IKIGANIRO C’UKWIGA CA 38
URURIRIMBO RWA 25 Inyegu Imana yiharije
Ivyo wokwigira ku bigereranyo Yezu yatanze
«Umwe [azojanwa] ariko uwundi asigare.»—MAT. 24:40.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kurimbura ibigereranyo bitatu Yezu yatanze twongere turabe ingene bifitaniye isano n’igihe c’urubanza kizoba mu kiringo c’iherezo ry’iyi si.
1. Ni ibiki Yezu agiye gukora?
TUBAYEHO mu kiringo kizobamwo amahinduka menshi. Vuba Yezu agiye gucira urubanza ababa kw’isi bose. Yezu yaravuze ibizoba kw’isi imbere y’uko aca urubanza. Yarabwiye abigishwa biwe «ikimenyetso» c’ukugaruka kwiwe «n’ic’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 24:3) Ubuhanuzi bujanye n’ico kimenyetso tubusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, muri Mariko ikigabane ca 13 no muri Luka ikigabane ca 21.
2. Ni ibiki tuza kurimbura muri iki kiganiro, kandi bidufasha gute?
2 Yezu yarakoresheje ibigereranyo bitatu kugira adufashe kwitegura. Ivyo bigereranyo ni ibi: ikigereranyo c’intama n’impene, icerekeye abigeme b’ibijuju n’ab’aciye ubwenge hamwe n’icerekeye italanto. Buri kigereranyo kiradufasha gutahura ingene Yezu azocira urubanza umuntu afatiye ku vyo akora. Muri iki kiganiro, tugiye gusuzuma izo nkuru, maze turabe ivyigwa twohakura. Ikigereranyo ca mbere tugiye kurimbura ni ic’intama n’impene.
INTAMA N’IMPENE
3. Ni ryari Yezu azocira urubanza abantu?
3 Mu kigereranyo c’intama n’impene, Yezu aravuga urubanza azocira abantu afatiye ku kuntu bakiriye inkuru nziza be n’ukuntu bafashe bene wabo barobanuwe. (Mat. 25:31-46) Azobacira urubanza mu mpera y’«amakuba akomeye,» imbere gato ya Harumagedoni. (Mat. 24:21) Nka kurya nyene umwungere atandukanya intama n’impene, ni na ko Yezu azotandukanya abagumye bashigikiye abarobanuwe n’abatabashigikiye.
4. Twisunze Yesaya 11:3, 4, kubera iki twokwemera tudakeka ko Yezu niyaca urubanza ata we azorenganya? (Raba n’ifoto yo ku gipfukisho.)
4 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana ko Umucamanza Yehova yahisemwo ari we Yezu, ata we azorenganya niyaca urubanza. (Soma Yesaya 11:3, 4.) Arasuzuma yitonze ivyo abantu bakora, ivyo biyumvira n’ivyo bavuga harimwo n’ukuntu bafata abarobanuwe. (Mat. 12:36, 37; 25:40) Yezu azomenya abashigikiye abarobanuwe. a Uburyo nyamukuru umuntu ashobora kwerekana ko ashigikiye abarobanuwe ni mu kubafasha mu gikorwa co kwamamaza. Ababashigikira muri ico gikorwa, Yezu azobita «abagororotsi» kandi bazoronka «ubuzima budahera» kw’isi. (Mat. 25:46; Ivyah. 7:16, 17) Iyo izoba ari impembo nziza igitangaza abazoguma ari intahemuka bazokwironkera. Nitwaguma turi intahemuka mu gihe c’amakuba akomeye n’inyuma y’aho, amazina yacu azokwandikwa mu «gitabu c’ubuzima.»—Ivyah. 20:15.
5. Ni icigwa ikihe dukura mu kigereranyo c’intama n’impene kandi ni bande cerekeye?
5 Nugume uri intahemuka. Ikigereranyo Yezu yatanze kijanye n’intama n’impene, cerekeye ahanini abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Barerekana ko bafise ukwizera mu gushigikira benewabo na Kristu mu gikorwa co kwamamaza no mu gukurikiza ubuyobozi butangwa n’umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe Yezu akoresha mu kubayobora. (Mat. 24:45) Ariko n’abafise icizigiro co kuba mw’ijuru na bo barakwiye gukura ivyigwa muri ico kigereranyo. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu asuzuma ukuntu bigenza, ivyo biyumvira n’ivyo bavuga. Na bo nyene bakwiye kuguma ari intahemuka. Vyongeye, Yezu yaratanze ibindi bigereranyo bibiri birimwo imburi yerekeye abarobanuwe. Ivyo bigereranyo na vyo nyene tubisanga muri Matayo ikigabane ca 25. Ubu na ho, reka turimbure ikigereranyo ca ba bigeme b’ibijuju n’abaciye ubwenge.
