Zaburi 82:1-8

  • Akamo ko guca urubanza rugororotse

    • Imana ica imanza hagati «y’abameze nk’imana» (1)

    • «Nimuburanire abantu batobato» (3)

    • «Muri imana» (6)

Ni zaburi ya Asafu+. 82  Imana ifashe icicaro mw’ikoraniro ryeranda*+.Ica imanza hagati y’abameze nk’imana*+, ikavuga iti:   «Muzogeza ryari guca imanza zigoramye+no kugirira nkunzi ababisha+? (Sela*)   Nimuburanire* umuntu mutomuto n’impfuvyi+. Nimutunganirize uwutagira gitabara na ntahonikora+.   Nimutabare abantu batobato n’abakene,mubarokore mu maboko y’ababisha.»   Nta na kimwe bazi, nta na kimwe batahura+.Bagendera mu mwiza.Imishinge yose y’isi iranyiganyiga+.   «Navuze nti: “Muri imana*+,mwese muri abana b’Imana Musumbavyose.   Ariko muzopfa nk’uko abantu bapfa+,kandi muzogwa nk’uko abandi baganwa bagwa+.”»   Ewe Mana, haguruka ucire urubanza isi+,kuko amahanga yose ari rwawe.

Utujambo tw'epfo

Canke «mw’ikoraniro rya wa Mweranda.»
Canke «hagati y’imana.»
Canke «nimucire imanza.»
Canke «mumeze nk’Imana.»