Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 41

Dukorera Imana “igwije imbabazi”

Dukorera Imana “igwije imbabazi”

“Yehova ni mwiza kuri bose, kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.”​—ZAB. 145:9.

URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi

INCAMAKE *

1. Twiyumviriye umuntu w’imbabazi, ni ibiki dushobora guca tubona mu bwenge?

IYO twiyumviriye umuntu w’imbabazi, mu bwenge duca tubona umuntu w’umutima mwiza, w’igishika, w’impuhwe kandi atanga. Twoshobora no guca twiyumvira ya nkuru Yezu yavuga yerekeye Umusamariya w’imbabazi. Uwo mugabo atari Umuyuda ‘yaragiriye imbabazi’ Umuyuda umwe yari yaguye mu bambuzi. Uwo Musamariya ‘yarumviye ikigongwe’ uwo Muyuda yari yakomeretse, maze aramwitwararika abigiranye urukundo. (Luka 10:29-37) Ico kigereranyo kirashira ahabona imwe muri kamere nziza ziranga Imana yacu, na yo akaba ari imbabazi. Urukundo ni rwo rutuma Imana igaragaza imbabazi, kandi buri musi irazitugaragariza mu kuntu idufata.

2. Ni ubundi buryo ubuhe umuntu yogaragaza imbabazi?

2 Twoshobora guca twiyumvira ubundi buryo bwo kugaragaza imbabazi. Ni ukudahana umuntu igihe hari imvo zumvikana zo kubigira. Yehova yaratugaragarije imbabazi no muri uwo muce. Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Ntiyadukoreye ibihwanye n’ibicumuro vyacu.” (Zab. 103:10) Ariko rero mu bindi bihe, Yehova yoshobora gutoza indero mu buryo bukomeye uwakoze igicumuro.

3. Tuza kurimbura ibibazo ibihe?

3 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibibazo bitatu: Kubera iki Yehova agaragaza imbabazi? Kugaragaza imbabazi no gutoza indero umuntu mu buryo bukomeye, hoba hari ico bihuriyeko? Vyongeye, ni ibiki vyodufasha kugira imbabazi? Reka turabe ingene Ijambo ry’Imana ryishura ivyo bibazo.

IGITUMA YEHOVA AGARAGAZA IMBABAZI

4. Kubera iki Yehova agaragaza imbabazi?

4 Yehova arakunda kugira imbabazi. Intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ko Imana “igwije imbabazi.” Ng’aho, Paulo yariko yerekeza ku kuntu Imana yagaragarije imbabazi abasavyi bayo barobanuwe, mu kubaha icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’ijuru, naho badatunganye. (Ef. 2:4-7) Ariko rero imbabazi za Yehova ntizigarukira aho gusa. Umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze ati: “Yehova ni mwiza kuri bose, kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.” (Zab. 145:9) Urukundo Imana ikunda abantu, ruratuma ibagaragariza imbabazi igihe cose ibona ko bibereye.

5. Yezu yamenye gute ibijanye n’imbabazi za Yehova?

5 Nta wundi muntu yoza arusha Yezu kumenya ingene Yehova akunda kugaragaza imbabazi. Imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, yaramaranye na Se imyaka ibihumbi n’ibihumbi mw’ijuru. (Imig. 8:30, 31) Incuro nyinshi, Yezu yariboneye ingene Se yagiye aragirira imbabazi abantu b’abacumuzi. (Zab. 78:37-42) Igihe Yezu yaba ariko arigisha, yarakunda kuvuga iyo kamere nziza iranga Se wiwe.