ABIGEME B’IBIJUJU N’ABACIYE UBWENGE
6. Ba bigeme batanu berekanye gute ko baciye ubwenge? (Matayo 25:6-10)
6 Mu kigereranyo c’abigeme, Yezu yaravuze abigeme 10 bagiye gusanganira umukwe. (Mat. 25:1-4) Bose bari bizigiye guherekeza umukwe ku rubanza rw’ubugeni. Yezu yavuze ko batanu muri bo bari «baciye ubwenge» abandi batanu bari «ibijuju.» Abo bigeme baciye ubwenge bagumye bari maso kandi biteguye. Bari biteguriye kurindira umukwe aho yoshikiye hose, naho vyobaye ngombwa ko ashika ijoro ryitereye. Ni co gituma bari baje bazanye amatara kugira ashobore kubamurikira mu mwiza. Mbere bari bitwaje n’amavuta bashobora kwikorako bishitse umukwe agashika atevye. Bari bateguye ibikenewe kugira amatara yabo agume yaka. (Soma Matayo 25:6-10.) Igihe umukwe yashika, ba bigeme baciye ubwenge barinjiranye na we ahabera urubanza rw’ubugeni. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu barobanuwe bazoba biteguye mu kuguma bari maso kandi ari abizigirwa gushika Kristu agarutse, bizobonwa ko babereye gusanganira umukwe wabo Yezu, mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. b (Ivyah. 7:1-3) Bite ho ba bigeme batanu b’ibijuju?
7. Ni ibiki vyashikiye ba bigeme batanu b’ibijuju kandi kubera iki?
7 Igihe umukwe yashika, ba bigeme batanu b’ibijuju ntibari biteguye cokimwe na ba bigeme batanu baciye ubwenge. Amatara yabo yagire azime kandi nta yandi mavuta bari bafise. Igihe bamenya ko umukwe agire ashike babwirijwe kuja kugura ayandi mavuta. Rero umukwe yashitse bataragaruka. Agishika, «abigeme bari biteguye [baciye] binjirana na we ahabera urubanza rw’ubugeni, maze umuryango urugarwa.» (Mat. 25:10) Mu nyuma, igihe ba bigeme b’ibijuju bagaruka bagashaka kwinjira, umukwe yababwiye ati: «Sindabazi.» (Mat. 25:11, 12) Abo bigeme ntibari biteguye kwakira umukwe aho yoshikiye hose. None abakirisu barobanuwe bohakura icigwa ikihe?
8-9. Ni ivyigwa ibihe abakirisu barobanuwe bashobora kwigira ku kigereranyo c’abigeme? (Raba n’ifoto.)
8 Nimugume muri maso kandi mwiteguye. Yezu ntiyashatse kuvuga ko hazoba hari imigwi ibiri y’abarobanuwe, ni ukuvuga abazoba biteguriye kurindira gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si n’abatazoba biteguye. Ahubwo riho, yariko aravuga ivyoshikiye abarobanuwe bobaye batiteguriye kuguma ari intahemuka gushika kw’iherezo. Ashitse batiteguye, ntiboronse impera yabo. (Yoh. 14:3, 4) Ivyo birahambaye cane! Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, turakwiye kugumiza umutima kuri iyo mburi dusanga mu kigereranyo c’abo bigeme. Umwe wese muri twebwe ategerezwa kuguma ari maso kandi yiteguriye kuguma ari intahemuka gushika kw’iherezo.—Mat. 24:13.
9 Kugira Yezu yerekane igituma bihambaye kuguma turi maso kandi twiteguye, ahejeje kuvuga ikigereranyo ca ba bigeme, yaciye atanga ikigereranyo c’italanto. Ico kigereranyo kirerekana igituma bihambaye kuba abanyamwete.
