Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 17

URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi

Ntitwigera tuba twenyene

Ntitwigera tuba twenyene

«Nzogufasha.»YES. 41:10.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ibintu bine Yehova akora kugira atwitwararike.

1-2. (a)  Kubera iki twovuga ko igihe turi mu ngorane tutaba turi twenyene? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

 IGIHE turi mu ngorane zikomeye, twoshobora kwumva umenga tumeze nk’agati kari mu ruzi. Ariko ntituba turi twenyene. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda ntabona gusa izo ngorane tuba turimwo, ariko kandi aradusezeranira no kudufasha. Yehova asezeranira abasavyi biwe b’intahemuka ati: «Nzogufasha.»—Yes. 41:10.

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yehova adufasha (1) mu kutuyobora, (2) mu kuturonsa ivya nkenerwa mu buzima, (3) mu kudukingira, (4) mu kuduhoza. Yehova aradukura amazinda yuko naho twoshikirwa n’ibiki, atazokwigera atwibagira. Ntazokwigera aduheba. Rero, ntituri twenyene.

YEHOVA ARATUYOBORA

3-4. Yehova atuyobora gute? (Zaburi 48:14)

3 Soma Zaburi 48:14. Yehova arazi yuko tudashobora kwiyobora. None ayobora gute abasavyi biwe b’intahemuka muri iki gihe? Kimwe mu vyo akoresha, ni Bibiliya. (Zab. 119:105) Biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, Yehova aradufasha gufata ingingo zibereye no gutsimbataza kamere zituma duhimbarwa cane muri iki gihe, kandi zizotuma turonka ubuzima budahera. a Nk’akarorero, aratwigisha kutabika inzika, kuba imvugakuri muri vyose no gukunda abandi bimwe bivuye ku mutima. (Zab. 37:8; Heb. 13:18; 1 Pet. 1:22) Iyo tugaragaje izo kamere nziza bituma tuba abavyeyi beza, abagabo beza, abagore beza n’abagenzi beza.

4 Vyongeye, Yehova yarandikishije mw’Ijambo ryiwe inkuru z’abantu babayeho vy’ukuri bashikiwe n’ingorane zisa n’izacu, kandi bari bameze nkatwe. (1 Kor. 10:13; Yak. 5:17) Iyo dusomye izo nkuru z’ibintu vyabaye koko kandi tugashira mu ngiro ivyigwa twohakura, turahungukira n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwa mbere, turatahura ko tutari twenyene. Hariho n’abandi bashikiwe n’ingorane zisa n’izacu kandi bakazihanganira. (1 Pet. 5:9) Ubwa kabiri, biratwigisha ingene twokwihanganira ingorane turimwo.—Rom. 15:4.

5. Ni bande Yehova akoresha mu kutuyobora?

5 Yehova arakoresha kandi abo dusangiye ukwizera mu kutuyobora. b Nk’akarorero, abahagarikizi b’imizunguruko bama bagendera amashengero kugira ngo baturemeshe. Insiguro batanga zirakomeza ukwizera kwacu, zikanadufasha kuguma twunze ubumwe. (Ivyak. 15:40–16:5) Abakurambere na bo nyene baritwararika babikuye ku mutima ineza y’umwe wese mu bagize ishengero. (1 Pet. 5:​2, 3) Abavyeyi barayobora abana babo mu vy’impwemu, bakabafasha gutsimbataza ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira neza no kugaragaza kamere nziza. (Imig. 22:6) Abadada bahumuye na bo nyene barafasha abadada bakiri bato biciye ku karorero keza batanga, ku mpanuro nziza babaha, no ku ndemesho babaronsa.—Tito 2:​3-5.

6. Dukwiye gukora iki kugira ngo ubuyobozi Yehova aturonsa butugirire akamaro?

6 Yehova yama aturonsa ubuyobozi dukeneye mu buzima. Twokwerekana gute none ko dukenguruka ivyo adukorera? Mu Migani 3:​5, 6 havuga hati: «Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe.» Nitwabikora «na we azogorora inzira [zacu]», ni ukuvuga ko azodufasha kwirinda ingorane nyinshi, maze tukagira ubuzima buhimbaye cane. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova aturonsa impanuro ziranga urukundo kandi zidufasha ku giti cacu!—Zab. 32:8.

