Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 41

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

Ivyo Yezu yakoze mu misi 40 ya nyuma yamaze kw’isi bitwigisha iki?

Ivyo Yezu yakoze mu misi 40 ya nyuma yamaze kw’isi bitwigisha iki?

«Yamaze imisi 40 abiyereka yongera ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana.»—IVYAK. 1:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene twokwigana akarorero Yezu yadusigiye, turavye ivyo yakoze mu misi 40 ya nyuma yamaze kw’isi.

1-2. Ni ibiki vyabaye igihe abigishwa babiri ba Yezu bariko baraja i Emawusi?

 NI KU wa 16 Nisani 33. Abigishwa ba Yezu baratuntuye kandi batekewe n’ubwoba. Babiri muri bo, barava i Yeruzalemu bakaja mu gasagara kitwa Emawusi, kari nko ku bilometero 11 uvuye i Yeruzalemu. Abo bagabo barihebuye cane kubera ko Shebuja wabo Yezu aherutse kwicwa. Ivyo bari bizigiye ko Mesiya yobakoreye, vyasa n’ibitagishoboka. Ariko bidatevye uwo mubabaro urahera.

2 Umugabo umwe batazi, arabegera maze bagafatana urugendo. Abo bigishwa baramwiganira ibintu bibabaje vyashikiye Yezu. Uwo mugabo aca atangura kubabwira ibintu batopfuye bibagiye. «Ahera ku vyo Musa yanditse no ku vyo abahanuzi bose banditse», akabasigurira igituma Mesiya yari gushikirwa n’ivyo bintu vyose hanyuma akicwa. Abo bagabo batatu bashitse i Emawusi, umwe batari bazi aca abibwira, ko ari Yezu yari yazutse. Iyumvire nawe umunezero abo bigishwa bagize bamenye ko Mesiya yari muzima!—Luka 24:​13-35.

3-4. Ni ibiki vyashikiye abigishwa ba Yezu, kandi twihweza ibiki muri iki kiganiro? (Ivyakozwe 1:3)

3 Yezu yariyeretse abigishwa biwe incuro zitandukanye mu kiringo c’imisi 40 ya nyuma yamaze ng’aha kw’isi. (Soma Ivyakozwe 1:3.) Ico gihe abayoboke ba Yezu bari bishwe n’intuntu be n’ubwoba, barasubiriye kugira umunezero, bararema, bagira n’umutima rugabo wo kwamamaza no kwigisha inkuru nziza yerekeye Ubwami. a

4 Kwiga ivyo Yezu yakoze muri ico kiringo, biraza kudufasha cane. Tugiye kuraba uko Yezu yakoresheje ico kiringo (1) kugira ngo aremeshe abigishwa biwe, (2) kugira ngo abafashe gutahura neza Ivyanditswe, (3) kugira ngo abamenyereze ku bw’amabanga ahambaye bohavuye bashingwa. Turaza no kubona ingene twokwigana akarorero ka Yezu muri ivyo bihe vyose.

NUREMESHE ABANDI

5. Kubera iki abigishwa ba Yezu bari bakeneye kuremeshwa?

5 Abigishwa ba Yezu bari bakeneye indemesho. Uti kubera iki? Bamwe muri bo bari barahevye amazu yabo, imiryango yabo n’ubuzi bakora, kugira ngo bagume bakurikira Yezu. (Mat. 19:27) Abandi bari basigaye babonwa ko ari ibicibwa mu kibano, kubera ko bari bemeye kuba abigishwa ba Yezu. (Yoh. 9:22) Ivyo vyose babihevye kubera ko bemera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Mat. 16:16) Ariko igihe Yezu yicwa, baracitse intege babona ko ivyo bari bizigiye bibaye impfagusa.

6. Ni ibiki Yezu yakoze amaze kuzuka?

6 Yezu yaratahura intuntu abigishwa biwe bari bafise, aho kubona ko yaterwa n’ukubura ukwizera. Ni co gituma amaze kuzuka yaciye atangura kubaremesha. Nk’akarorero, yariyeretse Mariya Magadalena igihe yariko araririra ku mva yiwe. (Yoh. 20:​11, 16) Yariyeretse kandi na ba bigishwa babiri twavuga mu ntango y’iki kiganiro. Vyongeye, yariyeretse intumwa Petero. (Luka 24:34) Ni ibiki none twigira kuri ako karorero ka Yezu? Raba ivyabaye igihe yiyereka Mariya Magadalena.

7. Twisunze ibivugwa muri Yohani 20:​11-16, Yezu yabonye Mariya ariko akora iki mu gitondo co ku wa 16 Nisani, kandi yaciye akora iki? (Raba n’ifoto.)