ITALANTO
10. Ni gute abashumba babiri berekanye ko ari abizigirwa? (Matayo 25:19-23)
10 Muri ca kigereranyo c’italanto, Yezu yaravuze abashumba babiri bagumye ari abizigirwa kuri shebuja n’uwundi umwe vyananiye. (Mat. 25:14-18) Abashumba babiri berekanye ko ari abizigirwa mu gukora cane kugira shebuja aronke amahera menshi. Imbere y’uko shebuja afata urugendo rwo mu mahanga, yarabahaye italanto akaba yari amahera menshi. Ba bashumba babiri b’abizigirwa barakoranye umwete, barakoresha amahera mu rudandaza maze barunguka. None ivyo vyavuyemwo iki? Igihe shebuja yagaruka, yasanze barungutse amahera angana n’ayo yari yarabahaye. Yarabashimiye, aca ababwira ati: «Ingo [m]usangire umunezero na shobuja.» (Soma Matayo 25:19-23.) Bite ho wa mushumba agira gatatu? Yakoresheje gute amahera yahawe na shebuja?
11. Ni ibiki vyashikiye wa mushumba «w’ikinebwe» kandi kubera iki?
11 Shebuja yari yiteze ko akoresha neza italanto yamuhaye. Aho kubigenza gutyo, yaciye aja kuyinyegeza mw’ivu. Igihe shebuja yagaruka yamusubije italanto imwe yari yaramuhaye. Uwo mushumba ntiyavyifashemwo neza. Aho gusaba ikigongwe shebuja kubona vyaramunaniye kumwungukira, uwo mushumba yaramubesheye avuga ko ari «umuntu agoye». Ivyo vyatumye shebuja atamushima. N’ikiruta ivyo, italanto yari yaramuhaye yaciye ayimwaka maze aca aramwirukana mu nzu yiwe.—Mat. 25:24, 26-30.
12. Ba bashumba babiri b’abizigirwa bagereranywa na bande muri iki gihe?
12 Ba bashumba babiri b’abizigirwa bagereranywa n’abakirisu barobanuwe b’abizigirwa. Shebuja wabo Yezu ababwira ati: «Ingo [m]usangire umunezero na shobuja.» Bararonka impera yabo yo mw’ijuru biciye kw’izuka rya mbere. (Mat. 25:21, 23; Ivyah. 20:5b) Naho ari ukwo, akarorero kabi ka wa mushumba w’ikinebwe karagabisha abarobanuwe. Uti gute?
13-14. Ni icigwa ikihe abarobanuwe bashobora kwigira ku kigereranyo c’italanto? (Raba n’ifoto.)
13 Nimube abanyamwete. Igihe Yezu yatanga ikigereranyo c’italanto hamwe n’ic’abigeme ntiyariko aravuga ko abarobanuwe bazoba ibinebwe, ahubwo yariko aravuga ivyobashikiye nka hamwe botakaza umwete. Vyotumye «[bava] mu bahamagawe kandi batowe n’Imana» kandi ntibokwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru.—2 Pet. 1:10.
14 Ibigereranyo Yezu yatanze bijanye na ba bigeme be n’italanto, birerekana ko abakirisu barobanuwe bategerezwa kuguma biteguye, bari maso kandi ari abanyamwete. Ariko none hoba hari ikindi kintu Yezu yavuze cobera imburi abarobanuwe? Ego cane! Iyo mburi tuyisanga mu majambo ari muri Matayo 24:40, 41, ikaba ijanye n’urubanza rwa nyuma abarobanuwe bazocirwa.
NI BANDE ‘BAZOJANWA’?
15-16. Ibivugwa muri Matayo 24:40, 41 bifasha gute abarobanuwe kubona igituma bakeneye kuguma bari maso?
15 Imbere y’uko Yezu yigana vya bigereranyo bitatu, yaravuze urubanza rwa nyuma abarobanuwe bazocirwa, rukaba ruzokwerekana abo Imana yatoye. Yaravuze ibijanye n’abagabo babiri bari mu murima hamwe n’abagore babiri bariko barasya. Baba abo bagabo babiri bariko bakora bimwe n’abo bagore babiri bariko bakora bimwe. Ariko Yezu yavuze ko umwe «azojanwa ariko uwundi asigare.» (Soma Matayo 24:40, 41.) Yaciye asaba iki kintu abigishwa biwe: «Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako.» (Mat. 24:42) Yezu yarasubiye kuvuga amajambo asa n’ayo ahejeje kubabwira ikigereranyo ca ba bigeme. (Mat. 25:13) None ivyo vyoba bifitaniye isano? Ni ko biboneka. Abarobanuwe vy’ukuri kandi b’abizigirwa, ni bo gusa Yezu ‘azojana’ mu Bwami bwo mw’ijuru.—Yoh. 14:3.
