Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 5

Kwifatanya n’abakuze

Kwifatanya n’abakuze

ABANA BOFASHWA NA NDE?

Abana barakeneye kuyoborwa n’abantu bakuze hamwe no guhanurwa na bo. Iryo banga ahanini ryega abavyeyi. Ariko rero n’abandi barashobora kugira ico bafashije.

KUBERA IKI KWIFATANYA N’ABAKUZE BIHAMBAYE?

Mu bihugu vyinshi, usanga abana ari gake baba bari kumwe n’abantu bakuze. Zirikana kuri ibi:

  • Abana bamara umwanya munini kw’ishure aho usanga abanyeshure ari bo benshi gusumba abigisha be n’abandi bantu bakuze.

  • Abana bamwebamwe bavuye kw’ishure, basanga i muhira ata muvyeyi n’umwe ahari, bose bari ku kazi.

  • Icigwa kimwe cagizwe, cerekanye ko muri Amerika abana bafise imyaka iri hagati ya 8 na 12 bamara nk’amasaha atandatu ku musi bariko barinezereza bakoresheje utwuma tw’ubuhinga bwa none. *

Igitabu kimwe kivuga yuko urwaruka usanga rwitura abo mu runganwe rwabo, aho kuronderera impanuro ku bavyeyi babo, ku bigisha babo canke ku bandi bantu bakuze.

INGENE WOYOBORA UMWANA WAWE

Numarane umwanya na we.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—Imigani 22:6.

Muri rusangi, abana bipfuza kuyoborwa n’abavyeyi babo. Abahinga mbere bavuga ko n’abana b’imiyabaga bashima guhanurwa n’abavyeyi babo aho guhanurwa n’imiyabaga nka bo. Umuganga yitwa Laurence Steinberg yanditse mu gitabu kimwe ati: “Abavyeyi ni bo bafise uruhara nyamukuru mu bijanye n’inyifato y’umwana wabo, kuva mu buyabaga gushika ageze mu bigero.” Yongerako ati: “Abana b’imiyabaga barakeneye kumenya ingene mubona ibintu, mbere naho akenshi usanga batemera ivyo muvuga vyose.”

Bavyeyi, ko abana banyu basanzwe bipfuza kuyoborwa namwe, ntimugishe ako karyo. Nimumarane umwanya na bo, mubabwire uko mubona ibintu n’ivyo mubona ko bihambaye, mubiganire n’ivyo mwaciyemwo mu buzima.

Muronderere uwomufasha.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

Woba uzi umuntu akuze yoshobora gufasha umwana wawe no kumuhanura? Ubona gute urondeye ingene yomarana umwanya na we? Ego ni ko ntukwiye guca umuhebera ibanga ryawe rya kivyeyi. Ariko rero umuntu uzi ko atogirira nabi umwana wawe, arashobora kukwunganira. Bibiliya irerekana ko naho Timoteyo yari amaze gukura, yungukiye cane ku kwifatanya n’intumwa Paulo, kandi ko Paulo na we nyene yavyungukiyeko.​—Abafilipi 2:20, 22.

Muri iki gihe, imiryango myinshi ntibana hafi na hafi. Usanga ba nyokuru na ba sokuru, ba muyomba na ba senge be n’izindi ncuti baba mu mihingo itandukanye. Nimba iwanyu ari ukwo vyifashe, gerageza guhuza abana bawe b’imiyabaga n’abantu bakuze, bigenza mu buryo ushima.

^ ing. 9 Ico cigwa cerekanye ko abana b’imiyabaga bamara hafi amasaha icenda ku musi bariko barinezereza bakoresheje utwuma tw’ubuhinga bwa none. Ivyo bitigiri ntibishiramwo umwanya abana batoyi be n’imiyabaga bamara bakoresha utwo twuma kw’ishure canke mu dukorwa two kw’ishure bakorera i muhira.