Zaburi 93:1-5

  • Ubutegetsi bwa Yehova burahambaye

    • «Yehova abaye Umwami!» (1)

    • «Ivyibutswa vyawe ni ivyo kwizigirwa» (5)

93  Yehova abaye Umwami+! Yambaye ubukuru.Yehova yambaye inkomezi.Azikenyeye nk’umukaba. Isi* irashimangiye,ntishobora kunyiganyizwa.   Intebe yawe y’ubwami yarashimangiwe kuva kera+.Wamyeho kuva ibihe bidahera+.   Ewe Yehova, inzuzi ziriko zirasuriranya,ziriko zirasuriranya kandi zigasuma cane.Inzuzi zibandanya gusuriranya no kubomboranya.   Yehova arahambaye iyo hejuru+.Ararengeye ugusuriranya kw’amazi menshi,kandi arakomeye gusumba imipfunda y’ikiyaga isuriranya+.   Ivyibutswa vyawe ni ivyo kwizigirwa cane+. Ewe Yehova, ubweranda ni bwo bushariza* inzu yawe+ ibihe vyose.

Utujambo tw'epfo

Canke «isi yimbuka.»
Canke «bubereye.»