16 Nimugume muri maso. Abarobanuwe bataguma bari maso ntibazokoranirizwa hamwe n’«abatowe.» (Mat. 24:31) Vyongeye abo bose bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi, na bo nyene bakwiye kubona ko amajambo ya Yezu ari ingabisho ibafasha kuguma bari maso kandi ari abizigirwa.
17. Kubera iki tudakwiye guhagarika umutima igihe hari abo Yehova ahisemwo kurobanura muri iki gihe cacu?
17 Turazi neza Yehova. Rero, turizigira ko ivyo akora vyose vyama bigororotse. Ntiduhagarika umutima igihe Yehova arobanuje impwemu umuntu muri iki gihe cacu c. Turibuka ivyo Yezu yavuze ku bijanye na ba bakozi baronka akazi mu murima w’imizabibu sakumi n’imwe. (Mat. 20:1-16) Abaronse akazi amasaha yitereye, baronse impembo ingana n’abatanguye akazi kuva mu gitondo. Muri ubwo buryo nyene, aho umuntu yoberako uwarobanuwe hose, azoronka impera yiwe yo mw’ijuru niyaguma ari umwizigirwa.
NUSHIRE MU NGIRO IVYIGWA DUKURA MU BIGERERANYO YEZU YATANZE
18-19. Ni ivyigwa ibihe twigiye ku bigereranyo Yezu yatanze?
18 Ni ibiki twize? Ku bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, umugani w’intama n’impene werekanye igituma bihambaye ko baguma ari abizigirwa kuri Yehova muri iki gihe, mbere no mu gihe c’amakuba akomeye agiye kuza. Imbere gato ya Harumagedoni, Yezu azocira urubanza abagumye ari abizigirwa maze «[baronke] ubuzima budahera.»—Mat. 25:46.
19 Vyongeye, twasuzumye ibigereranyo bibiri birimwo ingabisho ku barobanuwe. Muri ca kigereranyo Yezu yatanga c’abigeme baciye ubwenge n’ab’ibijuju, batanu muri bo barerekanye ko baciye ubwenge. Bari maso kandi biteguriye kurindira gushika umukwe ashitse. Ariko ba bigeme b’ibijuju ntibari biteguye. Ivyo vyatumye umukwe abankira kuja mu rubanza rw’ubugeni rwiwe. Na twebwe nyene turakwiye kuguma twiteguriye kurindira igihe Yezu azokuraho iyi si mbi. Vyongeye mu kigereranyo Yezu yatanze c’italanto, twabonye abashumba babiri b’abizigirwa kandi b’abanyamwete. Barakoreye n’umwete shebuja bituma abashima. Ariko ntiyashimye wa mushumba w’ikinebwe. Ni icigwa ikihe tuhigira? Turakwiye kuguma dukorera Yehova n’umwete gushika kw’iherezo. Ubwa nyuma, twabonye ukuntu abarobanuwe bakwiye kuguma bari maso kugira ‘bazojanwe’ na Yezu maze baronke impembo yabo yo mw’ijuru. Barashashaye ‘gukoranirizwa hamwe ngo babe kumwe’ na Yezu mw’ijuru. Inyuma y’intambara ya Harumagedoni bazoba ari umugeni wa Yezu ku bugeni bwa wa Mwagazi w’intama.—2 Tes. 2:1; Ivyah. 19:9.
20. Ni ibiki Yehova azokorera abashira mu ngiro ivyigwa dukura mu bigereranyo Yezu yatanze?
20 Igihe c’uko Yezu aza guca urubanza kiregereje cane, ariko nta codutera ubwoba. Nitwaguma turi intahemuka, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda azoduha «ububasha burengeye ubusanzwe» kugira «[du]shobore . . . guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.» (2 Kor. 4:7; Luka 21:36) Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, tuzonezereza Dawe wa twese nitwashira mu ngiro ivyigwa dukura mu bigereranyo Yezu yatanze. Kubera ko Yehova afise ubuntu buhebuje, amazina yacu «[azokwandikwa] mu gitabu» c’ubuzima.—Dan. 12:1; Ivyah. 3:5.
URURIRIMBO RWA 26 Ni je mwabikoreye
a Raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imanza Yehova yimirije guca?» co mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2024.
b Nimba wipfuza kumenya n’ibindi, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Woba ‘uzoguma uri maso’?» co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2015.
[Akajambo k’epfo]
d INSOBANURO Y’AMAFOTO: Mushiki wacu yarobanuwe ariko arigisha Bibiliya umukenyezi bahuriye mu ndimiro.