IKIGANIRO C’UKWIGA CA 42
Woba “witeguriye kugamburuka”?
«Ubukerebutsi buva mw’ijuru . . . bwiteguriye kugamburuka.»—YAK. 3:17.
URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe
INCAMAKE a
1. Ni kubera iki vyoshobora kutugora kugamburuka?
VYOBA bishika bikakugora kugamburuka? Umwami Dawidi vyaramushikiye, akaba ari co gituma yasenze Imana ati: «[Nunshiremwo] icipfuzo co kukugamburukira.» (Zab. 51:12) Dawidi yarakunda Yehova. Naho ari ukwo, vyarashika bikamugora kugamburuka, kandi natwe ni ukwo. Uti kubera iki? Ubwa mbere, twarazwe impengamiro yo kugambarara. Ubugira kabiri, Shetani aguma agerageza kutwosha ngo tugambararire Yehova, nk’uko na we yagambaraye. (2 Kor. 11:3) Ubugira gatatu, dukikujwe n’isi irangwa n’agatima ko kugambarara, ni ukuvuga «impwemu ikorera mu bantu bagambarara.» (Ef. 2:2) Dutegerezwa kwihata kugira turwanye impengamiro yacu yo gukora icaha no kugira turwanye akosho ko kugambarara Shetani be n’iyi si bitugirako. Dutegerezwa rero kwihata kugira tugamburukire Yehova be n’abo yahaye ubukuru.
2. “Kwitegurira kugamburuka” bisobanura iki? (Yakobo 3:17)
2 Soma Yakobo 3:17. Yakobo ahumekewe n’Imana yanditse ko abantu b’inkerebutsi “biteguriye kugamburuka.” Iyumvire ico ivyo bisobanura. Dukwiye kwumva dushashaye kugamburukira abo Yehova yahaye ubukuru kanaka kandi tukabigira tubikunze. Mugabo rero, Yehova ntadusaba kugamburukira abantu badutegeka kurenga ku mategeko yiwe.—Ivyak. 4:18-20.
3. Kubera iki Yehova abona yuko bihambaye ko tugamburukira abadufiseko ubukuru?
3 Vyoshobora kutworohera kugamburukira Yehova kuruta kugamburukira abantu. Nakare, Yehova yama atanga ubuyobozi butunganye. (Zab. 19:7) Mugabo ukwo si ko biri ku bantu badatunganye bafise ubukuru. Naho biri ukwo, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yarahaye ubukuru kanaka abavyeyi, abategetsi, n’abakurambere. (Imig. 6:20; 1 Tes. 5:12; 1 Pet. 2:13, 14) Igihe tubagamburukiye, tuba tugamburukiye Yehova. Reka turabe ukuntu twogamburukira abantu Yehova yahaye ubukuru, naho vyoba bishika tukabona umengo ubuyobozi baduha bwoba bugoye kwemera no gukurikiza.
NUGAMBURUKIRE ABAVYEYI
4. Kubera iki abana benshi bagambararira abavyeyi?
4 Abakiri bato bakikujwe n’abandi bakiri bato «bagambararira abavyeyi.» (2 Tim. 3:1, 2) Kubera iki benshi muri bo bagambarara? Hari ababona ko abavyeyi babo biyorobeka. Abavyeyi bamwebamwe basaba abana babo gukora ibinyuranye n’ivyo bo ubwabo bakora, bigatuma abo bana babona ko ako ari akarenganyo. Abandi bana babona ko impanuro abavyeyi babo babaha zataye igihe, zitagira akamaro, canke ko zibazitira cane. Nimba ukiri muto, vyoba bishika ukabona ibintu muri ubwo buryo? Abenshi basanga bitoroshe gushira mu ngiro impanuro Yehova atanga igira iti: «Nimugamburukire abavyeyi banyu nk’uko Umukama abigomba, kuko ari vyo bigororotse.» (Ef. 6:1) None ni igiki cogufasha kuyishira mu ngiro?