Wa muvyeyi ntiyamaramaje umwana wiwe w’icangazi; yaramuhaye ikaze i muhira (Raba ingingo ya 6) *

6. Yezu yadufashije gute gutahura imbabazi za Se?

6 Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, Yezu yakoresheje inkuru y’umwana w’icangazi kugira ngo yerekane ingene Yehova akunda kugaragaza imbabazi. Uwo mwana yaravuye i muhira afata urugendo aja mu gihugu ca kure, “asesagurirayo ibintu vyiwe mu kubaho mu buhumbu.” (Luka 15:13) Mu nyuma yarigaye iyo ngendo mbi, aricisha bugufi, yongera arasubira i muhira. None se wiwe yavyakiriye gute? Yaciye agira ico akoze adatebaganye. Yezu yavuze ati: “[Nya muhungu] akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe.” Uwo muvyeyi ntiyamaramaje umwana wiwe. Ahubwo yaramubabariye abigiranye imbabazi, yongera aramuha ikaze mu muryango. Naho uwo mwana w’icangazi yari yaracumuye bimwe bikomeye, se wiwe yaramubabariye kubera ko yari yigaye. Muri uwo mugani, uwo muvyeyi w’imbabazi agereranya Yehova. Yezu akoresheje ico kigereranyo gikora ku mutima, yarerekanye ingene Se yiteguriye kubabarira abacumuzi bigaya vy’ukuri.​—Luka 15:17-24.

7. Ingene Yehova agaragaza imbabazi, vyerekana gute ko afise ubukerebutsi ntangere?

7 Yehova aragaragaza imbabazi kubera ko afise ubukerebutsi ntangere. Yehova yama afata ingingo zigirira akamaro ibiremwa vyiwe. Bibiliya ivuga yuko “ubukerebutsi buva hejuru” “bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza.” (Yak. 3:17) Cokimwe n’umuvyeyi arangwa urukundo, Yehova arazi ko abana biwe bungukira ku mbabazi ziwe. (Zab. 103:13; Yes. 49:15) Kuba ari umunyembabazi biratuma bagira icizigiro ca kazoza naho badatunganye. Ubukerebutsi ntangere bwa Yehova rero, buratuma agaragaza imbabazi igihe cose abona ko bibereye. Ariko rero Yehova arazi n’igihe bitaba bibereye ko agaragaza imbabazi. Kubera ko afise ubukerebutsi, ntiyigera agaragaza imbabazi mu gihe abona ko vyohava bisasira indava ikibi.

8. Ni ingingo iyihe ikenerwa gufatwa mu bihe bimwebimwe, kandi kubera iki?

8 Dufate ko umusavyi w’Imana ahisemwo kuza aracumura n’ibigirankana. None twoca dukora iki? Paulo ahumekewe n’Imana, yanditse ko dukwiye “kureka kwivanga” n’uwo muntu. (1 Kor. 5:11) Abacumuzi batigaya baracibwa mw’ishengero. Ivyo birakenewe mu ntumbero yo gukingira abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa, no kwerekana ko inzira za Yehova ari nyeranda. Ariko rero, hari abo bitorohera kubona ko gucibwa biranga imbabazi z’Imana. None ni ko biri? Reka tubirabe.

GUCA UMUNTU MW’ISHENGERO VYOBA BIRANGA IMBABAZI?

Naho intama irwaye yoshirwa ukwa yonyene, umwungere aguma ayitwararika (Raba ingingo ya 9-11)

9-10. Twisunze Abaheburayo 12:5, 6, kubera iki intunganyo yo guca umuntu mw’ishengero iranga imbabazi? Tanga akarorero.

9 Igihe mw’ishengero hashikirijwe itangazo ry’uko umuntu tuzi kandi dukunda “atakiri Icabona ca Yehova,” turababara cane. Turashobora kwibaza nimba vyari bikenewe ko acibwa. None gucibwa mw’ishengero, vyoba vy’ukuri biranga imbabazi? Cane nyene. Kudatoza indero umuntu kandi bikenewe, ntibiranga ubukerebutsi, imbabazi canke urukundo. (Imig. 13:24) None guca umucumuzi atigaya, vyoba bishobora kumufasha guhindura ingendo? Neza cane. Abenshi mu bakoze igicumuro gikomeye, basanze ingingo abakurambere bafashe ari yo nyene yari ikenewe kugira ngo bikubite agashi, bahindure ingendo maze bagaruke kuri Yehova.​—Soma Abaheburayo 12:5, 6.

