Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 26

Ingene urukundo rudufasha gutsinda ubwoba

Ingene urukundo rudufasha gutsinda ubwoba

“Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya.”​—ZAB. 118:6.

URURIRIMBO RWA 105 “Imana ni urukundo”

INCAMAKE *

1. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora gutuma tugira ubwoba?

 ZIRIKANA ibi bintu vyabaye koko: Uwitwa Nestor n’umugore wiwe María, baripfuza kuja gukorera ahari inkenero kuruta. * Ariko kugira ngo babishikeko, bategerezwa guhindura uburyo bari babayeho. Mugabo baratinya ko batohimbarwa vy’ukuri mu gihe bobeshwaho n’amahera make. Igihe uwitwa Biniam na we yaba Icabona ca Yehova mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, yaramenye ko abaye umusavyi w’Imana yohamwe. Ivyo vyaramutera ubwoba. Ariko rero yarushirije gutinya ingene abo mu muryango wiwe bovyakiriye baramutse bamenye ibijanye n’iryo dini yari agiyemwo. Uwitwa Valérie wewe bamutoye ubwoko bwa kanseri bubi cane, maze biramugora kuronka umuganga yomubaga yubahirije ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya ku bijanye n’amaraso. Birumvikana ko yagize ubwoba ko yoshobora gupfa.

2. Kubera iki dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira dutsinde ubwoba?

2 Woba umaze kugira ubwoba nk’ubwo? Benshi muri twebwe turamaze kubugira. Hamwe tutokwiga gutsinda ubwoba, twoshobora gufata ingingo mbi yotuma mbere ubucuti dufitaniye na Yehova bwononekara. Ivyo ni vyo Shetani yipfuza. Aragerageza no gufatira ku bwoba dufise kugira atume tugambarara amategeko ya Yehova, ushizemwo rimwe ridusaba kwamamaza inkuru nziza. (Ivyah. 12:17) Shetani ni umubisha, ni ruburakigongwe kandi arakomeye. Ariko urashobora kumwirinda. Uti gute?

3. Ni igiki kizodufasha gutsinda ubwoba?

3 Iyo tuzi neza ko Yehova adukunda kandi akama ari ku ruhande rwacu, turashobora gutsinda utwigoro twa Shetani. (Zab. 118:6) Nk’akarorero, uwanditse Zaburi ya 118 yarashikiwe n’ibintu bimwebimwe vyamuhagaritse umutima cane. Yari afise abansi benshi, harimwo n’abari bahambaye (umurongo wa 9, 10). Rimwe na rimwe yaragira amaganya menshi (umurongo wa 13). Vyongeye, Yehova yarigeze kumukosora bimwe bikomeye (umurongo wa 18). Naho vyari ukwo, uwo mwanditsi wa zaburi yaravyuriwe umutima wo kuririmba, ati: “Sinzotinya.” None ni igiki catuma yumva atekanye gutyo? Yari azi ko naho Yehova yari yamukosoye, uwo Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru yamukunda cane. Uwo mwanditsi wa zaburi yari azi ko naho yoshikirwa n’iki, Imana yiwe imukunda yokwamye yiteguriye kumufasha.​—Zab. 118:29.

4. Nimba twizigira ko Imana idukunda, ni ibiki tutazotinya?

4 Turakwiye kumenya neza ko Yehova adukunda umwumwe ku giti ciwe. Ivyo bizodufasha gutsinda ubwoba mu mice itatu, na yo akaba ari: (1) gutinya ko tutazoshobora kuronka ibitunga umuryango; (2) gutinya abantu, (3) gutinya urupfu. Ba bantu twavuga mu ngingo itangura, barashoboye gutsinda ubwoba bari bafise kubera ko bari bazi neza ko Imana ibakunda.