5. Nk’uko bivugwa muri Luka 2:46-52, ni kubera iki Yezu ari akarorero kadasanzwe ko kugamburukira abavyeyi?
5 Urashobora kwiga kugamburuka mu kwigana Yezu, we karorero kadasanzwe. (1 Pet. 2:21-24) Yari umuntu atunganye ariko akaba afise abavyeyi badatunganye. Mugabo Yezu yaratera iteka abavyeyi biwe n’igihe baba bakoze amakosa kandi rimwe na rimwe ntibamutahure. (Kuv. 20:12) Rimbura ivyabaye igihe Yezu yari afise imyaka 12. (Soma Luka 2:46-52.) Abavyeyi biwe bamusize i Yeruzalemu. Mu bisanzwe Mariya na Yozefu ni bo bari bafise ibanga ryo gusuzuma ko abana bose bari kumwe na bo imbere yo gufata urugendo bava ku musi mukuru. Igihe amaherezo Mariya na Yozefu batora Yezu, Mariya yagirije Yezu ko ari we yakoze ikosa mu kuguma i Yeruzalemu! Yezu yari gushobora kubabwira ko bamurenganije. Aho kubishura gutyo, yabahaye inyishu yoroshe kandi abigiranye icubahiro. Ariko Yozefu na Mariya, «ntibatahuye ico ababwiye.» Naho biri ukwo, Yezu “yabandanije kubagamburukira.”
6-7. Ni ibiki vyofasha abakiri bato kugamburukira abavyeyi?
6 Yemwe bakiri bato, vyoba bishika bikabagora kugamburukira abavyeyi banyu igihe bakoze amakosa canke igihe batabatahura? Ni ibiki vyobafasha? Ubwa mbere, niwiyumvire ukuntu Yehova amererwa. Bibiliya ivuga ko igihe mugamburukiye abavyeyi «ari vyo bihimbara rwose Umukama.» (Kol. 3:20) Yehova arazi ko bishika abavyeyi ntibagutahure canke bagashiraho amategeko agoye kugamburuka. Ariko iyo uhisemwo kubagamburukira, uba unezereje Yehova.
7 Ubwa kabiri, niwiyumvire ukuntu abavyeyi bawe bamererwa. Igihe ubagamburukira, urabanezereza kandi bakarushiriza kukwizigira. (Imig. 23:22-25) Birashobora gutuma kandi murushiriza kwiyumvanamwo. Umuvukanyi wo mu Bubiligi yitwa Alexandre avuga ati: «Igihe natangura kuza ndagamburuka ngakora ivyo abavyeyi bansavye gukora, harabaye amahinduka akomeye. Twararushirije kwiyumvanamwo, kandi bituma duhimbarwa cane.» b Ubwa gatatu, niwiyumvire ukuntu kugamburuka kuzokugirira akamaro muri kazoza. Uwitwa Paulo wo muri Brezile avuga ati: «Kwiga kugamburukira abavyeyi, vyaramfashije kugamburukira Yehova hamwe n’abandi bafise ubukuru.» Ijambo ry’Imana riratanga imvo ihambaye ituma ugamburukira abavyeyi. Rigira riti: «Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi.»—Ef. 6:2, 3.
8. Kubera iki abakiri bato benshi bahitamwo kugamburukira abavyeyi?
8 Abakiri bato benshi bariboneye ukuntu ibintu bihinduka igihe bagamburutse. Uwitwa Luiza na we nyene wo muri Brezile, mu ntango vyaramugoye gutahura igituma abavyeyi bamusaba kumara igihe kinaka adafise terefone. Nakare, yarabona ko abo mu runganwe rwiwe benshi bafise terefone. Ariko mu nyuma yahavuye atahura ko abavyeyi biwe bariko baramukingira. Avuga ati: «Simbona ko kugamburukira abavyeyi bimbuza umwidegemvyo, ahubwo mbona ko binkingira.» Mushiki wacu akiri muto wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Elizabeth, biracamugora kugamburukira abavyeyi rimwe na rimwe. Avuga ati: «Igihe ntatahura neza igituma abavyeyi bashizeho itegeko kanaka, nca niyumvira ibihe bitari bike amategeko bashizeho yankingiye.» Uwitwa Monica na we wo muri Armeniya, avuga ko vyama bimugendera neza igihe agamburukiye abavyeyi kuruta iyo abagambarariye.
