakitaba amakoraniro.

Kwitaba ubutumire bwa wa mugore w’“ubukerebutsi nyakuri” birashobora gushikana umuntu ku buzima budahera (Raba ingingo ya 17-18)

17-18. Abitaba ubutumire bwa wa mugore w’“ubukerebutsi nyakuri” bariko bironkera ivyiza ibihe, kandi biteze iki muri kazoza? (Raba n’ishusho.)

17 Yehova akoresheje abo bagore babiri b’ikigereranyo, aratwereka icotuma duhimbarwa. Abitaba ubutumire bwa wa “mugore w’imburabwenge” bashira umutima ku binezereza vyo mu kinyegero vyitwa ko bisosa. Ariko mu vy’ukuri, usanga babaho ku bw’ubu buzima gusa, batitaho ivya kazoza. Amaherezo yabo ni “epfo mu kuzimu.”​—Imig. 9:13, 17, 18.

18 Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’ibishikira abitaba ubutumire bwa wa mugore “w’ubukerebutsi nyakuri”! Abitaba ubutumire bwiwe, muri iki gihe barinovora inzimano nziza y’ivy’impwemu ituma bagiranira ubucuti bwiza na Yehova. (Yes. 65:13) Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya avuga ati: “Nimunyumvirize mwitonze, murye ibifungurwa nyavyo, muryohererwe cane ibifungurwa vyizavyiza.” (Yes. 55:1, 2) Turiga gukunda ivyo Yehova akunda no kwanka ivyo yanka. (Zab. 97:10) Vyongeye, turahimbarwa no gutumira abandi kugira na bo bungukire kuri ubwo “bukerebutsi nyakuri.” Ni nk’aho turi ‘ahantu hataramutse mu gisagara, dusemerera duti: “Umuntu wese atazi utuntu n’utundi naze hano.”’ Ivyiza twironkera twe n’abitaba ubwo butumire si ivy’ubu gusa. Ni ivyiza vyamaho kuko bizotuma tubaho ibihe bidahera nitwaguma ‘dutera tuja imbere mu nzira y’ugutegera.’​—Imig. 9:3, 4, 6.

19. Twisunze Umusiguzi 12:13, 14, dukwiye kwiyemeza iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Gutinya Imana biratugirira akamaro.”)

19 Soma Umusiguzi 12:13, 14. Ese ugutinya Imana kwotuma tuguma dukingira umutima wacu kukongera kukadufasha kuguma tudahumanye mu vy’inyifato runtu no kuguma twiyegereje Yehova muri iyi misi ya nyuma mibi! Ukwo gutinya Imana kuzoguma kutuvyurira umutima wo gutumira abantu benshi bashoboka kugira barondere “ubukerebutsi nyakuri” maze bironkere ivyiza.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

a Abakirisu baripfuza gutinya Imana mu buryo bubereye. Ukwo kuyitinya biradufasha kuzigama umutima wacu no kwirinda ubushegabo n’amashusho y’ibiterasoni. Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino Imigani ikigabane ca 9. Ico kigabane kiravuga abagore babiri b’ikigereranyo mu kwerekana itandukaniro rikomeye riri hagati y’ubukerebutsi n’ubupfu. Ibivugwa muri ico kigabane birashobora kudufasha ubu no muri kazoza.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.