7 Soma Yohani 20:​11-16. Ku wa 16 Nisani hari abagore b’intahemuka bazindukiye ku mva ya Yezu. (Luka 24:​1, 10) Reka twibande ku vyashikiye umwe muri bo, ari we Mariya Magadalena. Igihe Mariya yashika kuri iyo mva yasanze igaragara. Yaciye anyaragasa aja kubibwira Petero na Yohani, baca baza biruka kuraba ivyari vyabaye, na we aza abiruka inyuma. Abo bagabo bamaze kubona ko iyo mva igaragara, baciye basubira muhira iwabo. Ariko Mariya we, yagumye aho ku mva arira. Ntiyari azi ko Yezu yariko aramwihweza. Abonye ingene uwo mugore w’umwizigirwa yariko ariyuha iryosozi, vyaramukoze ku mutima cane. Yaciye rero amwiyereka, maze akora ikintu gisanzwe yamara camuremesheje cane. Yaramuganirije, aca amushinga igikorwa gihambaye co kuja kubwira intumwa ziwe ko yari yazutse.—Yoh. 20:​17, 18.

Niwigane Yezu mu kwitaho kumenya ingorane ziriko zirashikira abavukanyi wongere ubahumurize (Raba ingingo ya 7)


8. Twokwigana Yezu gute?

8 Twokwigana Yezu gute? Twomwigana mu kuremesha abavukanyi na bashiki bacu kuguma bakorera Yehova. Cokimwe na Yezu, ivyo bisaba ko tumenya ingorane bariko baracamwo, tukongera tukabayagisha mu buryo buhumuriza. Raba nk’akarorero ivyashikiye mushiki wacu yitwa Jocelyn igihe yabura mwenewabo ahitanywe n’isanganya. Avuga ati: «Naramaze amezi menshi ntuntuye cane.» Ariko rero hari umuvukanyi n’umukenyezi wiwe bamutumiye iwabo baramwumviriza babigiranye impuhwe, bongera baramuhumuriza ko Yehova amukunda cane. Jocelyn avuga ati: «Kubera nari mu mwiheburo meze nk’umuntu agira asome nturi, nabonye ko Yehova ari we abarungitse kugira ngo bantabare. Baramfashije maze ndagarura agatege ko gusubira gukorera Yehova.» Na twebwe turashobora kuremesha abandi mu kubatega yompi twitonze igihe baduserurira ingorane bafise, no mu kubayagisha tubigiranye impuhwe kugira tubagarurire agatege ko gusubira gukorera Yehova.—Rom. 12:15.

BAFASHE GUTAHURA NEZA IVYANDITSWE

9. Ni ingorane iyihe abigishwa ba Yezu bari bafise, kandi Yezu yabafashije gute?

9 Abigishwa ba Yezu baremera Ijambo ry’Imana kandi barihatira kurikurikiza mu buzima bwabo. (Yoh. 17:6) Naho ari ukwo, ntibatahuye igituma Yezu yishwe nk’inkozi y’ikibi, akamanikwa ku giti co kubabarizwako. Yezu yaratahura ko batabitumwa n’umutima mubi, ahubwo ko vyava ku kudatahura neza Ivyanditswe. (Luka 9:​44, 45; Yoh. 20:9) Yaciye rero abafasha kubitahura neza. Raba ingene yabigize igihe yiyereka ba bigishwa babiri ku nzira ija i Emawusi.

10. Yezu yafashije gute abigishwa biwe gutahura yuko ari we yari Mesiya vy’ukuri? (Luka 24:​18-27)

10 Soma Luka 24:​18-27. Urabona ko Yezu ataciye yihishurira abo bagabo. Ahubwo yarababajije ibibazo. Uti kubera iki? Kumbure yipfuza ko bamuserurira akari ku mutima, kandi ni vyo nyene barabigize. Bamubwiye ko bari biteze ko Yezu yorokoye Abisirayeli akabakura mu gahahazo k’Abaroma. Bamaze guserura neza ivyari bibaraje ishinga, Yezu yaciye akoresha Ivyanditswe kugira abafashe gutahura neza ivyari vyabaye. b Mu nyuma kuri uwo mugoroba, Yezu yariyeretse abandi bigishwa arabasigurira ubwo buhanuzi. (Luka 24:​33-48) None iyo nkuru itwigisha iki?

11-12. (a) Twigira iki ku kuntu Yezu yigishije ukuri kwo muri Bibiliya? (Raba n’amafoto.) (b) Umuvukanyi Nortey yafashijwe gute n’uwamwigisha Bibiliya?

11 Twokwigana Yezu gute? Ubwa mbere, igihe uriko urigisha umuntu Bibiliya, numubaze utubazo dutuma aserura ibiri mu mutima wiwe. (Imig. 20:5) Umaze gutahura ivyiyumviro vyiwe, nuce umwereka ingene yotora ivyanditswe bihuye n’uko ivyiwe vyifashe. Ariko, uririnda kumubwira ico yokora. Numufashe nyabuna gutahura neza ivyo Vyanditswe no kubona ingene yobishira mu ngiro mu buzima bwiwe. Raba ivyashikiye umuvukanyi umwe wo muri Gana yitwa Nortey.

