ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO
Ingene mwokwirinda amajambo ababaza
IGITUMA BITOROSHE
Igihe cose havyutse ukutumvikana, wewe n’uwo mwubakanye muraterana amajambo yo kunebagurana. Mu mubano wanyu, mwama mubwirana amajambo ababaza ku buryo asigaye ari bwo buryo museruriranira akari ku mutima.
Nimba ukwo ari ko vyifashe mu mubano wanyu, murashobora kubihagarika. Ariko rero, murakwiye kubanza kumenya imvo zibitera, mukamenya n’igituma vyoba vyiza mugize ivyo muhinduye.
IKIBITERA
Umuryango umuntu yakuriyemwo. Abagabo n’abagore benshi usanga bakuriye mu miryango aho kubwirana amajambo ababaza vyari ibisanzwe. Umwe mu bubakanye canke bompi ashobora kuba akoresha imvugo yagiye arumva ku bavyeyi biwe.
Akosho kava ku vyo kwisamaza. Amasenema be n’ibiganiro bitwenza bica kuri televiziyo usanga bituma imvugo ibabaza ihinduka iyitwengeje, ivyo bigatuma ababiraba basigara babona ko ata co bitwaye, ko mbere bitwenza.
Imico kama. Mu mico kama imwimwe usanga abantu babona ko umugabo nya mugabo ari uwutwaza igikenye canke ko umugore akeneye kwihagararako n’amanyama kugira ngo umugabo ntamugaye. Havyutse ukutumvikana, umuntu abona ibintu gutyo yoshobora kubona ko uwo bubakanye ari umwansi aho kumubona nk’uwo basangiye urugamba, ivyo bigatuma babwirana amajambo ababaza aho kubwirana ayahumuriza.
Imvo ibituma yaba iyihe, amajambo ababaza yoshobora gutuma mwahukana canke mukagira ingorane z’amagara. Hari n’abavuga ko bopfuma bakubitwa hako babwirwa nabi. Nk’akarorero, umugore yari afise umugabo amukubita akongera akamubwira amajambo acumita, avuga ati: “Kwihanganira ibitutsi vyarangora kuruta kwihanganira gukubitwa. Nabona ko yopfuma ankubita hako ambwira amajambo ababaza gutyo.”
None wokora iki nimba amajambo ababaza ariko aronona umubano wanyu?
ICO WOKORA
Nugaragaze impuhwe. Niwishire mu kibanza c’uwo mwubakanye, ugerageze gutahura ingene amajambo uvuga atuma amererwa. Nimba bishoboka, nugerageze wibuke igihe kanaka vyashitse akababazwa n’amajambo wari wamubwiye. Ntiwibande ku vyo wavuze canke utavuze ico gihe. Ikibazo gihagaze ku kuntu uwo mwubakanye yumvise amerewe kubera ivyo wavuze. Niwibaze uti: ‘Ni nk’amajambo meza ayahe nari kumubwira aho kumubwira amajambo ababaza?’ Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”—Imigani 15:1.
Nurabire ku bubakanye bubahana. Nimba imvugo ibabaza ukoresha wayikuye ku bantu kanaka, nurondere uburorero bwiza wokwigana. Nutege ugutwi abubakanye bakoresha imvugo ibereye wokwigana.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 3:17.
Nusubire kumubona nka kera. Kenshi amajambo ababaza ntava mu kanwa, ava mu mutima. Niwihatire rero kuguma wiyumvira ibintu vyiza ku wo mwubakanye. Nugerageze kwibuka ibintu mwahora muryoherwa no gukorera hamwe. Nurabe amafoto yanyu ya kera. Ni ibiki vyabaryohera? Ni kamere izihe mwashimanye?—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Luka 6:45.
Nuvuge uvyirabishako. Aho gutera amajambo uwo mwubakanye umwagiriza, nuserure akakubakiye mu kuvuga ukuntu wewe wiyumva. Nk’akarorero, umubwiye uti: “Iyo ufashe ingingo utangishije inama, bituma numva umengo nta co maze,” arashobora kuvyakira neza kuruta uko yovyakira umubwiye uti: “Wewe ni ko wama; imisi yose ufata ingingo utangishije inama!”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 4:6.
Numenye igihe co guhagarika ikiyago. Ubonye imitsi itanguye kuranda, mugatangura kuvuga nabi, hari aho vyoba vyiza mubaye murahagarika ico kiyago. Iyo habaye imitongano, kenshi biraba vyiza uciye uhava ukagenda, gushika ubonye ko mushobora kuganira muturuye.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 17:14.
Kenshi amajambo ababaza ntava mu kanwa, ava mu mutima