Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 15

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

‘Kwegera Imana bitubera vyiza’

‘Kwegera Imana bitubera vyiza’

«Ariko jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.»Zab. 73:28.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene tworushiriza kwiyegereza Yehova be n’ivyiza twironkera tubigize.

1-2. (a) Ni ibiki umuntu akora kugira agiranire ubugenzi n’uwundi? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

 WOBA ufise umugenzi somambike? Ubugenzi bwanyu bwatanguye gute? Ushobora kuba waramarana umwanya na we, uramenya ingorane afise, wongera uramenya ivyo akunda n’ivyo yanka. Wahavuye usanga afise kamere nziza cane woshima kwigana. Waciye wumva umukunze.

2 Kugira uronke umugenzi somambike bisaba umwanya n’akigoro. Ni na ko bigenda iyo umuntu ashaka kugiranira ubugenzi somambike na Yehova Imana. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ingene tworushiriza kwiyegereza Imana, be n’ivyiza twironkera tubigize. Reka tubanze turabe igituma ari vyiza kwiyegereza Umugenzi wacu mwiza kuruta abandi, ari we Yehova.

3. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku vyiza biva ku kwiyegereza Yehova? Tanga akarorero.

3 Nta gukeka ko wemera yuko kwiyegereza Yehova ari vyiza. Ariko kuzirikana ku vyiza twironkera tubigize birashobora gutuma turushiriza kumwiyegereza. (Zab. 63:​6-8) Nk’akarorero, turazi ko gufungura neza, kwinonora imitsi, kuruhuka bikwiye no kunywa amazi akwiye, bitugirira akamaro. Naho ari ukwo, abantu benshi ntibavyitwararika, kandi barafata minenerwe amagara yabo. Yamara turushirije kuzirikana ku vyiza twironkera iyo twitwararitse amagara yacu, vyoshobora gutuma turushiriza gukora ibituma tuyabungabunga. Muri ubwo buryo nyene, twoshobora kuba tuzi yuko kwiyegereza Yehova bitubera vyiza, ariko kuzirikana ku vyiza twironkera tubigize birashobora gutuma turushiriza kwiyegereza uwo Mugenzi wacu.—Zab. 119:​27-30.

4. Ni ibiki uwanditse Zaburi 73:28 yavuze?

4 Soma Zaburi 73:28. Umwanditsi wa Zaburi ya 73 yari Umulewi yacuraranga ku rusengero rwa Yehova. Ashobora kuba yari amaze imyaka myinshi akorera Yehova adahemuka. Naho ari kwo, yarabonye ko vyari bihambaye yuko yiyibutsa ko «kwegera Imana» bimubera vyiza. Kandi yashaka ko n’abandi bobibona gutyo. None kwegera Imana birimwo ivyiza ibihe?

«KWEGERA IMANA» BITUMA DUHIMBARWA

5. (a) Kubera iki kurushiriza kwiyegereza Yehova bituma duhimbarwa? (b) Wisunze Imigani 2:​6-16, tanga uburorero butomoye bwerekana ingene ubukerebutsi buva kuri Yehova bukugirira akamaro wewe ku giti cawe bukongera bukagukingira.

5 Uko turushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko turushiriza guhimbarwa. (Zab. 65:4) Kandi ushima, hariho imvo nyinshi zotuma duhimbarwa. Kimwe coco, iyo dukurikije ubukerebutsi nyabwo dusanga mw’Ijambo ryiwe Bibiliya biratugirira akamaro. Ubwo bukerebutsi buradukingira inyosha mbi, bugatuma twirinda no gukora amakosa akomeye. (Soma Imigani 2:​6-16.) Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: «Hahiriwe umuntu yironkera ubukerebutsi be n’umuntu yironkera ugutahura.»—Imig. 3:13.