GUTINYA KO TUTAZOSHOBORA KURONKA IBITUNGA UMURYANGO

Umuvukanyi umwe ari kumwe n’umuhungu wiwe, ariko araroba amafi kugira ngo aronse umuryango wiwe ivya nkenerwa (Raba ingingo ya 5)

5. Ni ibiki vyoshobora gutuma serugo ahagarika umutima cane? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

5 Serugo mukirisu arafatana uburemere ibanga ryo kuronsa umuryango wiwe ibiwutunga. (1 Tim. 5:8) Nimba uri serugo, birashoboka ko muri iki kiringo c’ikiza wahagaritse umutima ko wotakaza akazi. Woshobora kuba waratinye yuko uzobura ivyo ugaburira umuryango, amahera yo kuriha inzu upanze canke ayo kuriha ideni ry’inzu wafashe. Ushobora kuba waranagize ubwoba bw’uko uramutse utakaje akazi utoronse akandi. Canke nka kumwe kwa Nestor na María twamara kuvuga, ushobora kuba waragonanywe kugira ivyo uhinduye mu kazi kawe, utinya ko vyogira ico bikoze ku kuntu ubayeho. Shetani akoresheje ubwoba nk’ubwo, yaratumye abantu benshi bareka gukorera Yehova.

6. Shetani agerageza kutwemeza iki?

6 Shetani aragerageza kutwemeza ko Yehova atitwararika umwumwe ku giti ciwe be n’uko ari twebwe twimenya ku bijanye no kurondera ibitunga umuryango. Ivyo rero vyoshobora gutuma tubona ko dukwiye gukora ibishoboka vyose kugira akazi dufise ubu tukagumane, naho vyosaba ko twirengagiza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.

7. Yezu adukura amazinda ku biki?

7 Yezu, we azi Se wiwe kuruta uwundi wese, aradukura amazinda yuko Imana yacu “izi ivyo [du]kenera n’imbere y’uko [tu]biyisaba.” (Mat. 6:8) Vyongeye, Yezu arazi ko Yehova yiteguriye kuturonsa ivyo dukeneye. Kubera ko turi abakirisu, turi mu bagize urugo rw’Imana. Turashobora rero kwemera tudakeka ko Yehova azoshira mu ngiro ingingo ngenderwako yatanze muri 1 Timoteyo 5:8.

Yehova azokwitwararika ko turonka ivyo dukeneye. Arashobora gukoresha abavukanyi bacu kugira ngo badufashe (Raba ingingo ya 8) *

8. (a) Ni ibiki vyodufasha gutsinda ubwoba bw’uko tutazoshobora kuronka ibitunga umuryango wacu? (Matayo 6:31-33) (b) Twokwigana gute umugabo n’umugore tubona kw’ishusho bagemuriye udufungurwa mushiki wacu umwe?

8 Igihe tuzi neza ko Yehova adukunda be n’uko akunda umuryango wacu, turizigira ko azoturonsa ivyo dukenera. (Soma Matayo 6:31-33.) Yehova aripfuza kuturonsa ivyo dukenera, kandi aratanga cane abigiranye urukundo. Igihe yarema ijuru n’isi, yarakoze n’ibindi uretse gusa kuduha ivyotubeshaho. Abigiranye urukundo, yarujuje isi ibintu vyotuma duhimbarwa cane. (Ita. 2:9) Naho rimwe na rimwe twoba turonka ibikwiranye n’umusi gusa, vyoba vyiza dushimye ko n’ivyo turiko turabironka. Ni Yehova aba yabiduhaye. (Mat. 6:11) Turakwiye kwibuka yuko ikintu cose c’umubiri duheba muri iki gihe, ata co kivuze ukigereranije n’ivyo Imana yacu idukunda ituronsa, haba ubu canke muri kazoza. Ivyo ni vyo Nestor na María bahavuye batahura.​—Yes. 65:21, 22.

9. Wigiye iki ku karorero ka Nestor na María?

9 Nestor na María bari bafise ubuzima bwiza cane muri Kolombiya. Bavuga bati: “Twariyumvira kworosha ubuzima kugira twagure umurimo, mugabo tugatinya ko tutohimbawe tubeshejweho n’amahera make.” None ni igiki cabafashije gutsinda ubwo bwoba? Barazirikanye uburyo butandukanye Yehova yabagaragarije urukundo. Baciye bahagarika akazi kabaronsa amahera menshi kubera bari bizigiye ko Yehova yokwamye abitwararika. Baragurishije inzu yabo maze bimukira mu gihugu aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe kuruta. None babona gute ingingo bafashe? Nestor avuga ati: “Twariboneye ko ibivugwa muri Matayo 6:33 ari ukuri. Ntitwigeze tubura ikintu na kimwe mu vy’umubiri. Vyongeye, ubu ni ho tubayeho duhimbawe kuruta.”

