Yesaya 55:1-13
55 Mwebwe abanyotewe mwese+, nimuze munywe amazi+.
Mwebwe abadafise amahera, nimuze mutore* murye.
Emwe, nimuze mutore* umuvinyu n’amata+ ata mahera murishe kandi ata co mutanze+.
2 Kubera iki muguma mutanga amahera ku bitari ibifungurwa,mugasohora ayo mwabiriye akuya* ku bintu bidahaza?
Nimunyumvirize mwitonze, murye ibifungurwa nyavyo+,muryohererwe cane ibifungurwa vyizavyiza*+.
3 Nimutege ugutwi, muze kuri jewe+.
Nimwumvirize ni ho muzobandanya kubaho.Nanje nzoheza ngirane namwe isezerano ryamaho+ ndabikunze,nisunze isezerano ry’urukundo* nagiranye na Dawidi. Iryo sezerano ni iryo kwizigirwa+.
4 Raba! Namugize icabona+ ku mahanga,ndamugira indongozi+ n’umutware+ ku mahanga.
5 Raba! Uzohamagara ihanga utazi,kandi abo mw’ihanga ritari rikuzi bazokwiruka baza iwawekubera Yehova Imana yawe+, wa Mweranda wa Isirayeli,kuko azoguha icubahiro+.
6 Nimurondere Yehova umwanya agishobora kuboneka+.
Nimumuhamagare umwanya akiri hafi+.
7 Umubisha nahebe inzira yiwe+,umunyakibi ahebe ivyiyumviro vyiwe.Nagaruke kuri Yehova, azomugirira imbabazi+,agaruke ku Mana yacu, kuko izomubabarira cane*+.
8 «Kuko ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu+,n’inzira zanyu si zo nzira zanje», ni ko Yehova avuze.
9 «Nk’uko ijuru riri hejuru y’isi,ni ko n’inzira zanje ziri hejuru y’izanyu,n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru y’ivyanyu+.
10 Kurya nyene imvura na shelegi* bikoroka bivuye mw’ijuru,ntibisubireyo bitanywesheje isi, bigatuma yimbuka ikamera,uwubiba akaronka imbuto, n’uwurya akaronka ibifungurwa,
11 ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje rizomera+.
Ntirizongarukako ata co rishitseko+,ahubwo rizoshitsa vy’ukuri ikimpimbara* cose+,riroranirwe ata kabuza mu co naritumye.
12 Kuko muzosohoka munezerewe+,mugarukanwe mu mahoro+.
Imisozi n’imirambi bizonezerwa bibasanganize akamo k’umunezero+,kandi ibiti vyo mw’ishamba vyose bizokoma amashi+.
13 Mu gishingo c’ibisaka vy’amahwa hazomera igiti c’umuberoshi+,mu gishingo c’igisuru hamere igiti c’umuhadasi*.
Ivyo bizotuma Yehova aba rurangiranwa*+,bibe ikimenyetso camaho kitazokwigera kivaho.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mugure.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mugure.»
^ Canke «mwakoreye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ikinure.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ata gahigihigi.»
^ Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Canke «ico ngomba.»
^ Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.
^ Canke «yihesha izina.»