Yobu 28:1-28
28 Hariho ikibanza bacukuramwo ifeza,hakabaho n’ikibanza batyororeramwo inzahabu+.
2 Ubutare bw’icuma babukura mw’ivu,umujumpu na wo ukava mu mabuye bashongesheje+.
3 Abantu baracokera mu mwiza,bagacukura mu mwiza w’umuzitanyabarondera ubutare*.
4 Barimba ibinogo kure y’aho abantu baba,ahantu hibagiwe, kure y’aho abantu baca.Bamwebamwe bamanukayo benena ku migozi.
5 Ibifungurwa bimera hejuru kw’isi,ariko munsi yayo harabiragira nk’ahabiragizwa n’umuriro*.
6 Amabuye yaho arimwo safiro,ivu ryaho na ryo ririmwo inzahabu.
7 Iyo nzira nta gisiga na kimwe kiyizi,n’ikinyamwanira cirabura nticigeze kiyibona.
8 Ibikoko bikaze ntivyigeze biyihonyoramwo,mbere n’intambwe ntiyigeze iyicamwo.
9 Abantu bamenagura ibitandara vy’isare n’amaboko,imisozi bakayirandurana n’imishinge yayo.
10 Baca imiserege y’amazi+ mu bitandara.Nta buye ry’agaciro na rimwe batabona.
11 Bagomera amasoko y’inzuzi,bagashira ahabona ivyari binyegejwe.
12 Ariko ubukerebutsi ga yemwe, umuntu yobukura he+?Ni hehe hari isoko ry’ugutegera+?
13 Nta muntu n’umwe azi agaciro kabwo+,kandi ntibuboneka mu gihugu c’abazima.
14 Amazi y’ibenga yavuze ati: “Ntiburi muri jewe!”
Ikiyaga na co giti: “Ntiburi iwanje+!”
15 Inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura,kandi nta wobukaba ifeza naho zoba zingana iki+.
16 Inzahabu z’i Ofiri+ ntizobugura,eka n’amabuye yitwa onigisi na safiro ntiyobugura.
17 Ntibwogereranywa n’inzahabu be n’ikiyo,kandi nta wobukaba igikoresho c’inzahabu nzizanziza*+.
18 Ibuye ryitwa korali n’iryitwa kirisitalo yoyo ntiyovugwa+,kuko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita*.
19 Ntibwogereranywa n’ibuye ry’i Kushi ryitwa topazi+,kandi n’inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura.
20 None ubukerebutsi buva he?Isoko ry’ugutegera riri hehe+?
21 Bwarahishijwe amaso yose y’abantu n’ay’ibikoko+,bunyegezwa n’inyoni zose zo mu kirere.
22 Ukuzimu* n’urupfu vyavuze biti:“Inkuru yabwo twayumvise ku matwi gusa!”
23 Imana ni yo izi inzira ija iyo buri.Ni yo yonyene izi aho buba+,
24 kuko yitegereza gushika no ku mpera y’isi,ikabona ibintu vyose biri munsi y’ijuru+.
25 Igihe yaha inguvu* umuyaga+,igapima ingene amazi yose angana+,
26 igihe yashingira imvura amategeko+,igacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,
27 ni ho yabona ubukerebutsi yongera irabusigura.Yarabushinze yongera irabusuzuma.
28 Iraheza ibwira umuntu iti:
“Raba, ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi+,kandi uguca kure ikibi ni kwo gutegera+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «amabuye.»
^ Hashobora kuba herekeza ku bikorwa bijanye no gucukura ubutare.
^ Canke «ityoroye.»
^ Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «agatikizo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uburemere.»