Yosuwa 1:1-18
1 Inyuma y’urupfu rwa Musa umusavyi wa Yehova, Yehova abwira Yosuwa*+ mwene Nuni, umufasha*+ wa Musa ati:
2 «Umusavyi wanje Musa yapfuye+. Haguruka rero, ujabuke uruzi Yorodani wewe n’aba bantu bose, mwinjire mu gihugu ngira mpe Abisirayeli+.
3 Ahantu hose muzohonyoza ikirenge, nzohabaha nk’uko nabisezeraniye Musa+.
4 Akarere kanyu kazohera mu bugaragwa gashike i Libani no kuri rwa ruzi runini Efurate, ni ukuvuga igihugu cose c’Abaheti+. Kazoshika no ku kiyaga Kinini* mu burengero+.
5 Nta n’umwe azoshobora kugutsinda igihe cose uzoba ukiriho+. Nzobana nawe nk’uko nabanye na Musa+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe+.
6 Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzofasha aba bantu gutorana igihugu nasezeraniye ba sekuruza+.
7 Wewe gusa gira umutima rugabo kandi ukomere cane, ukurikize neza amategeko yose umusavyi wanje Musa yaguhaye. Ntuze uyarengeko ngo ukatire iburyo canke ibubamfu+. Bizotuma ukorana ubukerebutsi* aho uzoja hose+.
8 Ibiri muri iki gitabu c’amategeko uze uvyamize mu kanwa kawe+. Uze ugisome n’ijwi ritoyi* umurango n’ijoro, kugira ngo ukurikize neza ivyanditswe muri co vyose+. Ni ho uzororanirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.
9 None si jewe ndagutegetse? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ugire ubwoba, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.»
10 Nuko Yosuwa ategeka abarongoye abandi ati:
11 «Nimunyuragire mw’ikambi maze mutegeke abantu muti: “Tegure impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka Yorodani kugira muje kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+.”»
12 Hanyuma Yosuwa abwira Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase ati:
13 «Mwibuke ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: “Yehova Imana yanyu abahaye amahoro*, kandi yarabahaye iki gihugu.
14 Abagore banyu n’abana banyu n’ibitungwa vyanyu bizoguma mu gihugu jewe Musa nabahaye hakuno ya Yorodani*+. Mugabo mwebwe abarwanyi b’intwari mwese+ muzojabuka imbere ya bene wanyu mwiteguriye urugamba+. Muze mubafashe
15 gushika Yehova abahaye amahoro nk’uko namwe yayabahaye, na bo bakigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe. Muzoheza rero mugaruke mu gihugu mwahawe mukibemwo, ico jewe Musa umusavyi wa Yehova nabahaye kiri mu buseruko bwa Yorodani+.”»
16 Na bo bishura Yosuwa bati: «Ivyo udutegetse vyose tuzobikora, kandi aho uzodutuma hose tuzojayo+.
17 Nk’uko twumviye Musa muri vyose, ni ko nawe tuzokwumvira. Yehova Imana yawe abane nawe nk’uko yabanye na Musa+.
18 Umuntu wese azokugarariza ntakurikize itegeko ryose umuhaye, azokwicwa+. Wewe gusa gira umutima rugabo kandi ukomere+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «umusuku.»
^ Canke «Yehoshuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»
^ Ni ikiyaga Mediterane.
^ Canke «ubwenge.»
^ Canke «uze uzirikane ibiri muri co.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»
^ Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.