YEHOVA ARATURONSA IVYA NKENERWA MU BUZIMA

7. Yehova aturonsa gute ivya nkenerwa? (Abafilipi 4:19)

7 Soma Abafilipi 4:19. Uretse kutuyobora mu vy’impwemu, Yehova arahezagira kandi utwigoro tugira kugira turonke ivyo dufungura, ivyo twambara n’uburaro. (Mat. 6:33; 2 Tes. 3:12) Naho ari ibisanzwe guhagarika umutima twibaza ingene tuzoronka ivya nkenerwa, Yehova aturemesha kutiganyira birenze kuri ivyo bintu. (Mat. 6:25) Kubera iki? Kubera ko uwo Muvyeyi wacu atazokwigera aheba abasavyi biwe b’intahemuka igihe hari ivyo bakeneye. (Mat. 6:8; Heb. 13:5) Emwe, ntiyigera yihindukiza mw’ijambo.

8. Ni ibiki Yehova yakoreye Dawidi?

8 Raba ingene Yehova yafashije Dawidi. Mu myaka itoroshe Dawidi yamaze ari impunzi, Yehova yaramuronkeje we n’ingabo ziwe ivyo bari bakeneye kugira babeho. Dawidi azirikanye ku vyo Yehova yamukoreye muri iyo myaka, yanditse ati: «Kuva nkiri muto gushika ubu nshaje, sindigera mbona umugororotsi yahebwe, canke abana biwe basegerereza ibifungurwa.» (Zab. 37:25) Kumbure na wewe mu buzima bwawe uramaze kwibonera ingene Yehova aronsa abasavyi biwe b’intahemuka ivyo bakeneye.

9. Muri iki gihe, Yehova aronsa gute abasavyi biwe ivyo bakeneye igihe hateye icago? (Raba n’amafoto.)

9 Yehova araronsa kandi abasavyi biwe ivyo bakeneye, igihe hateye icago c’icaduka. Nk’akarorero, igihe hatera inzara mu kinjana ca mbere, abavukanyi bo mu bihugu bitandukanye bararungikiye imfashanyo bagenzi babo bari n’ivyo bakeneye. (Ivyak. 11:​27-30; Rom. 15:​25, 26) No muri iki gihe, abasavyi b’Imana barafasha bagenzi babo baba bari n’ivyo bakeneye. Iyo hateye icago, Yehova aravyurira umutima abasavyi biwe bakarungikira abari mu turere twatewe n’ico cago ibintu vya nkenerwa, nk’ibifungurwa, amazi, ivyambarwa n’imiti. Imigwi y’abubatsi irasanura amazu n’Ingoro z’Ubwami biba vyononekaye. Vyongeye, abasavyi ba Yehova barihutira guseruka ku babuze ivyabo canke ababo, bakabaronsa indemesho zishingiye ku Vyanditswe. c

Yehova aturonsa gute uruhoza mu gihe c’ivyago? (Raba ingingo ya 9) e


10-11. Wigira iki ku vyashikiye Borys?

10 Yehova kandi abigiranye umutima mwiza, araronsa abantu batamusenga ivyo bakeneye. Na twebwe turigana Yehova, tukarondera uturyo two gukorera iciza abo tudasangiye ukwizera. (Gal. 6:10) Akenshi ivyo biratuma abantu bipfuza kumenya vyinshi ku bitwerekeye. Raba ivyashikiye umuyobozi umwe w’ishure muri Ukraine yitwa Borys. Naho Borys atari Icabona ca Yehova, yama afatana umutima mwiza abanyeshure b’Ivyabona, kandi akubahiriza ivyo bemera. Igihe Borys yafata ingingo yo guhunga intambara yari mu karere iwabo akaja ahatekanye, abavukanyi baramufashije. Mu nyuma yaritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Borys yibutse ivyamushikiye, avuga ati: «Ivyabona vya Yehova baranteze yompi bongera baranyitwararika. Ndabashimira cane.»

11 Na twebwe turashobora kwigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru w’umunyembabazi mu kugaragariza urukundo abari n’ivyo bakeneye, twaba dusangiye ukwizera canke tutagusangiye. (Luka 6:​31, 36) Turizigira ko akigoro tugira kugira twereke abandi ko tubakunda, kazotuma baba abigishwa ba Kristu. (1 Pet. 2:12) Ariko uko vyogenda kwose, tuzogira umunezero mwinshi uva ku gutanga.—Ivyak. 20:35.

