Yobu 3:1-26
3 Inyuma y’ivyo, Yobu afata ijambo, atangura kuvuma umusi yavukiyeko*+.
2 Avuga ati:
3 «Umusi navukiyeko uragapfa+,hamwe na rya joro bavuga ngo: “Umuhungu yavutse*.”
4 Uwo musi nucike umwiza.
Imana iri mw’ijuru ntikawiteho.Umuco ntukawuboneshereze.
5 Umwiza w’umuzitanya* nuwegukire.
Igicu c’imvura nikibe hejuru yawo.
Ibituma umusi ucika umwiza nibiwutere ubwoba.
6 Iryo joro niricike umwijima+.Ntirikabemwo umunezero mu misi igize umwaka,kandi ntirigaharurwe mu misi igize amezi.
7 Emwe, iryo joro niricike ingumba,ntiryigere ribamwo umunezero.
8 Abavuma imisi nibarivume,barya bashobora gukangura Lewiyatani*+.
9 Inyenyeri zo ku mugoroba waryo nizicike umwijima.Niririndire umuco wo ku murango riwubure,ntiryigere ribona imishwarara yo mu mutwenzi.
10 Kuko ritugaye inda ya mama+,canke ngo rihishe amaso yanje ivyago.
11 Kubera iki ntapfuye nkivuka?
Kuki ntavuye mu nda ngaca ncikana+?
12 Kuki habonetse ibibero binyakirahamwe n’amabere nonka?
13 Erega ubu mba niryamiye ata nkomanzi+.Mba nisinziririye kandi niruhukiye+
14 ndi kumwe n’abami b’isi n’abajanama babo,barya biyubakira inyubakwa, ariko ubu zikaba ari umusaka*,
15 canke kumwe n’abaganwa bari batunze inzahabu,bakagira n’amazu yuzuye ifeza.
16 Kubera iki ntabaye nk’inda ikorotse,nkamera nk’abana batigeze babona umuco?
17 Hariya n’ababisha ntibasubira gutera akajagari,mbere n’abarushe baba biruhukiye+.
18 Hariya imbohe zose hamwe ziritekaniye.Ntizumva amajwi y’abazihindagiza ku bikorwa.
19 Hariya abato n’abahambaye bose baba bangana+,kandi n’umushumba ntaba akiganzwa na shebuja.
20 Kubera iki Imana iha umuco uwuri mu vyago,igaha ubuzima abafise umutima udundumiwe+?
21 Kubera iki hari abipfuza urupfu ariko bakarubura+?
Barimba barurondera kuruta uko barondera itunga rinyegejwe,
22 kandi botamba bagatarika,bakaryoherwa baramutse bashitse mu mva.
23 Kubera iki Imana iha umuco umuntu yazimiye,ikawuronsa umuntu yatangiriye impande zose*+?
24 Kuko iminiho yanje isigaye ari yo bifungurwa vyanje+,amaborogo yanje+ asigaye yisuka nk’amazi.
25 Ivyahora bintera ubwoba ni vyo vyanshikiye,kandi ivyo nahora ntinya ni vyo vyambayeko.
26 Nta mahoro, nta gahengwe canke akaruhuko nigeze ndonka,ariko ivyago biguma bikurakuranwa kuri jewe.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «umusi wiwe.»
^ Canke «yasamwe inda.»
^ Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»
^ Hari abiyumvira ko yoba ari ingona canke ikindi gikoko co mu mazi kinini kandi gikomeye.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «abiyubakiye ibibanza vy’umusaka.»
^ Canke «uwo yakikuje uruzitiro.»