6. Ni igiki catumye wa mwanditsi wa zaburi atakaza umunezero?

6 Ariko ntiwumve, n’abagenzi ba Yehova birashika bakagira umubabaro. Uwanditse Zaburi ya 73 yaratakaje umunezero igihe yatangura kugira ivyiyumviro bica intege. Yiyumvira ko abantu babi batitaho ivy’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo, babayeho ata co binona. Ivyo vyaramubabaje cane aca atangura no kubagirira ishari. Yiyumvira yuko abantu b’ababisha kandi bishima ari bo batunze, bafise amagara meza, mbere ko badashikirwa n’imibabaro. Ariko yarihenda. (Zab. 73:​3-7, 12) Uwanditse iyo zaburi vyaramubujije amahoro cane ku buryo agera aho yiyumvira ko gukorera Yehova ata co bimaze. N’umubabaro mwinshi yavuze ati: «Ni ukuri natyororeye ubusa umutima wanje, nakarabiye ubusa intoke zanje mu kwerekana ko ndi intungane.»—Zab. 73:13.

7. Dukwiye gukora iki iyo tubabaye? (Raba n’ifoto.)

7 Naho uwanditse iyo zaburi yari ababaye cane, yaragize ico akoze kugira ahindure ibintu. ‘Yarinjiye aheranda h’Imana hakomeye’, aho Yehova yamufashirije gukosora ivyiyumviro vyiwe. (Zab. 73:​17-19) Iyo tubabaye, wa Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi ari we Yehova arabimenya. Nitwamusenga tumusaba ngo atuyobore, kandi tukemera imfashanyo aturonsa biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishengero, tuzoronka inkomezi zidufasha kwihanganira ibitubabaza. Mbere n’igihe twoba turengewe n’amaganya Yehova azoduhumuriza yongere aduhoze.—Zab. 94:19. a

Wa Mulewi yandika Zaburi ya 73, ahagaze «aheranda h’Imana hakomeye» (Raba ingingo ya 7)


«KWEGERA IMANA» BITUMA TUGIRA INTUMBERO MU BUZIMA BE N’ICIZIGIRO

8. Ni mu bundi buryo ubuhe kwegera Imana bitubera vyiza?

8 Kwegera Imana biratubera vyiza no mu bundi buryo bubiri. Ubwa mbere, biratuma tugira intumbero mu buzima. Ubwa kabiri, biratuma tugira icizigiro gikomeye ca kazoza. (Yer. 29:11) Reka dusuzume ivyo bintu bibiri twitonze.

9. Ni mu buryo ki kwiyegereza Yehova bituma tugira intumbero mu buzima?

9 Kwiyegereza Yehova biratuma tugira intumbero mu buzima. Abantu benshi batemera Imana muri iki gihe, babona ko ubuzima ata ntumbero bufise be n’uko amaherezo abantu bazozimangana. Ariko biciye ku vyo twize mw’Ijambo ry’Imana, twarajijutse yuko Imana «iriho be n’uko ihemba abayironderana umwete.» (Heb. 11:6) Mbere no muri iki gihe, tubayeho duhimbawe kubera ko turiko turakora ico twaremewe gukora, na co akaba ari gukorera Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova.—Gus. 10:​12, 13.

10. Twisunze Zaburi 37:​29, ni igiki Yehova asezeranira abamwizigira?

10 Abantu benshi nta cizigiro bafise. Babona ko ubuzima ari ugukora akazi gusa, kwubaka izabo, kuvyara abana, no kuziganya utwo bazokwikorako nibakukuruka. Nta na kimwe bazi ku vyo Imana isezerana. Ariko abasavyi ba Yehova bobo baramwizigira. (Zab. 25:​3-5; 1 Tim. 6:17) Turizigira iyo Mana yacu ikaba n’Umugenzi wacu, kandi turizigira ivyo yadusezeraniye. Muri ivyo yadusezeraniye, harimwo no kumusenga ibihe bidahera twibera mw’Iparadizo.—Soma Zaburi 37:29.