10 Raba akarorero. Umwungere arabonye ko imwe mu ntama ziwe irwaye. Arazi ko kugira ngo avure iyo ndwara, bisaba ko ayikura mu zindi akayishira ukwa yonyene. Ariko rero intama, kubera ko iryoherwa iri kumwe n’izindi, irabura amahoro iyo itandukanijwe na zo. None iyo umwungere ayitandukanije n’izindi, vyoba bisobanura ko aba abaye ruburakigongwe? Habe namba. Arazi ko hamwe yoyirekera mu zindi, yoca izanduza. Iyo ashize ku ruhande iyo irwaye, aba akingiye izisigaye.​—Gereranya n’​Abalewi 13:3, 4.

11. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe uwaciwe yogereranywa n’intama irwaye? (b) Ni intunganyo izihe zishobora gufasha abaciwe mw’ishengero?

11 Igihe umukirisu aciwe mw’ishengero, twoshobora kumugereranya n’iyo ntama irwaye. Aba arwaye mu vy’impwemu. (Yak. 5:14) Cokimwe n’indwara zimwezimwe, indwara yo mu buryo bw’impwemu na yo nyene irashobora kwandukira. Mu bihe bimwebimwe rero, birakenerwa ko uwurwaye mu vy’impwemu akurwa mw’ishengero. Ukwo gucibwa kurerekana urukundo Yehova afitiye abasavyi biwe b’intahemuka basigaye mw’ishengero, kandi kurashobora gutuma uwo mucumuzi abona amakosa yiwe, maze akigaya. Igihe aba ari inyuma y’ishengero yoshobora kwitaba amakoraniro, aho ashobora kuremeshwa akongera akagaburirwa mu vy’impwemu. Arashobora no gutora ibitabu vyo gusoma no kwiyigisha, akongera akaraba ibiganiro vyo kuri televiziyo ya JW. Vyongeye, abakurambere baravye iterambere ryiwe, rimwe na rimwe boshobora kumuha impanuro n’ubuyobozi vyomufasha kunagura ubucuti afitaniye na Yehova, kugira ngo asubire kuba Icabona ca Yehova. *

12. Ni ikintu ikihe kiranga urukundo n’imbabazi abakurambere boshobora gukorera umucumuzi atigaya?

12 Birahambaye ko twibuka yuko abacumuzi batigaya ari bo gusa bacibwa mw’ishengero. Kubera ko abakurambere bazi ko ico kintu gikomeye, bariyubara imbere yo gufata iyo ngingo. Barazi ko Yehova atoza indero “ku rugero rubereye.” (Yer. 30:11) Kubera ko bakunda abavukanyi babo, ntibipfuza kubakorera ikintu na kimwe cotuma batakaza ubucuti bafitaniye na Yehova. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, gukura umucumuzi mw’ishengero mu kiringo kanaka, biraranga urukundo n’imbabazi.

13. Ni kubera iki vyari bikenewe ko umukirisu umwe w’i Korinto acibwa?

13 Rimbura ingene intumwa Paulo yafashe umucumuzi umwe atigaya wo mu kinjana ca mbere. Hari umukirisu w’i Korinto yatwaye umugore wa se ngo babane. Umve nawe iryo bara! Ku bijanye n’ico kintu, Yehova yari yategetse Abisirayeli ati: “Umugabo aryamanye n’umugore wa se, aba apfukuye ubwambure bwa se. Bompi ntibaze babure kwicwa.” (Lew. 20:11) Ego ni ko Paulo ntiyategetse Abakorinto kwica uwo mugabo, ariko yarabategetse kumukura mw’ishengero. Ingendo y’ubusambanyi y’uwo mugabo yariko iragira akosho ku bandi mw’ishengero, bamwebamwe mbere muri bo bakaba babona ko ivyo yagize ari ibisanzwe.​—1 Kor. 5:1, 2, 13.

