Zakariya 6:1-15
6 Nuko nongera kuraramura amaso, mbona imikogote ine ije iva hagati y’imisozi ibiri. Yari imisozi y’umujumpu.
2 Umukogote wa mbere wari ufise amafarasi atukura, uwa kabiri na wo amafarasi yirabura+.
3 Umukogote wa gatatu wari ufise amafarasi yera, uwa kane na wo amafarasi y’utudorodonzi n’ay’amabara avangavanze+.
4 Maze mbaza wa mumarayika yariko avugana nanje nti: «Ivyo ni ibiki ga mukama wanje?»
5 Uwo mumarayika anyishura ati: «Izo ni impwemu+ zine zo mw’ijuru zije ziva aho zari zihagaze imbere y’Umukama w’isi yose+.
6 Umukogote ufise amafarasi yirabura uriko uja mu gihugu co mu buraruko+. Amafarasi yera ariko aja hakurya y’ikiyaga, ay’utudorodonzi na yo ariko aja mu gihugu co mu bumanuko.
7 Ay’amabara avangavanze ashashaye kugendagenda mw’isi.» Maze ayabwira ati: «Hogi, nimugendagende mw’isi.» Ayo mafarasi atangura rero kugendagenda mw’isi.
8 Nuko arampamagara, ambwira ati: «Raba! Ariya mafarasi agiye mu gihugu co mu buraruko, ni yo yatumye impwemu ya Yehova iruhukira mu gihugu co mu buraruko.»
9 Yehova yongera kumbwira ati:
10 «Uzoje gutora ivyo Heludayi, Tobiya na Yedaya bazanye babihawe n’abari mu bunyagano. Kuri uwo musi, uzoce uja kwa Yosiya mwene Zefaniya ujanye n’abo baje bava i Babiloni.
11 Uze ufate ifeza n’inzahabu ukore urugori*, hanyuma urushire ku mutwe wa Yosuwa+ mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru.
12 Maze umubwire uti:“Yehova Nyeningabo avuze ati : ‘Uyu mugabo yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe, kandi azokwubaka urusengero rwa Yehova+.
13 Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi ni we azohabwa icubahiro. Azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, abe n’umuherezi ku ntebe yiwe y’ubwami+. Ayo mabanga yompi* azohuza*.
14 Urwo rugori* ruzoshirwa mu rusengero rwa Yehova rube icibutso c’ivyo Helemu, Tobiya, Yedaya+ na Heni mwene Zefaniya bakoze.
15 Kandi abari kure bazoza bafashe mu kwubaka urusengero rwa Yehova.’ Maze muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo yabantumyeko. Ivyo bizoba, nimwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu.”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urugori ruhambaye.»
^ Ni ukuvuga ibanga ryo kuganza n’iryo kuba umuherezi.
^ Canke «hazoba umwumvikano w’amahoro hagati y’ayo mabanga yompi.»
^ Canke «urwo rugori ruhambaye.»