11. Kwegera Imana bidufasha gute, kandi bituma Imana imererwa gute?

11 Kwegera Imana bitubera vyiza no mu bundi buryo butari buke. Nk’akarorero, Yehova asezerana kubabarira ibicumuro vy’abasavyi biwe igihe bigaye. (Yes. 1:18) Ivyo bituma tutaguma twiyagiriza kubera ibicumuro twakoze kera. (Zab. 32:​1-5) Ikigeretseko, turashobora kunezereza umutima wa Yehova. (Imig. 23:15) Nta gukeka ko nawe ushobora kwiyumvira ibindi vyiza umuntu yironkera kubera afitaniye ubucuti bwiza n’Imana. None wokora iki kugira ugume wiyegereza Imana?

INGENE WOGUMA ‘WIYEGEREZA IMANA’

12. Ni ibiki wakoze kugira ngo wiyegereze Imana?

12 Nimba warabatijwe, hari ibintu bitari bike umaze gukora kugira ngo wiyegereze Yehova. Warize ibintu vyinshi ku vyerekeye Yehova Imana na Kristu Yezu, urigaya ibicumuro vyawe, urizera Imana wongera urihatira kubaho uhuza n’ivyo Imana igomba. Ariko rero, kugira turushirize kwiyegereza Imana, dutegerezwa kubandanya dukora ivyo bintu.—Kol. 2:6.

13. Ni ibintu bitatu ibihe vyodufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova?

13 Ni ibiki vyodufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova? (1) Dutegerezwa kubandanya gusoma Bibiliya no kuyiga. Ivyo dukwiye kubigira dufise intumbero yo kwiga n’ibindi, uretse gusa inyigisho z’ishimikiro zerekeye Imana. Turakwiye kugerageza gutahura ivyo Imana yipfuza ko dukora, tukongera tukayoborwa n’ingingo ngenderwako ziwe dusanga muri Bibiliya. (Ef. 5:​15-17) (2) Dutegerezwa gukomeza ukwizera kwacu mu kuzirikana ku bimenyamenya vyinshi bitwereka ko adukunda. (3) Dutegerezwa kubandanya twanka ibintu bibabaza Yehova no kwirinda kugiranira ubugenzi n’ababikora.—Zab. 1:1; 101:3.

14. Twisunze 1 Abakorinto 10:​31, ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora mu buzima bwa misi yose kugira duhimbare Yehova? (Raba n’amafoto.)

14 Soma 1 Abakorinto 10:31. Birahambaye ko tuguma dukora ibintu bihimbara Yehova. Ivyo ntibigarukira gusa ku vyo dukora mu ndimiro canke ku makoraniro. Mu bikorwa vyiza bihimbara Yehova, harimwo n’ivyo dukora mu buzima bwa misi yose. Nk’akarorero, igihe tuvugisha ukuri muri vyose tukongera tugasangira n’abandi ivyo dufise, birahimbara Yehova. (2 Kor. 8:21; 9:7) Yipfuza kandi ko twerekana ko twubaha cane ubuzima yaduhaye. Igihe tugumanye uburimbane mu vyo dufungura no mu vyo tunywa, no mu bindi bintu vyose dukora kugira ngo twitwararike amagara yacu, biratuma turushiriza kwiyegereza uwaduhaye ubuzima. Akigoro kose tugira kugira ngo duhimbare Yehova, mbere no mu tuntu womengo ni dutoyi, karatuma arushiriza kudukunda.—Luka 16:10.

Kugendesha ivyuma neza, kwitwararika amagara yacu mu kwinonora imitsi no mu gufungura neza, be no gufasha abandi, ni bimwe mu bintu twokora kugira duhimbare Imana (Raba ingingo ya 14)


15. Yehova yiteze ko dufata abandi gute?

15 Yehova agirira neza abantu bose, baba bagororotse canke batagororotse. (Mat. 5:45) Yiteze ko natwe tubigenza gutyo nyene. Nk’akarorero, dutegerezwa ‘kutagira uwo tuvuga nabi, kutaba abanyamahane no kwama twerekana ubwitonzi ku bantu bose.’ (Tito 3:2) Ivyo bituma tudasuzugura abandi kubera gusa tudasangiye ukwizera. (2 Tim. 2:​23-25) Igihe rero twama dufata neza abandi kandi tukabubaha, biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova.