14. Paulo yagaragarije gute imbabazi wa mugabo yari yaciwe mw’ishengero ry’i Korinto, kandi kubera iki? (2 Abakorinto 2:5-8, 11)

14 Haciye igihe, Paulo yaramenye ko wa mucumuzi yahindutse rwose akigaya vy’ukuri. Naho uwo mugabo yari yarasize iceyi ishengero, Paulo yabwiye abakurambere yuko atipfuza “[gukara] birenze urugero.” Yababwiye ati: “Mukwiye kumubabarira n’umutima mwiza mukongera mukamuhoza.” Raba imvo yaciye atanga. Yavuze ati: “Kugira ngo uwo muntu ntahave amirwa n’umubabaro urenze.” Paulo yarumviye imbabazi uwo mugabo yari yigaye. Ntiyipfuza ko ivyo uwo muntu yari yakoze bituma arengerwa n’umubabaro, akajanjagurika mu mutima, ku buryo atipfuza kurondera kubabarirwa.​—Soma 2 Abakorinto 2:5-8, 11.

15. Ni mu buryo ki abakurambere bagaragariza abandi imbabazi mugabo badasasiye indava ikibi?

15 Cokimwe na Yehova, abakurambere barakunda kugaragaza imbabazi. Baratoza indero umucumuzi mu buryo bukomeye igihe bikenewe, mugabo bakagaragaza imbabazi igihe bishoboka, iyo babona ko hari imvo zumvikana zo kubigira. Ahandiho, bosanga basasiye indava ikibi. None abakurambere boba ari bo bonyene bakwiye kugaragaza imbabazi?

NI IBIKI VYODUFASHA TWESE KUGARAGAZA IMBABAZI?

16. Twisunze Imigani 21:13, Yehova afata gute abanka kugaragariza abandi imbabazi?

16 Abakirisu twese turagerageza kwigana Yehova mu kagaragaza imbabazi. Kubera iki? Imvo imwe, ni uko Yehova atumviriza abanka kugaragariza abandi imbabazi. (Soma Imigani 21:13.) Kubera ko ata n’umwe muri twebwe yipfuza ko Yehova yanka kwumviriza amasengesho yiwe, turakwiye kwirinda kuba ba ruburakigongwe. Aho kwirengagiza uwo dusangiye ukwizera ari mu ngorane, dutegerezwa kwama twiteguriye kwumviriza “umwidogo w’umuntu mutoyi.” N’ikindi kandi, turagumiza ku muzirikanyi iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “Uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi.” (Yak. 2:13) Iyo twibutse ko dukeneye cane kugaragarizwa imbabazi, birashoboka cane ko natwe tuzigaragariza abandi. Turakenera kugaragaza imbabazi canecane igihe umucumuzi yigaya agarutse mw’ishengero.

17. Umwami Dawidi yagaragaje gute imbabazi abikuye ku mutima?

17 Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kudufasha kugaragaza imbabazi no kwirinda kuba ba ruburakigongwe. Reka dufate akarorero k’Umwami Dawidi. Akenshi yaragaragaza imbabazi abikuye ku mutima. Naho Umwami Sauli yarondeye kumwica, Dawidi yaragaragarije imbabazi uwo mwami yari yararobanuwe n’Imana, mu kutamwihora canke ngo amugirire nabi.​—1 Sam. 24:9-12, 18, 19.

18-19. Ni mu biringo bibiri ibihe Dawidi atagaragaje imbabazi?

18 Ariko rero Dawidi ntiyamye agaragaza imbabazi. Nk’akarorero, igihe umugabo umwe yitwa Nabali yari asanzwe akaze yasuzugura Dawidi akongera akamwima ibifungurwa n’ingabo ziwe, Dawidi yaciye ashavura, aca afata ingingo yo kumwica no kwica ab’igitsina-gabo bose bo mu nzu yiwe. Abigayili umugore wa Nabali yarihangana cane. Kubera ko uwo mugore yaciye agira ico akoze adatebaganye, vyaratumye Dawidi adasesa amaraso.​—1 Sam. 25:9-22, 32-35.

19 Ikindi gihe, umuhanuzi Natani yariganiye Dawidi inkuru yerekeye umutunzi yanyaze umukene umwe intama yiwe yakunda cane. N’ishavu n’akantu Dawidi yaciye yishura ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, umugabo yakoze ico kintu akwiriye gupfa!” (2 Sam. 12:1-6) Dawidi yari azi neza Itegeko rya Musa. Twisunze iryo Tegeko, uwo muntu yari yanyaze intama, yategerezwa kuriha nyeneyo intama zine. (Kuv. 22:1) None yari akwiye gucirwa urwo gupfa? Aho Dawidi yararengeje urugero. Vyahavuye bigaragara ko Natani yakoresheje iyo nkuru kugira ngo afashe Dawidi gutahura ko ibicumuro yari yarakoze vyari bikomeye kuruta! Yehova yaragaragarije Dawidi imbabazi nyinshi cane kuruta izo Dawidi yari kugaragariza wa muntu yanyaga intama Natani yavuga mu kigereranyo ciwe.​—2 Sam. 12:7-13.