12 Nortey yatanguye kwiga Bibiliya afise imyaka 16. Ariko umuryango wiwe waciye utangura kumurwanya. None ni igiki camufashije kuguma ashikamye? Uwamwigisha Bibiliya yari yarakoresheje ibivugwa muri Matayo ikigabane ca 10, aramusigurira ko abakirisu b’ukuri babwirizwa guhamwa. Nortey avuga ati: «Igihe rero batangura kumpama naciye mbona ko nari nubuye ukuri.» Uwamwigisha Bibiliya yaramufashije kandi kuzirikana ku bivugwa muri Matayo 10:16 kugira abone ingene yokwiyubara, kandi agaragaze icubahiro igihe aganira n’abo mu muryango wiwe ibijanye na Bibiliya. Nortey amaze kubatizwa yashaka guca akora ubutsimvyi, mugabo se wiwe na we agashaka ko yoja kwiga kaminuza. Wa muvukanyi yamwigisha Bibiliya, aho kumubwira ico yokora yarakoresheje utubazo twomufasha kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. None vyavuyemwo iki? Nortey yahisemwo gukora ubutsimvyi. Se yaciye amwirukana. None Nortey abona gute ivyo bintu vyamushikiye? Avuga ati: «Ndazi ntakeka ko nafashe ingingo nziza.» Na twebwe iyo dufashije abandi kuzirikana ku Vyanditswe birashobora kubafasha kuba abakirisu bahumuye.—Ef. 3:​16-19.

Niwigane Yezu mu gufasha abandi gutahura neza Ivyanditswe (Raba ingingo ya 11) e


NUFASHE ABAVUKANYI GUTERA IMBERE BABE «INGABIRE ZIGIZWE N’ABAGABO»

13. Yezu yakoze iki kugira ngo igikorwa ca Se kize kibandanye? (Abanyefeso 4:8)

13 Igihe Yezu yari kw’isi yarakoze neza igikorwa Se yari yaramushinze. (Yoh. 17:4) Ariko Yezu yari atandukanye n’abavuga ko igikorwa kigenda neza ari uko bacikoreye. Mu myaka itatu n’igice yamaze akora ico gikorwa, yaramenyereje n’abandi kugikora. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarajeje abigishwa biwe ibanga ryo kwitwararika intama za Yehova no kuyobora igikorwa co kwamamaza no kwigisha. Bamwe muri abo bigishwa bashobora kuba batari bwakwize imyaka 30. (Soma Abanyefeso 4:8.) None Yezu yakoresheje gute imisi 40 yari asigaranye kugira afashe abo bagabo bakunda Imana, b’intahemuka, kandi b’abanyamwete, kuba «ingabire zigizwe n’abagabo?»

14. Mu misi 40 ya nyuma Yezu yari asigaje kw’isi, yafashije gute abigishwa biwe gutera imbere mu vy’impwemu? (Raba n’ifoto.)

14 Yezu yarakosoye abigishwa biwe abigiranye urukundo ariko adaca ku ruhande. Nk’akarorero, yarabonye ko bamwe muri bo bari bafise inkeka, aca arabakebura. (Luka 24:​25-27; Yoh. 20:27) Yarabafashije kandi kubona ko bakwiye kwitwararika cane igikorwa co kuragira intama za Yehova kuruta akazi k’umubiri. (Yoh. 21:15) Yarabibukije kandi kutarazwa ishinga birenze n’amabanga abandi boshingwa mu murimo wa Yehova. (Yoh. 21:​20-22) Vyongeye, yarakosoye ivyiyumviro bimwebimwe bitari vyo bari bafise ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, yongera arabafasha gushira imbere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 1:​6-8) None abakurambere bokwigira iki kuri Yezu?

Niwigane Yezu mu gufasha abavukanyi gutera imbere kugira ngo bashingwe amabanga yiyongereye (Raba ingingo ya 14)


15-16. (a) Ni mu buryo ubuhe abakurambere bokwigana Yezu? Sigura (b) Impanuro Patrick yahawe yamufashije gute?

15 Abakurambere bokwigana gute Yezu? Barakwiye gufasha no kumenyereza abavukanyi ushizemwo n’abakiri bato kugira bakwize ibisabwa ngo bazoshingwe amabanga yiyongereye. c Abakurambere baratahura ko abo bamenyereza badatunganye. Barakwiye rero guha abo bavukanyi bakiri bato impanuro ziranga urukundo, zobafasha kuba abantu bicisha bugufi, b’abizigirwa, kandi biteguriye gukorera abandi.—1 Tim. 3:1; 2 Tim. 2:2; 1 Pet. 5:5.