YEHOVA ARADUKINGIRA

12. Ni ugukingirwa nyabaki Yehova asezeranira abasavyi biwe uko bagize umugwi? (Zaburi 91:​1, 2, 14)

12 Soma Zaburi 91:​1, 2, 14. Muri iki gihe, Yehova asezerana kudukingira mu buryo bw’impwemu. Ntazokwigera yemera ko Shetani yonona ugusenga kw’ukuri. (Yoh. 17:15) Vyongeye, ya «makuba akomeye» niyatangura, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshitsa umuhango wiwe wo gukingira abasavyi biwe, atari gusa mu buryo bw’impwemu ahubwo ko azonabarokora.—Ivyah. 7:​9, 14.

13. Ni mu buryo ubuhe Yehova adukingira umwumwe ku giti ciwe?

13 Ni ugukingirwa nyabaki Yehova aturonsa umwumwe ku giti ciwe? Biciye kuri Bibiliya, Yehova aradufasha gutandukanya iciza n’ikibi. (Heb. 5:14) Igihe tubayeho twisunga ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana, tuba twikingiye ingorane zo mu vy’impwemu no ku mubiri. (Zab. 91:4) Vyongeye, Yehova aradukingira biciye kw’ishengero. (Yes. 32:​1, 2) Igihe dufise abagenzi bakunda Yehova kandi babaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe, baraturemesha bagatuma turonka inkomezi zo kunanira inyosha mbi.—Imig. 13:20.

14. (a) Kubera iki Imana itadukingira ingorane zose? (b) Zaburi 9:10 idukura amazinda ku biki? (Raba n’akajambo k’epfo.)

14 Muri kahise, Yehova rimwe na rimwe yarakingira abasavyi biwe kugira ntibashikirwe n’akaga. Ariko rero, ntiyabikora buri gihe. Hari igihe dushikirwa n’ingorane kubera «ibintu bishika giturumbuka.» (Umus. 9:11) Vyongeye, kuva kera na rindi Yehova yarareka abasavyi biwe bagahamwa canke mbere bagapfa, kugira yerekane ko Shetani ari umubeshi. (Yobu 2:​4-6; Mat. 23:34) Ni ko biri no muri iki gihe. Naho Yehova atodukura mu ngorane turimwo, turashobora guhera amazinda ko atazokwigera aheba abamukunda. dZab. 9:10.

YEHOVA ARADUHOZA

15. Turonka gute uruhoza biciye kw’isengesho, Ijambo ry’Imana n’abakirisu bagenzi bacu? (2 Abakorinto 1:​3, 4)

15 Soma 2 Abakorinto 1:​3, 4. Rimwe na rimwe turagira intuntu, amaganya canke umubabaro. Ushobora kuba uriko urashikirwa n’ingorane zituma wumva umenga uri wenyene. None hoba hari n’umwe agutahura? Ego cane, Yehova aragutahura. Ntatahura gusa umubabaro dufise, ahubwo «[arana]duhoza mu bigeragezo vyacu vyose.» Uti gute? Iyo dutakambiye Yehova mw’isengesho, aca aduha «amahoro y’Imana arengeye ugutahura kwose.» (Flp. 4:​6, 7) N’igihe dusomye Ijambo ry’Imana Bibiliya turaronka uruhoza. Iyo dusomye Bibiliya maze tukabona ingene Yehova adukunda cane, ingene adufasha kuba inkerebutsi, tukabona n’icizigiro aturonsa, turumva turemye. Amakoraniro yacu na yo nyene araturonsa uruhoza, kuko tuhahurira n’abavukanyi badukunda, tukaharonkera n’indemesho zishingiye kuri Bibiliya.

16. Ivyashikiye Nathan na Priscilla bikwigisha iki?

16 Reka turabe ivyashikiye Nathan na Priscilla bo muri Amerika, kugira tubone ingene Yehova atanga uruhoza n’indemesho biciye kw’Ijambo ryiwe. Mu myaka iheze, barafashe ingingo yo kwimukira ahakenewe cane abamamaji. Nathan avuga ati: «Twari twizigiye ko Yehova azoduhezagira.» Ariko bamaze gushikayo, baciye bashikirwa giturumbuka n’ingorane z’amagara be n’iz’ivy’ubutunzi. Vyahavuye biba ngombwa ko basubira iwabo, kandi ingorane z’ivy’ubutunzi bari bafise zarabandanije. Nathan avuga ati: «Naguma nibaza igituma Imana itaduhezagiye nk’uko twavyiyumvira. Harageze mbere naho niyumvira nimba ata kibi noba narakoze.» Ariko mu nyuma Nathan na Priscilla bahavuye bibonera ko Imana itari yarabahevye. Nathan avuga ati: «Muri ivyo bihe bitoroshe, Bibiliya yatubereye nk’umugenzi ahumuye aturemesha akongera akatuyobora. Kugumiza umutima ku kuntu Yehova yadufashije kwihanganira izo ngorane, aho kuwugumiza kuri izo ngorane ubwazo, vyaradukuye amazinda ko azotuba hafi naho twoshikirwa n’izindi muri kazoza.»