Umwami Dawidi yaragaragaje agatima ko kutagira imbabazi igihe Natani yamugendera (Raba ingingo ya 19-20) *

20. Twigira iki ku karorero ka Dawidi?

20 Urabona ko igihe Dawidi yatwarwa n’ishavu, yaciye acira urwo gupfa Nabali n’ab’igitsina-gabo bose bo mu rugo rwiwe. Mu nyuma na ho, Dawidi yavuze ko umugabo avugwa mu nkuru ya Natani yari akwiye gupfa. Ku bijanye n’uwo mugabo, twokwibaza igituma Dawidi uwari asanzwe afise umutima mwiza, yamuciriye urubanza rubi nk’urwo. Raba ingene ibintu vyari vyifashe. Ico gihe, Dawidi yari afise ijwi ryo mu mutima rimwagiriza. Igihe umuntu afise impengamiro yo gucira abandi urubanza, ni ikimenyetso cerekana ko ubucuti afitaniye n’Imana buba butameze neza. Yezu yagabishije abigishwa biwe ashimitse ati: “Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa.” (Mat. 7:1, 2) Nimuze rero twirinde kuba ba ruburakigongwe, ahubwo twihatire kuba abantu ‘bagwije imbabazi’ nk’Imana yacu.

21-22. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe twogaragariza abandi imbabazi?

21 Imbabazi si ikintu umuntu yiyumvamwo gusa. Nkako, zidondorwa ko ari “impuhwe zijana n’ibikorwa.” Twese rero turashobora kwitaho kumenya abo mu muryango wacu, abo mw’ishengero canke abo mu kibano bari n’ivyo bakeneye. Mu vy’ukuri, hariho uturyo twinshi two kugaragariza abandi imbabazi! Hoba hari uwukeneye indemesho? Hoba hari uwo twofasha mu buryo bufadika, kumbure mu kumuronsa udufungurwa canke kumufasha mu tundi dukorwa? Hoba hari uwagarukanywe mw’ishengero akeneye umugenzi yomuba hafi akamuremesha? Twoba tworemesha abandi mu kubabwira inkuru nziza y’Ubwami? Ubwo ni bumwe mu buryo bwiza twogaragariza imbabazi abo duhura bose.​—Yobu 29:12, 13; Rom. 10:14, 15; Yak. 1:27.

22 Nitwitaho kumenya abakeneye gufashwa muri ubwo buryo, tuzobona ko hariho uturyo twinshi two kugaragariza abandi imbabazi. Iyo tugaragaje imbabazi, ntiworaba ukuntu tuba tunezereje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ya Mana “igwije imbabazi”!

URURIRIMBO RWA 43 Isengesho ry’ugukenguruka

^ ing. 5 Imbabazi ni imwe muri kamere nziza cane ziranga Yehova, kandi umwe wese muri twebwe arakeneye kuyitsimbataza. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura igituma Yehova agaragaza imbabazi, igituma twovuga ko gutozwa indero na we biranga imbabazi, n’ingene twogaragaza iyo kamere nziza.

^ ing. 11 Nimba wipfuza kumenya ingene abagarukanywe bonagura ubucuti bafitaniye n’Imana be n’ingene abakurambere bobafasha, raba ikiganiro kivuga ngo “Nunagure ubucuti ufitaniye na Yehova”, kiri muri uwu Munara.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvyeyi ari hejuru ku gisenge c’inzu, arabonye umwana wiwe w’icangazi agarutse muhira agaca yiruka kumusanganira.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kubera ukwiyagiriza, Umwami Dawidi aratwarwa n’ishavu, agaca avuga ko umugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Natani akwiye gupfa.