16 Raba ingene umuvukanyi yitwa Patrick yafashijwe n’impanuro yahawe. Akiri muto, yarakunda kuvuga amajambo ababaza akongera agafata abandi nabi, ushizemwo n’abadada. Hari umukurambere ahumuye yabonye iyo nyifato ya Patrick, aca aramuhanura abigiranye umutima mwiza mugabo adacishije ku ruhande. Patrick avuga ati: «Yaragize neza kumpanura. Naracika intege igihe naba mbonye abandi bavukanyi batewe uduteka nipfuza. Ariko impanuro uwo mukurambere yampaye, yaramfashije kubona ko nkwiye kwitwararika cane gukorera abavukanyi nicishije bugufi, aho guhahamira guterwa uduteka mw’ishengero.» Ico vyavuyemwo ni uko Patrick yahavuye agenwa kuba umukurambere arengeje gatoyi imyaka 20.—Imig. 27:9.

17. Yezu yerekanye gute ko yizigira abigishwa biwe?

17 Yezu ntiyashinze gusa abigishwa biwe ibanga ryo kwamamaza, ahubwo yarabashinze n’iryo kwigisha. Abo bigishwa bashobora kuba babona ko ico gikorwa kibarengeye. Ariko Yezu wewe, yari azi neza ko bogishoboye kandi yarabibabwiye. Yababwiye ati: «Nk’uko Data yantumye, nanje ndabatumye.»—Yoh. 20:21.

18. Abakurambere bokwigana gute Yezu?

18 Abakurambere bokwigana gute Yezu? Abakurambere babona kure barashinga abandi ibikorwa. (Flp. 2:​19-22) Nk’akarorero, abakurambere boshobora gusaba abakiri bato ko bofasha mu bikorwa vyo gusukura Ingoro y’Ubwami no kuyibungabunga. Bashinze umuntu igikorwa, baramumenyereza hanyuma bakizigira ko azogikora neza. Umuvukanyi yitwa Matthew aherutse kuba umukurambere, avuga ko ashimira abakurambere bahumuye bamufashije gukora igikorwa yashinzwe bakongera bakizigira ko yokiranguye neza. Avuga ati: «Bishitse ngakora amakosa, ntibaca babona ko ata co nzovamwo. Ahubwo baca bamfasha kubona ivyo noyigirako kugira ngo ubutaha nze ndushirize gukora neza.» d

19. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

19 Imisi 40 Yezu yari asigaranye kw’isi yayikoresheje mu kuremesha abandi, mu kubigisha, no mu kubamenyereza. Ese natwe twokwiyemeza kwigana neza akarorero kiwe. (1 Pet. 2:21) Azodufasha kubishikako. Kanatsinda adusezeranira ati: «Ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.»—Mat. 28:20.

URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!

a Injili be n’ibindi bitabu vyo muri Bibiliya, biravuga incuro zitandukanye aho Yezu yiyeretse abantu amaze kuzuka. Yariyeretse Mariya Magadalena (Yoh. 20:​11-18); abandi bagore (Mat. 28:​8-10; Luka 24:​8-11); abigishwa babiri (Luka 24:​13-15); Petero (Luka 24:34); intumwa zose uretse Toma (Yoh. 20:​19-24); intumwa zose ushizemwo na Toma (Yoh. 20:26); abigishwa indwi (Yoh. 21:​1, 2); abigishwa barenga 500 (Mat. 28:16; 1 Kor. 15:6); mwenewabo Yakobo (1 Kor. 15:7); intumwa zose (Ivyak. 1:4); yiyereka n’intumwa hafi y’i Betaniya. (Luka 24:​50-52) Izindi ncuro yiyeretse abantu, zishobora kuba zitavugwa.—Yoh. 21:25.

b Nimba wipfuza urutonde rw’ubuhanuzi bwavuze ivyerekeye Mesiya, raba kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?»

c Mu bihe bimwebimwe, abavukanyi bakwije ibisabwa bafise imyaka iri hagati ya 25 na 30 boshobora kugenwa kuba abahagarikizi b’imizunguruko. Ariko rero, bakwiye kuba ari abakurambere bamaze kubona kure.

d Nimba ushaka ibindi vyiyumviro vy’ingene twofasha abavukanyi bakiri bato gutera imbere bagashingwa amabanga, raba Umunara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 2018, rup. 11-12, ing. 15-17, be n’uwo ku wa 15 Ndamukiza 2015, rup. 3-13.

e INSOBANURO Y’IFOTO: Umugabo umwe yiga Bibiliya, amaze gufashwa gutahura neza Ivyanditswe aciye aja guta ibisharizo vyiwe bijanye na Noweli.