GUTINYA ABANTU

10. Kubera iki ari ivyumvikana ko umuntu atinya uwundi?

10 Birazwi ko abantu bamye bakoreranira ikibi. (Umus. 8:9) Nk’akarorero, abantu barakoresha nabi ubukuru bafise, abicanyi bagakora ibikorwa vy’ububisha, abana batisonera baratuka abo bigana kw’ishure bakongera bakabatera ubwoba, abantu bamwebamwe na bo bagafata nabi abo mu miryango yabo. Ntibitangaje rero kubona umuntu atinya mugenziwe. None Shetani agerageza gute gufatira ku bwoba dufise bwo gutinya umuntu?

11-12. Shetani aturwanya gute akoresheje ugutinya abantu?

11 Shetani arafatira ku bwoba dufise bwo gutinya abantu kugira ngo agerageze gutuma tudohoka maze duhagarike kwamamaza. Bivuye ku kosho ka Shetani, intwaro zarabujije igikorwa cacu zongera ziraduhama. (Luka 21:12; Ivyah. 2:10) Muri iyi si ya Shetani, abantu barakwiragiza amakuru atari yo be n’ibinyoma vyeruye ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Abemera ivyo binyoma boshobora kudutwenga, canke mbere kutugirira nabi ku mubiri. (Mat. 10:36) None twoba dutangazwa n’ayo mayeri ya Shetani? Habe namba. Yarayakoresheje no mu kinjana ca mbere.​—Ivyak. 5:27, 28, 40.

Naho abo mu muryango boturwanya, turashobora kwizigira ko Yehova adukunda (Raba ingingo ya 12-14) *

12 Kugira ubwoba bw’uko intwaro zoturwanya si co kirwanisho conyene Shetani akoresha. Hari abatinya ingene abo mu muryango wabo bazovyakira baramutse babaye Ivyabona, mbere bikabatera ubwoba kuruta kugirirwa nabi ku mubiri. Barakunda cane incuti zabo bakaba rero bipfuza ko zimenya Yehova kandi zikamukunda. Barababazwa no kwumva incuti zabo zivuga nabi Imana y’ukuri hamwe n’abasavyi bayo. Ariko rero, rimwe na rimwe incuti zabanje kurwanya ukuri, mu nyuma zarabaye Ivyabona vya Yehova. Bite ho hamwe abo mu muryango boduheba kubera ivyo dusigaye twemera? Twovyakira gute?

13. Kuba tuzi neza ko Imana idukunda, bidufasha gute kwihangana igihe abo mu muryango baduhevye? (Zaburi 27:10)

13 Turashobora guhumurizwa n’amajambo meza dusanga muri Zaburi 27:10. (Soma.) Iyo twibutse ukuntu Yehova adukunda, turumva dutekaniwe naho twoba turiko turarwanywa. Vyongeye, turizigira yuko azoturonsa impera nitwihangana. Yehova azoturonsa ivyo dukenera ku mubiri, aturonse amahoro yo mu mutima be n’ivyo dukenera mu vy’impwemu, kuruta uko uwundi uwo ari we wese yobituronsa. Ivyo ni vyo umwe Biniam twavuga yiboneye.

