Yosuwa 3:1-17
-
Abisirayeli bajabuka uruzi Yorodani (1-17)
3 Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, hanyuma we n’Abisirayeli bose baragenda bavuye i Shitimu+, bashika kuri Yorodani. Barara ng’aho imbere y’uko bajabuka.
2 Imisi itatu irangiye, abarongoye abandi+ banyuragira mw’ikambi,
3 bategeka abantu bati: «Mukimara kubona ko abaherezi b’Abalewi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova Imana yanyu+, muzoce muva aho muri muyikurikire
4 kugira mumenye inzira mujana kuko mutari bwigere muyicamwo. Ariko hagati yanyu n’iyo sandugu haze hacemwo nk’intambwe 2.000*. Ntimuze muyegere.»
5 Yosuwa araheza abwira abantu ati: «Nimwiyeze+, kuko ejo Yehova azokora ibintu vy’agatangaza hagati yanyu+.»
6 Maze Yosuwa abwira abaherezi ati: «Nimutore isandugu+ y’isezerano, mugendere imbere y’abantu.» Nuko batora isandugu y’isezerano maze babaja imbere.
7 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ngira ntangure kukugira umuntu akomeye imbere y’Abisirayeli bose+, kugira bamenye ko nzobana nawe+ nk’uko nabanye na Musa+.
8 Tegeka abaherezi bareruye isandugu y’isezerano uti: “Nimwashika ku nkombe y’uruzi Yorodani, muce mwinjira mu mazi maze muhagarare+.”»
9 Yosuwa aca abwira Abisirayeli ati: «Ingo mwumvirize ivyo Yehova Imana yanyu ababwira.»
10 Yongerako ati: «Iki ni co kiza kubereka yuko Imana nzima iri kumwe namwe+, kandi ko itazobura kwomora Abanyakanani, Abaheti, Abahiwi, Abaperizi, Abagirugashi, Abamori n’Abayebusi+, bakava imbere yanyu.
11 Ehe isandugu y’isezerano ry’Umukama w’isi yose igira yinjire muri Yorodani imbere yanyu.
12 Nimutore rero abagabo 12 mu miryango ya Isirayeli, umugabo umwumwe ku muryango+.
13 Ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu ya Yehova Umukama w’isi yose bigihonyora mu mazi ya Yorodani, amazi amanuka ava ruguru aca ahagarara, abe nk’urugomero*+.»
14 Nuko abantu bava aho bari bashinze amahema kugira bajabuke Yorodani, maze abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano babaja imbere.
15 Abo baherezi bakimara gushika ku ruzi Yorodani bagahonyora mu mazi yo ku nkombe (kuko Yorodani rwama rurenga inkombe+ mu gihe c’iyimbura),
16 amazi atemba ava ruguru aca arahagarara, araduga aba nk’urugomero* kure cane mu gisagara citwa Adamu kiri hafi ya Saretani, ayamanuka mu kiyaga co muri Araba na yo, ari co kiyaga c’Umunyu, arakama. Nuko uruzi rureka gutemba maze abantu barajabuka, bajabukira aharabana na Yeriko.
17 Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova baguma bahagaze ahantu humutse+ hagati muri Yorodani, baguma hamwe gushika Abisirayeli bose bahejeje kujabuka Yorodani. Iryo hanga ryose ryajabutse riciye ahantu humutse+.