NUGAMBURUKIRE «ABAKURU BATUGANZA»
9. Abantu benshi babona gute ibijanye no kwubahiriza amategeko?
9 Abantu benshi baremera ko bakeneye intwaro kandi ko dukwiye n’imiburiburi kugamburuka amategeko amwamwe duhabwa n’abo «bakuru batuganza.» (Rom. 13:1) Ariko abo bantu nyene vyoshobora kubagora kwubahiriza amategeko badakunda canke ayo babona ko arimwo agahaze. Zirikana nk’akarorero ibijanye no gutanga amakori. Mu gihugu kimwe c’i Buraya abantu benshi biyumvira ko «bibereye kudatanga amakori igihe umuntu abona ko birimwo akarenganyo.» Ntibitangaje rero kubona muri ico gihugu, abantu batariha amakori yose Leta isaba.
10. Ni kubera iki tugamburuka mbere n’amategeko tudakunda?
10 Bibiliya ivuga ko intwaro z’abantu ziteza ingorane, ko zitwarwa na Shetani, kandi ko vuba zigiye gukurwaho. (Zab. 110:5, 6; Umus. 8:9; Luka 4:5, 6) Iratubwira kandi ko «umuntu wese arwanya ubukuru aba arwanije indinganizo y’Imana.» Yehova yabaye arareka intwaro ngo zibe zirabayeho kugira ngo hagume urutonde, kandi yipfuza ko tuzigamburukira. Ku bw’ivyo, dutegerezwa “guha bose ivyabo”, harimwo amakori, icubahiro, n’ukugamburuka. (Rom. 13:1-7) Turashobora kubona umengo itegeko kanaka ntiribereye, ririmwo agahaze, canke ko rigoye kugamburuka. Ariko turagamburukira abo bategetsi kubera ko Yehova adusaba kubigira igihe cose batadusavye kurenga ku mategeko yiwe.—Ivyak. 5:29.
11-12. Nk’uko bivugwa muri Luka 2:1-6, Yozefu na Mariya bakoze iki kugira bagamburuke itegeko babona ko ritaborohereza, kandi havuyemwo ivyiza ibihe? (Raba n’amashusho.)
11 Turashobora kwigira ku karorero ka Yozefu na Mariya, abari biteguriye kugamburukira abakuru babaganza n’igihe baba babona ko bitoroshe. (Soma Luka 2:1-6.) Igihe Mariya yari afise inda y’amezi nk’icenda, we na Yozefu barasabwe kugamburuka itegeko ryari rigoye. Umwami w’inganji y’Uburoma yitwa Ogusito yarashizeho itegeko ry’uko abantu bose bategerezwa kuja kuri rusansuma. Yozefu na Mariya bategerezwa kuja i Betelehemu, rukaba rwari urugendo rw’ibirometero nka 150 baduga bongera bamanuka imisozi. Urwo rugendo ntirwobaye rworoshe, canecane kuri Mariya. Uwo mugabo n’uwo mugore bategerezwa kuba barahagaritse umutima kubera amagara ya Mariya n’ay’umwana yari mu nda. Vyogenze gute aramutse afashwe n’ibise bari ku rugendo? Yari yibungenze uwobaye Mesiya. None ivyo vyoba vyari gutuma baronka icitwazo co kugambararira ubutegetsi?
12 Yozefu na Mariya ntibigeze bareka ngo hagire imvo n’imwe muri izo ituma bagambarara iryo tegeko. Yehova yarahezagiye ukugamburuka kwabo. Mariya yarashitse neza i Betelehemu, aribaruka uruyoya rukomeye, mbere aranafasha mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya!—Mika 5:2.
