Zaburi 59:1-17
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Sawuli yatuma abantu kurereka inzu ya Dawidi kugira bamwice+.
59 Ewe Mana yanje, nunkize abansi banje+.Nunkingire abampagurukiye kugira bandwanye+.
2 Nunkize inkozi z’ikibi,undokore mu bantu b’ababisha*.
3 Ewe Yehova, ehe banyibundiye+.Abagabo bakomeye bariko barantera,ariko ntibampora kugarariza canke gucumura+.
4 Naho ata kibi nakoze, bariruka bakitegura kugira bantere.
Nuhaguruke iyo ngutabaje, urabe ivyo bakora.
5 Kuko uri Imana ya Isirayeli, ewe Yehova+ Mana Nyeningabo.
Nuhaguruke uhane amahanga yose.
Ntihagire n’umwe ugirira ikigongwe muri abo babisha b’ibihemu+. (Sela*)
6 Bama bagaruka buri mugoroba+.Barakuga* nk’imbwa+, bakazunguruka igisagara+.
7 Raba ibiva* mu kanwa kabo.Iminwa yabo imeze nk’inkota+,kuko bibwira bati: «Hari uwutwumva+?»
8 Ariko wewe ga Yehova, uzobatwenga+.Uzotwengera mw’ijigo amahanga yose+.
9 Ewe nkomezi zanje, nzoguma nguhanze amaso+,kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye*, ewe Mana+!
10 Ya Mana y’urukundo* izomfasha+.Imana izotuma nitegereza ugutemba kw’abansi banje+.
11 Ntubice, kugira abantu banje ntibavyibagire.
Nubashwiragize ukoresheje ububasha bwawe.Ewe Yehova nkinzo yacu+, nutume batemba.
12 Nibagwe mu mutego kubera ubwishime bwabo+,kubera igicumuro c’akanwa kabo n’amajambo bavuga,kubera imivumo yabo hamwe n’ibinyoma bavuga.
13 Nubatikize warakaye+,ubatikize ntibasubire kubaho,bamenye ko Imana ari yo iganza muri Yakobo no gushika ku mpera y’isi+. (Sela)
14 Nubareke bagaruke ku mugoroba.Bareke bakuge* nk’imbwa, bazunguruke igisagara+.
15 Bareke bayerere barondera ico barya+,ntibigere bahaga canke ngo baronke aho baba.
16 Ariko jewe nzoririmba inkomezi zawe+.Mu gitondo nzovuga mpimbawe ibijanye n’urukundo* rwawe.
Kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye+n’ahantu mpungira mu bihe vy’amagorwa+.
17 Ewe nkomezi zanje, nzokuririmbira amashemezo*+,kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye, ewe Mana inkunda cane*+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
^ Canke «banyotewe amaraso.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «barabweja.»
^ Canke «ibidudubiza.»
^ Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «babweje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «nzogucurarangira.»
^ Canke «inkunda urukundo rudahemuka (rudahera).»