Zaburi 12:1-8

  • Yehova agira ahaguruke

    • Amajambo y’Imana aratyoroye (6)

Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye kuba iregereye kw’ijwi ryo hasi*. Ni zaburi ya Dawidi. 12  Ewe Yehova, nunkize kuko intahemuka zaherengeteye.Abantu b’abizigirwa bahonye.   Abantu baguma babwirana ibinyoma,baguma basigana inkore ku maso*, bakavugana udutima tubiri+.   Yehova azoca iminwa y’abantu bose basigana inkore ku maso,hamwe n’ururimi rw’abantu bose biyemera+,   barya birata ngo: «Ururimi rwacu ruzotuma dutsinda. Turashobora kuvuga ivyo dushatse vyose.Ni nde yoshobora kutuganza+   «Kubera yuko abagorwa bariko baracinyizwa,kubera yuko abakene bariko baraboroga+,ngira mpaguruke», ni ko Yehova avuze, «ngira ndabatabare abariko barabahahaza.»   Amajambo ya Yehova aratyoroye+.Ameze nk’ifeza zatyorowe incuro indwi mw’ifuru y’ibumba*.   Ewe Yehova, uzobazigama+.Umwe wese uzomukingira ababisha b’iki gihe ibihe vyose.   Ababisha baguma bitemberera ata nkomanzi,kubera yuko abantu bashira imbere ibibi vy’agahomerabunwa+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «kuri sheminiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Sheminiti).
Mu giheburayo havuga ngo «bavugana akarimi gasosa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mw’ifuru ishongesha ivyuma yubatswe hasi.»