13. Ukugamburuka kwacu gushobora gute kugirira akamaro abavukanyi bacu?
13 Igihe tugamburukiye abategetsi batuganza, biratugirira akamaro mbere bikakagirira n’abandi. Uti gute? Kimwe coco, turirinda ingaruka zishikira abatubahiriza amategeko. (Rom. 13:4) Igihe tugamburuka birashobora kugira ico bikoze ku kuntu abategetsi babona Ivyabona vya Yehova muri rusangi. Nk’akarorero, mu myaka itari mike iheze, muri Nijeriya abasoda barinjiye mu Ngoro y’Ubwami hariko haraba ikoraniro. Bariko barondera abari mu migumuko yo kwiyamiriza gutanga amakori. Ariko umukuru wabo yaciye asohora abo basoda, ababwira ati: «Ivyabona vya Yehova bama batanga amakori.» Igihe cose wubahirije amategeko woshobora kugira ico utereye ku kuntu abasavyi ba Yehova bazwi, kandi umusi uri izina ivyo birashobora gukingira abo musangiye ukwemera.—Mat. 5:16.
14. Ni ibiki vyafashije mushiki wacu umwe “kwitegurira kugamburukira” abakuru batuganza?
14 Naho ari ukwo, birashobora kutugora kwama tugamburukira abakuru batuganza. Mushiki wacu wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Joanna, avuga ati: «Vyarangora cane kugamburuka, kubera bamwebamwe mu muryango wacu bari bararenganijwe n’abategetsi.» Ariko Joanna yaragerageje kugira akigoro ko guhindura ukuntu yabona ibintu. Ubwa mbere, yarahagaritse gusoma amakuru yatuma abona nabi abategetsi. (Imig. 20:3) Ubwa kabiri, yarasenze Yehova amusaba ngo amufashe kumwizigira aho kwizigira amahinduka aba mu ntwaro z’abantu. (Zab. 9:9, 10) Ubwa gatatu, yarasoma ibiganiro vyo mu bitabu vyacu bivuga ibijanye no kutagira aho duhengamiye. (Yoh. 17:16) Ubu Joanna avuga ko kwubaha abategetsi no kubagamburukira vyatumye «atekana yongera arahimbarwa.»
NUGAMBURUKE UBUYOBOZI UHABWA N’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA
15. Ni kubera iki vyoshobora kutugora kugamburuka ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova?
15 Yehova adusaba “kugamburukira abatuja imbere” mw’ishengero. (Heb. 13:17) Yezu Kristu we Ndongozi yacu aratunganye, ariko abo akoresha ngo batuje imbere ng’aha kw’isi ntibatunganye. Vyoshobora kutatworohera kubagamburukira, canecane igihe badusavye gukora ikintu tutipfuza gukora. Igihe kimwe intumwa Petero vyaramugoye kugamburuka. Igihe umumarayika yamusaba kurya ibikoko amategeko ya Musa yavuga ko bihumanye, Petero yaranse, atari rimwe gusa, ahubwo incuro zitatu zose! (Ivyak. 10:9-16) Kubera iki? Yabona ko ubwo buyobozi bushasha butumvikana. Mu buzima bwiwe ntiyari bwigere akora ibintu nk’ivyo. Nimba Petero vyaramugoye kugamburuka ubuyobozi ahawe n’umumarayika atunganye, wumva none bitorushiriza kutugora kugamburuka ubuyobozi duhawe n’abantu badatunganye?
16. Naho intumwa Pawulo yabona ko ubuyobozi ahawe butumvikana, yavyifashemwo gute? (Ivyakozwe 21:23, 24, 26)
16 Intumwa Pawulo yari “yiteguriye kugamburuka”, n’igihe yaba ahawe ubuyobozi abona ko busa n’ubutumvikana. Abakirisu b’Abayuda bari barumvise ibihuha ku bijanye na Pawulo, bivuga ko yigisha «guheba amategeko ya Musa» kandi ko na we nyene atayakurikiza. (Ivyak. 21:21) Abakurambere b’i Yeruzalemu, barasavye Pawulo ngo ajane abagabo bane ku rusengero, maze yihumanurane na bo kugira ngo yerekane ko yubahiriza amategeko. Ariko Pawulo yari azi ko abakirisu batari bakigengwa n’amategeko ya Musa. Vyongeye, nta kintu na kimwe kibi yari yakoze. Naho ari ukwo, Pawulo yaragamburutse adatebaganye. «Bukeye [yarajanye] n’abo bagabo, arihumanura ari kumwe na bo nk’uko bisabwa.» (Soma Ivyakozwe 21:23, 24, 26.) Kuba Pawulo yaragamburutse, vyarazigamye ubumwe.—Rom. 14:19, 21.