17. Mushiki wacu yitwa Helga yaronse uruhoza gute? (Raba n’ifoto.)

17 Abavukanyi bacu na bo nyene barashobora kuturonsa uruhoza. Uti gute? Raba akarorero ka mushiki wacu yitwa Helga wo muri Hongiriya. Yaramaze imyaka mirongo ashikirwa n’ingorane zitari nke zatumye yihebura cane, asigara yumva ko ata co amaze. Ariko asubije amaso inyuma, aribonera ingene Yehova yamuhojeje biciye ku bagize ishengero. Avuga ati: «Yehova yamye amba hafi igihe cose yaba abonye ko nduhijwe n’akazi nkora, kwitwararika umwana wanje yari arwaye be no kubera izindi ngorane. Mu myaka 30 yose iheze, nta musi n’umwe atigeze andemesha. Akenshi abigira biciye ku majambo aremesha abandi bambwira, aranga ubuntu kandi yerekana ko banyitwararika. Akatari gake nagiye ndaronka aka mesaje, agakete canke akajambo k’indemesho, ku gihe nyene naba ndabikeneye cane.»

Yehova yoshobora gute kugukoresha mu guhoza abandi? (Raba ingingo ya 17)


18. Twohoza abandi gute?

18 Na twebwe turashobora kwigana Imana mu guhoza abandi. None twobigira gute? Turashobora kubatega yompi twihanganye, tukababwira amajambo aremesha, tukongera tukabafasha mu vyo bakeneye. (Imig. 3:27) Turihatira kuremesha abari mu ngorane, ushizemwo n’abadasenga Yehova. Igihe ababanyi bacu batuntuye, barwaye canke bafise amaganya, turaja kubaraba, tukabatega yompi, tukongera tukabasomera imirongo iremesha yo muri Bibiliya. Iyo twiganye Yehova, ya «Mana y’uruhoza rwose», ntidufasha gusa abo dusangiye ukwizera kwihanganira ingorane, ariko kandi tuba dutumye n’abadasenga Yehova bipfuza kumumenya.—Mat. 5:16.

YEHOVA AZOKWAMA ADUFASHA

19. Ni ibiki Yehova adukorera, kandi twomwigana gute?

19 Yehova aritwararika cane abamukunda bose. Ntaduheba igihe turi mu ngorane. Yehova aritwararika abasavyi biwe b’intahemuka nka kurya nyene umuvyeyi yitwararika umwana wiwe. Aratuyobora, akaturonsa ivyo dukeneye, akadukingira akongera akaduhoza. Iyo turemesheje abandi tukongera tukabashigikira igihe bari mu ngorane, tuba twiganye uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Naho twoshikirwa n’ingorane canke ibintu bitubabaza, turizigira tudakeka ko Yehova ari kumwe natwe. Kanatsinda adusezeranira ati: «Ntutinye kuko ndi kumwe nawe.» (Yes. 41:10) Ese ingene ivyo biduhumuriza! Vy’ukuri, ntitwigera tuba twenyene.

URURIRIMBO RWA 100 Tubakirane igishika

a Raba ikiganiro kivuga ngo «Nufate ingingo zitera iteka Imana», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2011.

b Raba ikiganiro kivuga ngo «Nugume ugamburuka ubuyobozi bwa Yehova», mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2024, ingingo ya 11-14.

c Ja kuri jw.org wandike ngo «Ibikorwa vyo gutabara» kugira wirabire uburorero bw’ibikorwa nk’ivyo biheruka gukorwa.

d Raba «Ibibazo vy’abasomyi», mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2017.

e INSOBANURO Y’IFOTO: Abavukanyi bo muri Malawi, bariko bararonswa imfashanyo be n’indemesho zishingiye kuri Bibiliya inyuma y’icago c’icaduka.