Yeremiya 10:1-25
10 Ng’ibi ivyo Yehova avuze abagabisha yemwe Bisirayeli.
2 Yehova avuze ati:
«Ntimwige ingeso z’amahanga+,kandi ntimurandurwe umutima n’ibimenyetso vyo kw’ijuru,ngo ni uko amahanga arandurwa umutima na vyo+.
3 Kuko imigenzo y’amahanga ari uruhendo*.
Umubaji w’umuhinga araca igiti gisanzwe co mw’ishamba,akagihinguramwo ikigirwamana akoresheje igikoresho ciwe+.
4 Baragishariza bakoresheje ifeza n’inzahabu+,bakagifatisha imisumari n’inyundo kugira ntigitembe+.
5 Ivyo bigirwamana bimeze nk’igikanganyoni mu murima w’amakonkombure. Ntibishobora kuvuga+.Barabirerura kuko bidashobora gutambuka+.
Ntimubitinye kuko ata kibi bishobora gukora,nta n’iciza bishobora gukora+.»
6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+.
Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.
7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+.
8 Bose ni imburabwenge n’ibijuju+.
Kwigishwa n’igiti nta co bimaze*+.
9 Bakura ifeza zifyase i Tarushishi+ n’inzahabu i Ufazi.Ivyo vyose vyahinguwe n’umunyamwuga w’umuhinga, bikorwa n’amaboko y’umucuzi.
Impuzu z’ivyo bigirwamana zikozwe mu nyuzi z’ubururu no mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
Vyose vyakozwe n’abakozi b’abahinga.
10 Mugabo Yehova ni we Mana vy’ukuri.
Ni Imana nzima+ akaba n’Umwami w’ibihe bidahera+.
Isi izonyiganyiga+ kubera ishavu ryiwe,kandi nta hanga rizokwihanganira uburake bwiwe.
11 * Muzobabwire muti:
«Imana zitaremye* ijuru n’isizizohona zive kw’isi no munsi y’iryo juru+.»
12 Ni we yaremye* isi akoresheje ububasha bwiwe,akomeza ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+,aramvura ijuru akoresheje ubwenge* bwiwe+.
13 Iyo avuze,amazi yo kw’ijuru aca aja mu ruhagarara+,kandi atuma ibicu* biduga bivuye ku mpera y’isi+.
Arungika imiravyo ikazanana n’imvura*,agasohora umuyaga awukuye mu bigega vyiwe+.
14 Umuntu wese akorana ubupfu nk’uwutagira ubumenyi.
Umucuzi wese azomaramara kubera ibishusho yakoze+,kuko ibishusho vyiwe bikozwe mu cuma* ari ikinyoma.Nta mpwemu* bigira+.
15 Nta co bimaze*. Ni ibikorwa vy’akamenyo+.
Umusi Imana yabihagurukiye bizohona.
16 Imana yo mugabane wa Yakobo, yoyo ntimeze nk’ivyo bintukuko ari yo yaremye* vyose,kandi Isirayeli ni inkoni yayo iyegukira*+.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.
17 Egeranya umutekero wawe uwukure hasi,ewe mugore yugarijwe!
18 Kuko Yehova avuze ati:
«Ngira nte kure* ababa mu gihugu+,kandi nzotuma bagira amarushwa.»
19 Ndagowe kubera uburwayi bwanje*+!
Mfise igikomere kidakira.
Nibwiye nti: «Vy’ukuri iyi ni yo ndwara yanje, kandi ntegerezwa kuyihanganira.
20 Ihema ryanje ryasambuwe, kandi imigozi yaryo yose yacagaguritse+.
Abana banje bantaye, nta n’umwe asigaye+.
Nta wusigaye yomfasha kuzingurura ihema ryanje canke kumanika ibitambara vyaryo.
21 Kuko abungere bigenjeje nk’ibipfu+,ntibahanuza Yehova+.
Ni co gituma batakoranye ubwenge*,kandi amasho yabo yose yarashwiragiye+.»
22 Umva inkuru iriko iraza!
Hari ukunyiganyiga gukomeye kuzananye mu gihugu co mu buraruko+,kugira ngo ibisagara vy’Ubuyuda bisigare ari umusaka, ahantu haba imbwebwe+.
23 Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo.
Umuntu nta burenganzira* afise bwo kuyobora intambuko yiwe+.
24 Ewe Yehova, nunkosore ukurikije ubutungane,ariko ntubigirane ishavu+, kugira ngo ntunzimanganye+.
25 Nusuke uburake bwawe ku mahanga akwirengagiza+no ku miryango itambaza izina ryawe.
Kuko barokeje Yakobo+,emwe, baramurotsa ku buryo bahakwa kumuzimanganya+.Batumye igihugu ciwe gicika umusaka+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ata co imaze.»
^ Canke «ni uruhendo.»
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Umurongo wa 11 mu ntango wanditswe mu giharameya.
^ Mu giharameya havuga ngo «zitahinguye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «akorera ingomero imvura.»
^ Canke «imyuka.»
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»
^ Canke «nta mpemu.»
^ Canke «ni uruhendo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inkoni y’intoranwa yayo.»
^ Canke «ntereshe umugozi.»
^ Canke «imvune yanje.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «nta bushobozi.»