17. Ivyashikiye Stephanie bikwigisha iki?
17 Mushiki wacu umwe yitwa Stephanie, vyarashitse biramugora kwemera ingingo yari yafashwe n’abavukanyi bajejwe amabanga mu gihugu iwabo. We n’umugabo wiwe, bariko bakorera mu mugwi ukoresha ururimi runyamahanga bahimbawe. Mu nyuma ibiro vy’ishami vyarahagaritse uwo mugwi, maze uwo mugabo n’umugore basabwa gusubira mw’ishengero bahozemwo rikoresha ururimi kavukire. Stephanie yiyemerera ati: «Vyarambabaje cane. Sinabona ko iryo shengero ryacu rikoresha ururimi kavukire ryarimwo inkenero.» Naho ari ukwo, yaremeye gukurikiza ubwo buyobozi. Avuga ati: «Nahavuye ntahura ko iyo ngingo yarimwo ubukerebutsi. Muri iryo shengero, twasanzeyo abavukanyi n’abadada benshi imiryango yabo itizera. Twaciye rero ducika abavyeyi babo, maze turabaremesha cane. Ndigisha umudada umwe yari yarahororokewe. Vyongeye, ubu ndafise umwanya wiyongereye wo kwiyigisha.» Yongerako ati: «Ubu ndafise ijwi ryo mu mutima ryiza kubera nzi ko nakoze ivyo nshoboye vyose kugira ngamburuke.»
18. Kuba abantu bagamburuka bitugirira akamaro gute?
18 Turashobora kwiga kugamburuka. Yezu «yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye.» (Heb. 5:8) Cokimwe na Yezu, na twebwe turiga kugamburuka igihe dushikiwe n’ibintu bitoroshe. Nk’akarorero, igihe ikiza ca Korona catera maze tugasabwa guhagarika kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami no guhagarika kwamamaza inzu ku nzu, vyoba vyarakugoye kugamburuka? Kugamburuka vyaragukingiye, bituma wunga ubumwe n’abo musangiye ukwizera, vyongera bituma uhimbara Yehova. Ubu twese turiteguriye kugamburuka ubuyobozi bwose tuzohabwa mu gihe ca ya makuba akomeye. Kugamburuka ubwo buyobozi bizotuma turokoka.—Yobu 36:11.
19. Kubera iki wipfuza kuba umuntu agamburuka?
19 Twabonye yuko kugamburuka bituma twironkera ivyiza vyinshi. Ariko dushira imbere kugamburukira Yehova kubera yuko tumukunda kandi twipfuza kumuhimbara. (1 Yoh. 5:3) Ntidushobora kwishura Yehova ibintu vyose yadukoreye. (Zab. 116:12) Ariko turashobora kumugamburukira no kugamburukira abadufiseko ubukuru. Iyo tugamburutse, tuba twerekanye ko turi inkerebutsi. Kandi iyo tubaye inkerebutsi, turanezereza Yehova.—Imig. 27:11.
URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe
a Kubera ko tudatunganye, twese rimwe na rimwe biratugora kugamburuka n’igihe tuba duhawe ubuyobozi n’umuntu abifitiye uburenganzira. Iki kiganiro kirerekana ivyiza twironkera iyo tugamburukiye abavyeyi bacu, «abategetsi batuganza» n’abavukanyi batuja imbere mw’ishengero rya gikirisu.
b Ushaka ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu woyaga n’abavyeyi ku mategeko ubona ko agoye kugamburuka, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?»
c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yozefu na Mariya baragamburutse itegeko rya Sezari ryo kuja kwiyandikisha i Betelehemu. Muri iki gihe abakirisu barubahiriza amategeko y’ibarabara, bagatanga amakori kandi bakagamburuka ubuyobozi «abakuru batuganza» batanga ku bijanye n’amagara.