Zaburi 79:1-13

  • Gutabaza Imana igihe amahanga ateye abasavyi bayo

    • «Dusigaye dusuzuguritse» (4)

    • «Nudufashe ku bw’izina ryawe» (9)

    • «Niwishure ababanyi bacu incuro indwi» (12)

Ni zaburi ya Asafu+. 79  Ewe Mana, amahanga yateye intoranwa yawe+.Yahumanije urusengero rwawe rweranda+.Yahinduye Yeruzalemu ikirundo c’ibihomvagurike+.   Imivyimba y’abasavyi bawe bayihaye inyoni ngo ziyirye,imibiri y’intahemuka zawe bayiha ibikoko vyo mw’ishamba+.   Amaraso yabo bayasheshe nk’amazi irya n’ino ya Yeruzalemu,kandi nta n’umwe asigaye wo kubahamba+.   Dusigaye dusuzuguritse ku babanyi bacu+.Abadukikuje baradutwenga kandi bakaducokora.   None uzodushavurira gushika ryari ga Yehova? Ibihe vyose+? Ishavu ryawe rizorurumba nk’umuriro+ gushika ryari?   Nusuke uburake bwawe ku mahanga atakuzino ku bwami butambaza izina ryawe+.   Kuko barokeje Yakobo,bagatuma igihugu ciwe gicika umusaka+.   Ntuduhanire amakosa ya ba sokuruza bacu+. Nutugirire imbabazi ningoga+kuko tugeze habi cane.   Ewe Mana y’ubukiriro bwacu, nudufashe+ku bw’izina ryawe rininahaye.Nuturokore, utubabarire* ibicumuro vyacu ku bw’izina ryawe+. 10  Kubera iki amahanga yovuga ngo: «Imana yabo iri hehe+ Ese twokwibonera ko vyamenyekanye mu mahangayuko wihoye abasheshe amaraso y’abasavyi bawe+! 11  Ese wokwumva amaborogo y’imbohe+! Nukoreshe ububasha* bwawe bukomeye kugira urokore* abaciriwe urwo gupfa+. 12  Ewe Yehova, niwishure ababanyi bacu incuro indwi+kubera amajambo y’agacokoro bakuvuzeko+! 13  Natwe abantu bawe, ubusho bwo mu buragiro bwawe+,tuzoheza tugukengurukire ibihe vyose.Tuzokwama tugushemeza uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «upfuke.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ubohoze.»
Canke «iyaruka.»