14. Wigiye iki ku karorero ka Biniam?

14 Biniam yarabaye Icabona ca Yehova naho yari azi ko yoshikiwe n’uruhamo rukaze. Raba ingene kuba yari azi ko Yehova amukunda vyamufashije kudatinya abantu. Avuga ati: “Uruhamo rwari rurengeye uko umuntu yobivuga. Ariko kurwanywa n’umuryango wanje, ni vyo natinya cane kuruta mbere no guhamwa n’ubutegetsi. Naratinya yuko ingingo nari nafashe yo kuba Icabona ca Yehova yobabaje dawe be n’uko umuryango wanje utobaye ukinyubaha.” Ariko rero Biniam yari azi neza ko Yehova yama yitwararika abo akunda. Biniam avuga ati: “Narazirikanye ku kuntu Yehova yari yarafashije abandi kwihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi, ukwinubwa be n’imigwi y’inkozi z’ikibi. Nari nzi ko ngumye kuri Yehova yompezagiye. Igihe nafatwa incuro n’izindi mbere nkagirirwa nabi ku mubiri, nariboneye ko iyo tugumye turi intahemuka kuri Yehova yama adufasha igihe hari ivyo dukeneye.” Yehova yarabereye Biniam Umuvyeyi koko, abasavyi biwe na bo bamubera umuryango nyakuri.

GUTINYA URUPFU

15. Kubera iki ari ibisanzwe gutinya urupfu?

15 Bibiliya iravuga ko urupfu ari umwansi. (1 Kor. 15:25, 26) Twoshobora guhagarika umutima iyo twiyumviriye ivy’urupfu, na canecane iyo turemvye canke iyo hari uwacu aremvye. Kubera iki none dutinya gupfa? Ni kubera ko Yehova yaturemanye icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. (Umus. 3:11) Ariko rero, hari igihe gutinya gupfa bishobora gukingira ubuzima bwacu. Nk’akarorero, birashobora gutuma duhitamwo neza ivyo dufungura be n’ingene twokwinonora imitsi, igihe bikenewe na ho tukarondera gufashwa n’abaganga be n’imiti, tukongera tukirinda gushira ubuzima bwacu mu kaga bidakenewe.

16. Shetani agerageza gute gufatira ku bwoba dusanganywe bwo gutinya urupfu?

16 Shetani arazi yuko dukunda ubuzima. Mugabo avuga ko twoheba ivyo dufise vyose, mbere n’ubucuti dufitaniye na Yehova, kugira gusa tuzigame ubuzima dufise ubu. (Yobu 2:4, 5) Ese ukuntu Shetani ari umubeshi! Ariko kubera ko ari we “afise uburyo bwo guteza urupfu,” aragerageza gufatira ku bwoba dusanganywe bwo gutinya urupfu kugira aduhebeshe Yehova. (Heb. 2:14, 15) Mu bihe bimwebimwe, abo Shetani akoresha baratera ubwoba abasavyi ba Yehova ko bazobica baramutse banse kwihakana ukwizera kwabo. Mu bindi bihe, Shetani yoshobora kubona ko amagara yacu ageramiwe cane maze akabifatirako kugira agerageze gutuma duhemuka. Abaganga canke abo mu muryango wacu tudasangiye ukwemera boshobora kuduhata ngo twemere guterwa amaraso, gutyo tukaba twoba turenze kw’itegeko ry’Imana. Canke na ho, vyoshika umuntu akagerageza kutujijura ngo dukoreshe ubundi buryo bwo kuvurwa buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe.

17. Twisunze Abaroma 8:37-39, ni kubera iki tudakwiye gutinya urupfu?

17 Naho tutipfuza gupfa, turazi neza ko Yehova azoguma adukunda naho vyoshika tugapfa. (Soma Abaroma 8:37-39.) Iyo abo Yehova akunda bapfuye, aguma abibuka nk’aho boba bakiri bazima. (Luka 20:37, 38) Arashashaye kubasubiza ubuzima. (Yobu 14:15) Yehova yaratanze igiciro kinini kugira ngo ‘turonke ubuzima budahera.’ (Yoh. 3:16) Turazi ko Yehova adukunda cane akongera akatwitwararika. Aho kumuheba rero iyo turwaye canke tugeramiwe n’urupfu, turamwitura kugira aduhumurize kandi aturonse ubukerebutsi n’inkomezi. Ivyo nyene ni vyo Valérie n’umugabo wiwe bakoze.​—Zab. 41:3.

