Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya yoba ishobora kugufasha igihe uri mu maganya?
Wokwishura gute?
Ego
Oya
Kumbure
Ico Bibiliya ivuga
“Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.” (1 Petero 5:7) Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana ishobora kudufasha, tukaruhurirwa mu maganya.
Ibindi Bibiliya ivuga
Gusenga birashobora gutuma uronka “amahoro y’Imana,” ayatuma utekana igihe uri mu maganya.—Abafilipi 4:6, 7.
Vyongeye, gusoma Ijambo ry’Imana birashobora gutuma udahagarika umutima cane.—Matayo 11:28-30.
Amaganya yoba azokwigera ahera?
Bamwebamwe bavuga . . . ko amaganya no guhagarika umutima ari ntahara mu buzima, abandi na bo bakavuga ko amaganya ahera iyo umuntu apfuye akaja mu bundi buzima. Uvyibazako iki?
Ico Bibiliya ivuga
Imana izokuraho ibintu vyose biduteza amaganya. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuwe 21:4.
Ibindi Bibiliya ivuga
Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, abantu bazokwiberaho mu mahoro n’umutekano.—Yesaya 32:18.
Nta wuzokwibuka ingene amaganya no guhagarika umutima vyari bimeze.—Yesaya 65:17.