Yobu 31:1-40
31 Nagiraniye isezerano n’amaso yanje+.
None nokwubahuka gute kuraba umugore w’abandi* mu buryo butabereye+?
2 None ni umugabane uwuhe Imana yo mw’ijuru yompa?Ni intoranwa iyihe nohabwa na Mushoboravyose ari iyo hejuru?
3 Mbega ababisha ntibarindiriye gushikirwa n’ivyago,abakora ibibi na bo bagashikirwa n’amagorwa+?
4 Mbega Imana ntibona inzira zanje+kandi igaharura intambuko zanje zose?
5 Noba narigeze ngendera mu kinyoma*?
Ikirenge canje coba carihutiye kubesha+?
6 Imana nimpime ku munzane utabesha+,izoheza ibone ko ndi intungane+.
7 Ikirenge canje nicaba carataye inzira+,umutima wanje ukaba warakurikiye amaso yanje+canke ibiganza vyanje bikaba vyaranduye,
8 abandi baraca barya ivyo narimye+bongere barandure ivyo nateragiye*.
9 Umutima wanje ukaba waripfuje uwundi mugore+canke nkaba narabundabunze+ ku muryango wa mugenzanje,
10 umugore wanje rero nasyere uwundi mugabokandi abandi bagabo baryamane na we*+.
11 Kuko iyo yoba ari inyifato iteye isoni.Ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza+.
12 Woba ari umuriro utema ugatongora+,ukayigiza umwimbu wanje wose gushika mu mizi*.
13 Nimba naranse gutunganiriza abashumba* banjeigihe bari bafise ico banyidogera*,
14 none nokora iki Imana inshize mu rubanza*?
Noyishura iki igize ico imbaza+?
15 Mbega uwandemeye mu nda ya mama si we yabaremye+?
Si we yatubumvye twese imbere y’uko tuvuka*+?
16 Nimba narimye abakene ico bipfuza+canke ngatuma abapfakazi bihebura*+,
17 nimba narariye ibifungurwa vyanje jenyenesimpeko impfuvyi+,
18 (Nakuranye n’impfuvyi kuva nkiri muto, mba nka se wazo,kandi namye mfasha abapfakazi kuva nkiri umwana*.)
19 nimba narigeze kubona uwishwe n’imbeho kubera atagira agahuzucanke umukene atagira ico yipfuka+,
20 nimba yaranse kumpezagira*+kubera ntamuhaye ubwoya bw’intama zanje ngo bumususurutse,
21 nimba narigeze gutera ubwoba* impfuvyi+igihe yari ikeneye ko ndayifasha kw’irembo ry’igisagara*+,
22 ukuboko* kwanje rero nigutandukane n’ibitugukandi kuvunikire mu nkokora*.
23 Kuko natinya icago kivuye ku Manakandi sinari gushobora guhagarara imbere y’ubuninahazwa bwayo.
24 Nimba narizigiye inzahabu,canke nkabwira inzahabu nzizanziza nti: “Ni wewe mpanze amaso+”,
25 nimba umunezero wanje wava kw’itunga ryinshi mfise+kubera ubutunzi bwinshi nari nararonse+,
26 nimba narigeze kubona izuba* rikayanganacanke ukwezi kugendagenda mu bwiza bwakwo+,
27 hanyuma umutima wanje ukoshwa mu mpishomaze nkabisenga mu gusoma ikiganza canje+,
28 iryo rero ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza,kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri iri mw’ijuru.
29 Noba narigeze mpimbarwa n’uko umwansi wanje yatikiye+,canke ngo nezerwe kubera yashikiwe n’ivyago?
30 Sinigeze nemerera akanwa kanje gucumuramu kurahira ndamwipfuriza urupfu+.
31 Mbega abo mw’ihema ryanje ntibavuze bati:“Ni nde yozana umuntu atahagijwe n’ibifungurwa* vyiwe+?”
32 Nta kavamahanga yarara hanze+.Nama nugururiye imiryango abahita.
33 Noba narigeze ngerageza gupfuka ibicumuro vyanje nk’abandi+mu guhisha ikosa ryanje mu mupfuko w’impuzu?
34 Noba naratinye isinzi ry’abantu,canke ngaterwa ubwoba n’uko iyindi miryango yonsuzugura,ku buryo nguma numye, ngatinya gusohoka hanze?
35 Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,
nosinya* nkemeza ko ivyo navuze ari ukuri!
Mushoboravyose nanyishure+!
Ese iyaba uwunyagiriza yanditse ibirego vyiwe!
36 Nobitwaye ku rutugu rwanje,nkabibohera ku mutwe wanje nk’urugori.
37 Nokwisiguye imbere y’Imana ku vyo nakoze vyose,nkayegera ntekanye nk’umuganwa.
38 Nimba umurima wanje waratakamvye unyidogera,n’amaburi baciye muri wo akaririra hamwe,
39 nimba narariye umwimbu wawo kuri gusa+canke ngatuma benewo bihebura+,
40 uwo murima rero uraca umera amahwa mu kibanza c’ingano,umere ivyatsi binuka mu kibanza ca sayiri.»
Amajambo ya Yobu agarukiye aha.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «umwigeme w’isugi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «narigeze ngendana n’ababeshi?»
^ Canke «abankomokako nibarandurwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abandi bagabo nibamupfukameko.»
^ Canke «ukarandura umwimbu wanje wose.»
^ Bari abashumba b’abagabo canke b’abagore.
^ Canke «igihe twari dufitaniye urubanza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «impagurukiye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «si we yatubumbiye mu nda twese?»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ngatuma amaso y’umupfakazi ayama.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuva nkiva mu nda ya mama.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nimba ikiyunguyungu ciwe kitampezagiye.»
^ Canke «gukangisha ingumu.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi mbona yuko mfise uburyo mw’irembo ry’igisagara.»
^ Canke «ibega.»
^ Canke «nigutane n’igufa ryakwo ryo hejuru.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuco.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inyama.»
^ Canke «nokwanditse izina ryanje.»