18. Wigiye iki ku karorero ka Valérie?

18 Igihe Valérie yari afise imyaka 35, baramutoye ubwoko bwa kanseri butamenyerewe kandi bwica ningoga. Raba ingene urukundo rwamufashije gutsinda ubwoba bwo gupfa. Avuga ati: “Igihe twabimenya, ubuzima bwaciye buhinduka. Nari nkeneye kubagwa bimwe bikomeye kugira mbandanye kubaho. Narituye abaganga benshi, ariko bose baranse kumbaga ngo ntemeye guterwa amaraso. Naragize ubwoba, mugabo nkurikije itegeko ry’Imana, sinari kwemera guterwa amaraso. Mu buzima bwanje bwose, Yehova yaranyeretse ko ankunda cane. Ico gihe nanje nari ndonse akaryo ko kumwereka ko ndamukunda. Igihe cose naba ndonse inkuru mbi, vyaratuma mbere ndushiriza kwiyemeza gutuma Yehova anezerwa no kutareka ngo Shetani abe ari we atsinda. Mu nyuma vyarashobotse ko mbagwa hadakoreshejwe amaraso kandi biragenda neza. Naho ngifise ingorane z’amagara, Yehova yama aturonsa ivyo dukeneye. Nk’akarorero, kw’ikoraniro twagize ku mpera y’indwi imbere y’uko bantora iyo ndwara, twarize ikiganiro cavuga ngo ‘Twihanganire ingorane zo muri iki gihe n’umutima rugabo.’ * Ico kiganiro caraturemesheje cane. Twaza turagisoma twisubiriza. Ibiganiro mwene ivyo be n’akamenyero keza ko mu vy’impwemu, twe n’umugabo wanje vyaraturonkeje amahoro yo mu mutima vyongera biradufasha kuguma dutekanye no gufata ingingo nziza.”

DUTSINDE UBWOBA

19. Vuba hagiye kuba iki?

19 Abakirisu bo hirya no hino kw’isi, babifashijwemwo na Yehova barashoboye kwihanganira ibintu bitoroshe no kurwanya Shetani. (1 Pet. 5:8, 9) Na wewe wobishobora. Vuba, Yehova azotegeka Yezu n’abo bazoba bafadikanije kuganza ngo “[ba]sambure ibikorwa vya Shetani.” (1 Yoh. 3:8) Inyuma y’aho, abasavyi b’Imana bo kw’isi ‘ntibazotinya ikintu na kimwe, kandi nta mvo n’imwe bazoba bafise yo kugira ubwoba.’ (Yes. 54:14; Mika 4:4) Ariko mu kurindira ko ico gihe gishika, turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira dutsinde ubwoba.

20. Ni ibiki bizodufasha gutsinda ubwoba?

20 Turakwiye kuguma twizigiye ko Yehova akunda abasavyi biwe akongera akabakingira. Ikizobidufashamwo ni ukuzirikana ku kuntu Yehova yakingiye abasavyi biwe kera tukongera tukabiyagira abandi. Vyongeye, turashobora kuzirikana ku kuntu yadufashije umwe wese ku giti ciwe kwihanganira ibintu bitesha umutwe. Emwe, Yehova abidufashijemwo turashobora gutsinda ubwoba!​—Zab. 34:4.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

^ Gutinya ntivyama ari bibi kubera ko bishobora kudukingira akaga. Ariko rimwe na rimwe ntidukwiye gutinya, kubera ko bishobora kutugirira nabi. Uti gute? Shetani arashobora gutuma dutinya maze tugafata ingingo mbi. Biragaragara rero ko dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dutsinde ubwoba mwene ubwo. Ni ibiki none bizodufasha? Nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro, igihe tuzi neza ko Yehova ari ku ruhande rwacu kandi ko adukunda, turashobora gutsinda ubwoba ubwo ari bwo bwose.

^ Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2012, rup. 7-11.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugabo umwe n’umugore wiwe bazaniye ibifungurwa umudada umwe w’umunyamwete bari kumwe mw’ishengero be n’umuryango wiwe.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abavyeyi b’umuvukanyi umwe akiri muto baramurwanya kubera asenga Yehova, mugabo arizigiye ko Imana imushigikiye.