Wari ubizi?
Abaroma boba bari kwemera ko umuntu nka Yezu bishe bamanitse ku giti ahambwa mu buryo bubereye?
ABANTU benshi barazi inkuru ivuga ko Yezu yapfiriye ku giti amanikanywe n’inkozi z’ikibi zibiri. (Mat. 27:35-38) Ariko rero, harabaye impari ku bijanye n’uko inkuru yo muri Bibiliya ivuga ko ikiziga ca Yezu categuwe ku bw’amaziko hanyuma kigahambwa yoba ari iy’ukuri.—Mrk. 15:42-46.
Incabwenge zimwezimwe zikekeranya ibivugwa mu Njili, zaragize amakenga yuko umuntu yaba yishwe nk’inkozi y’ikibi yemererwa guhambwa mu buryo bwiza, nko gushirwa mu mva. Izo ncabwenge ziyumvira ko abantu nk’abo babagenza ukundi. Umumenyeshamakuru yitwa Ariel Sabar, arasigura mu kinyamakuru Smithsonian igituma bamwe bavyiyumvira gutyo. Avuga ati: “Kubamba umuntu ku musaraba cari igihano kigenewe abafatwa ko ari ibivume mu kibano, kandi abahinga bamwebamwe ntibemera ko Abaroma boretse abantu nk’abo bagaterwa iteka ryo guhambwa mu buryo bubereye.” Abaroma bipfuza kumaramaza cane inkozi z’ikibi, akaba ari co gituma akenshi bagumiza ibiziga vyabo ku giti kugira biribwe n’ibikoko. Mu nyuma, ibisigarira vyabo vyaca bitererwa mu mva rusangi.
Ariko rero, ivyacukuwe n’abahinga vyarerekanye ikintu gitandukanye n’ico, n’imiburiburi ku Bayuda bamwebamwe bari barishwe. Mu 1968, harubuwe ibisigarira vy’umuntu yari yarishwe mu kinjana ca mbere. Babitoye mu mva y’umuryango umwe w’Abayuda, hafi y’i Yeruzalemu. Ivyo bisigarira vyari mu gasandugu k’amagufa. Muri vyo harimwo igufa ry’igitsintsiri. Ryari ku rubaho, bikaba vyari bifatanijwe n’umusumari wa santimetero 11,5. Sabar avuga ati: “Ico gitsintsiri, kikaba cari ic’umuntu yitwa Yehochanan, carafashije gukuraho impari zari zimaze igihe kirekire ku bijanye n’uko inkuru zo mu Njili zivuga ko Yezu yahambwe mu mva ari iz’ukuri.” Birashimishije kubona Sabar avuga ko “igitsintsiri ca Yehochanan catanze akarorero k’umuntu yabambwe ku musaraba mu gihe ca Yezu maze Abaroma bakemera ko ahambwa hisunzwe umugenzo w’Abayuda.”
Abantu bafatiye kuri iryo gufa ry’igitsintsiri, boshobora kudahuza ku bijanye n’ukuntu Yezu yamanitswe ku giti. Ariko ikigaragara coco ni uko hari inkozi z’ikibi zishwe zigahambwa, aho gushiburirwa gusa mu mva rusangi. Birumvikana rero ko ivyo Bibiliya ivuga ko ikiziga ca Yezu cahambwe mu mva ibereye ari ukuri. Ico kintu cubuwe kirashigikira ivyo Bibiliya ivuga.
N’igihambaye kuruta, Yehova yari yaramenyesheje ko Yezu yohambwe mu mva y’umutunzi, kandi nta n’umuntu n’umwe ashobora kubuza ijambo ry’Imana kuranguka.—Yes. 53:9; 55:11.