Zaburi 80:1-19
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Amalisi.» Ni zaburi ya Asafu+ igenewe kwibutsa.
80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, nutege ugutwi,wewe uyobora Yozefu nk’ubusho bw’ibitungwa+.
Wewe wicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+,nusayangane*!
2 Niwerekane ububasha bwawe+imbere ya Efurayimu na Benyamini na Manase,uze udukize+.
3 Ewe Mana, nusubire kudutonesha+.Nuturabe ryiza*, uturokore+.
4 Ewe Yehova Mana Nyeningabo, uzogeza ryari kuterekwa* isengesho ry’abantu bawe+?
5 Ubagaburira amosozi mu kibanza c’ibifungurwa,ukabanywesha amosozi atagira uko angana.
6 Wararetse ababanyi bacu baratuniganira.Abansi bacu baguma badutwenga uko bishakiye+.
7 Ewe Mana Nyeningabo, nusubire kudutonesha.Nuturabe ryiza*, uturokore+.
8 Wakuye umuzabibu+ mu Misiri,
uraheza wirukana amahanga kugira uwutere mu gihugu cayo+.
9 Warawuteguriye ikibanza,maze urashora imizi wuzura igihugu cose+.
10 Igitutu cawo carapfutse imisozi,amashami yawo na yo apfuka amasederi y’Imana.
11 Amashami yawo yarakuze arashika no ku kiyaga,imivyaro yawo na yo ishika kuri rwa ruzi runini*+.
12 Kubera iki wasenyuye uruhome rw’amabuye ruwuzitiye+,ku buryo abahita bose biyamurira inzabibu zawo+?
13 Ingurube zo mw’ishamba ziguma ziwonona,kandi ibikoko vyo mu gahinga biguma biwurya+.
14 Ewe Mana Nyeningabo, turakwinginze ugaruke.
Niwitegereze hasi uri mw’ijuru, urabe ibiriko biraba.
Niwitwararike uyu muzabibu+,
15 agashami* wibadikiye n’ukuryo kwawe+,urabe umwana* wakomeje ku bw’ubuninahazwa bwawe+.
16 Uwo muzabibu wariciwe, uraturirwa+.
Abantu barayogeye kubera ugukankama kwawe*.
17 Ese ukuboko kwawe kwoshigikira umuntu ari iburyo bwawe,umwana wakomeje ku bw’ubuninahazwa bwawe+.
18 Natwe rero ntituzosubira inyuma ngo tuguhebe.
Nutuzigamire ubuzima kugira twambaze izina ryawe.
19 Ewe Yehova Mana Nyeningabo, nusubire kudutonesha.Nuturabe ryiza*, uturokore+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
^ Canke «niwerekane ukwakaka kwawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso hawe hatumurikira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «gushavuzwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso hawe hatumurikira.»
^ Ni uruzi Efurate.
^ Canke «ishami.»
^ Canke «igishitsi c’umuzabibu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kubera igitsure co mu maso hawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso hawe hatumurikira.»