TURASHOBORA ‘KWIYEGEREZA IMANA’ N’IGIHE BISHITSE TUGATSITARA

16. Haciye igihe kanaka, wa mwanditsi wa Zaburi ya 73 yari asigaye yibona gute?

16 Bite ho nka hamwe inyuma y’ikiringo kanaka, wotangura kubona ko utakibereye gukundwa na Yehova? Nk’uko twabibonye, ivyo nyene ni vyo vyashikiye wa mwanditsi wa Zaburi ya 73. Yavuganye akababaro ati: «Ibirenge vyanje vyarahatswe guta inzira. Ibirenge vyanje vyarahatswe kunyerera.» (Zab. 73:2) Nk’uko avyiyemerera, imbere ya Yehova yari asigaye «yihebuye», «ameze nk’ikijuju», «ameze nk’igikoko kitagira ubwenge.» (Zab. 73:​21, 22) Yoba yavuze gutyo kubera ko ubugoyagoye yagize bwatuma abona ko ari akahebwe, ko atakibereye gukundwa na Yehova?

17. (a) Naho wa mwanditsi wa zaburi yari yacitse intege, yakoze iki? (b) Ni icigwa ikihe dukura ku vyamushikiye? (Raba n’amafoto.)

17 Naho wa mwanditsi wa zaburi yumva umengo ntagikundwa na Yehova, vyamaze igihe gito gusa. Biboneka ko n’igihe yari yacitse intege yabona ko akeneye kurushiriza kwiyegereza Imana, nk’uko bibonekera muri aya majambo yavuze agira ati: «Ariko ubu namana nawe [Yehova]. Waramfashe ukuboko kw’ukuryo urangumya. Unyobora ukoresheje impanuro yawe, kandi mu nyuma uzonjana ku buninahazwa.» (Zab. 73:​23, 24) Igihe na twebwe ducitse intege, dukwiye kubona Yehova nk’igitandara cacu. (Zab. 73:26; 94:18) Naho vyoshika ibirenge vyacu bigata inzira akanya gato, turashobora kugaruka kuri Yehova twizigiye ko ‘yiteguriye kutubabarira.’ (Zab. 86:5) Iyo ducitse intege, ni ho canecane tuba dukwiye kurushiriza kwiyegereza Imana yacu.—Zab. 103:​13, 14.

Igihe twumva ducitse intege, turakwiye kwiyegereza Yehova mu kurushiriza kugira uruhara mu bikorwa vy’impwemu (Raba ingingo ya 17)


TURASHOBORA ‘KWIYEGEREZA IMANA’ IBIHE VYOSE

18. Kubera iki kwiyegereza Yehova bitagira iherezo?

18 Kwiyegereza Yehova no kumumenya neza ntibigira iherezo. Bibiliya ivuga ko inzira za Yehova, ubukerebutsi bwiwe be n’ubumenyi bwiwe ‘birengeye ugutahura.’—Rom. 11:33.

19. Ibivugwa mu mazaburi bidukura amazinda ku biki?

19 Zaburi 79:13 ivuga iti: «Natwe abantu bawe, ubusho bwo mu buragiro bwawe, tuzoheza tugukengurukire ibihe vyose. Tuzokwama tugushemeza uko urunganwe ruzokurikira urundi.» Na wewe nyene, urashobora guhera amazinda ko niwaguma wiyegereza Imana, uzoronka imihezagiro y’ibihe bidahera, kandi ukavugana ubujijutsi uti: «Imana ni yo gitandara canje n’umugabane wanje ibihe vyose.»—Zab. 73:26.

URURIRIMBO RWA 32 Ja ku ruhande rwa Yehova!

a Abantu baguma bahagaritse umutima cane, bakama bafise amaganya n’umubabaro, vyoba vyiza bituye umuganga. Ushaka ayandi makuru, raba Umunara w’Inderetsi No. 1 2023.