Zaburi 132:1-18

  • Imana yaratoye Dawidi na Siyoni

    • «Ntute uwo warobanuje amavuta» (10)

    • Abaherezi ba Siyoni nzobambika ubukiriro (16)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. 132  Ewe Yehova, niwibuke Dawidihamwe n’amagorwa yiwe yose+.   Niwibuke indahiro yarahiye Yehova,indagano yaraganiye Umunyabubasha wa Yakobo+ ati:   «Sinzokwinjira mw’ihema ryanje, mu nzu yanje+. Emwe sinzoryama ku buriri bwanje, ku gitanda canje.   Sinzokundira amaso yanje gusinziracanke ngo nemere gutora agatiro,   ntararonkera Yehova ikibanza,ahantu heza* Umunyabubasha wa Yakobo yoba+   Ivyayo* twavyumviye i Efurata+,maze tuyisanga mu karere k’amashamba+.   Nimuze twinjire ahantu aba*+,twuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.   Haguruka Yehova, uze ahantu uruhukira+,wewe n’Isandugu y’inkomezi zawe+.   Ese abaherezi bawe bokwambikwa ubugororotsi,intahemuka zawe na zo zikavuza akaruru k’umunezero! 10  Girira neza umusavyi wawe Dawidi,ntute uwo warobanuje amavuta+. 11  Yehova yararahiye Dawidi,kandi ntazogenda yivuguruje. Yavuze ati: «Nzoshira ku ntebe yawe y’ubwamiuwo mu ruvyaro rwawe*+. 12  Abana bawe nibagumya isezerano ryanjen’ivyibutswa vyanje ndabigisha+,abana babo na bo nyenebazokwicara ku ntebe yawe y’ubwami ibihe vyose+ 13  Kuko Yehova yatoye Siyoni+,ni ho yashimye kuba+. 14  Yavuze ati: «Aha ni ho nzoruhukira ibihe vyose.Ni ho nzoba+, kuko ari ho nashimye. 15  Nzohezagira iki gisagara kibemwo ibifungurwa vyinshi,ntume abakene baho bahaga umukate+. 16  Abaherezi baho nzobambika ubukiriro+,kandi intahemuka zaho zizovuza akaruru k’umunezero+. 17  Aho ni ho nzokwongerereza inguvu* Dawidi. Narateguriye itara uwo narobanuje amavuta+. 18  Abansi biwe nzobambika ibimaramare,ariko urugori rwo ku mutwe wiwe ruzoguma rwakaka+

Utujambo tw'epfo

Canke «ihema rihambaye.»
Bishobora kuba ari ivyerekeye isandugu y’isezerano.
Canke «mw’ihema ryiwe rihambaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’inda yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokuza ihembe.»