Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urashobora kuba kw’isi ibihe bidahera

Urashobora kuba kw’isi ibihe bidahera

MBEGA ICIZIGIRO CIZA! Umuremyi wacu yadusezeraniye ko azoduha ubuzima budahera, aha nyene kw’isi. Yamara hari benshi ivyo bigora kwemera. Bavuga bati: ‘Twese tuzopfa. Umuntu wese arabaho hakagera igihe agapfa.’ Abandi babona ko kubaho ibihe bidahera bishoboka, mugabo atari kw’isi. Bavuga ko iyo umuntu apfuye hama akaja mw’ijuru ari ho gusa aronka ubuzima budahera. Weho uvyibazako iki?

Imbere y’uko ugira ico uvuze, ubona gute ubanje kuraba ico Bibiliya ivuga kuri ibi bibazo bitatu: Ukuntu umuntu yaremwe vyerekana ko yari kubaho igihe kingana gute? Ni umugambi uwuhe Imana yari ifitiye isi n’abantu mu ntango? Vyagenze gute ngo abantu batangure gupfa?

UMUNTU YAREMWE MU BURYO BUDASANZWE

Mu biremwa vyose vyo kw’isi, mu vy’ukuri abantu baremwe mu buryo budasanzwe. Uti gute? Bibiliya ivuga ko abantu bonyene ari bo baremwe “mw’ishusho” y’Imana. (Itanguriro 1:26, 27) None ivyo bisigura iki? Bisigura ko abantu baremanywe kameremere nk’iz’Imana, nk’akarorero urukundo n’ubutungane.

Vyongeye, abantu baremanywe ubushobozi bwo kwiyumvira n’ubwo kumenya iciza n’ikibi be n’icipfuzo co kwiyegereza Imana. Ni co gituma dushobora gutahura ingene ibintu Imana yaremye bitangaje mu bunini no mu bwiza, kandi tugahimbarwa n’utugenegene, umuziki n’ivyese. Ikiruta vyose, abantu bonyene ni bo bafise agatima ko gusenga Umuremyi. Ivyo birerekana ko abantu batandukanye cane n’ibindi biremwa vyose vyo kw’isi.

Zirikana rero: Iyaba Imana yashaka ko tubaho imyaka mikeya gusa, ubwo yari kuduha izo kameremere zidasanzwe be n’ubushobozi ntangere bwo kurushiriza kuzitsimbataza? Mu vy’ukuri, Imana yaturemye muri ubwo buryo budasanzwe kugira dushobore guhimbarirwa ubuzima ng’aha kw’isi ibihe bidahera.

UMUGAMBI IMANA YARI IFISE MU NTANGO

Hari abavuga ko Imana itigeze itegekanya ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. Bavuga ko abantu bobaye kw’isi igihe kinaka kugira ngo Imana ibageze maze irabe abakwiye kuja kubana na yo mw’ijuru ibihe bidahera. None hamwe ivyo vyoba ari ukuri, Imana si yo yoca ibazwa ibibi be n’amarushwa vyuzuye kw’isi? Ivyo ntibihuye na gato n’ukuntu Yehova Imana ameze. Ku bijanye na we, Bibiliya ivuga iti: “Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.”​—Gusubira mu vyagezwe 32:4.

Bibiliya irasigura mu buryo butomoye umugambi Imana yari ifitiye isi mu ntango, iti: “Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.” (Zaburi 115:16) Mu vy’ukuri, Imana yaremye isi kugira itubere ahantu heza ho kuba, kandi yarayujuje ibintu vyose dukeneye kugira dushobore kubaho ibihe bidahera duhimbawe.​—Itanguriro 2:8, 9.

“Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova, mugabo isi yayihaye abana b’abantu.”​—Zaburi 115:16

Bibiliya iratomora kandi umugambi Imana ifitiye abantu. Yategetse umugabo n’umugore ba mbere iti: “Mwuzure isi kandi muyigabe, muganze . . . ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.” (Itanguriro 1:28) Ese agateka bari baronse ko kubungabunga no kwagura Iparadizo babamwo! Mu vy’ukuri, Adamu na Eva be n’abobakomotseko bari biteze kuba kw’isi ibihe bidahera. Ntibari biteze impera yo kuba mw’ijuru.

KUBERA IKI DUPFA?

Kubera iki none dupfa? Bibiliya ivuga ko umwe mu bamarayika, uwahavuye yitwa Shetani, yagerageje gutoba ivyo Imana yari yakoze muri Edeni. Uti gute?

Shetani yarahenze abavyeyi bacu ba mbere ari bo Adamu na Eva, ngo bifatanye na we mu kugarariza Imana. Igihe yavuga ko hariho ikintu ciza Imana yabimye, ni ukuvuga uburenganzira bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi, baciye bahitamwo gushigikira Shetani, baba bateye akagere Imana. None vyavuyemwo iki? Bahavuye bapfa nk’uko nyene Imana yari yarabibabwiye. Baratakaje icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo yo kw’isi.​—Itanguriro 2:17; 3:1-6; 5:5.

Ubugarariji bwa Adamu na Eva bwaragize ingaruka ku bantu bose gushika no muri kino gihe. Ijambo ry’Imana rivuga ko “igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose.” (Abaroma 5:12) Dupfa kubera ko abavyeyi bacu ba mbere baturaze igicumuro n’urupfu, si kubera ko Imana idushingira imbere y’igihe umusi wo gupfa.

URASHOBORA KUBA KW’ISI IBIHE BIDAHERA

Ubugarariji bwabaye muri Edeni ntibwahagaritse umugambi Imana yari ifitiye abantu n’isi. Kubera ko Imana ifise urukundo n’ubutungane butagira agahaze, yarakoze ikintu kizotuma tuva mu buja bw’igicumuro n’urupfu twarazwe. Intumwa Paulo yasiguye ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 6:23) Imana ibigiranye urukundo, “yatanze Umwana wayo w’ikinege [Yezu Kristu], kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Mu kwemera kutubera incungu, Yezu yarasubije mu buryo ivyo Adamu yari yononye vyose. a

Vuba, umuhango Imana yatanze w’isi y’Iparadizo ugiye kuranguka. Urashobora kwungukira kuri ako kazoza keza umutima, hamwe wofata nkama iyi mpanuro ya Yezu igira iti: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:13, 14) Ego cane, kazoza kawe kazovana na wewe. None uzohitamwo iki?

a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene incungu idufasha, raba icigwa ca 27 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Urashobora no kukivoma ku buntu kuri www.jw.org.