Nehemiya 7:1-73

  • Amarembo y’igisagara n’abarinzi bayo (1-4)

  • Urutonde rw’abavuye mu bunyagano (5-69)

    • Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero (46-56)

    • Abahungu b’abasuku ba Salomo (57-60)

  • Intererano zo gushigikira igikorwa (70-73)

7  Uruzitiro rukirangira kwubakwa+, nca nshirako imiryango+. Maze nshinga ibikorwa abarinzi b’amarembo+, abaririmvyi+ n’Abalewi+.  Igisagara ca Yeruzalemu nca ndakizeza mwenewacu Hanani+ na Hananiya umukuru ajejwe ya nyubakwa ikomeye+. Hananiya yari umugabo w’umwizigirwa cane kandi atinya Imana y’ukuri+ kurusha abandi benshi.  Hanyuma ndababwira nti: «Amarembo ya Yeruzalemu ntaze yugururwe izuba ritarakara cane. Abarinzi b’amarembo bazoba bakiri kw’izamu baze bugare imiryango, bashireko n’ivyugazo. Muze mushinge ababa i Yeruzalemu igikorwa c’izamu. Bamwe bakorere ku birindiro vyabo, abandi imbere y’inzu zabo.»  Ico gihe igisagara cari kinini kandi cagutse, mugabo carimwo abantu bakeyi+, kandi amazu yaho ntiyari bwasubire kwubakwa.  Mugabo Imana yanje ishira mu mutima wanje iciyumviro co gukoraniriza hamwe abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bantu kugira biyandikishe hakurikijwe amamuko yabo+. Maze nubura igitabu canditswemwo abagarutse ubwa mbere hakurikijwe amamuko yabo. Cari canditswemwo ngo:  «Aba ni bo bantu bo mu ntara* bavuye mu mbohe Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+, maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no mu Buyuda, umwe wese agasubira mu gisagara c’iwabo+.  Baje bazananye na Zerubabeli+, Yeshuwa+, Nehemiya, Azariya, Rayamiya, Nahamani, Morudekayi, Bilishani, Misipereti, Bigivayi, Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo b’Abisirayeli cari iki+:  abahungu* ba Paroshi bari 2.172.  Abahungu ba Shefatiya bari 372. 10  Abahungu ba Ara+ bari 652. 11  Abahungu ba Pahati-Mowabu+ bakomoka kuri Yeshuwa na Yowabu+ bari 2.818. 12  Abahungu ba Elamu+ bari 1.254. 13  Abahungu ba Zatu bari 845. 14  Abahungu ba Zakayi bari 760. 15  Abahungu ba Binuwi bari 648. 16  Abahungu ba Bebayi bari 628. 17  Abahungu ba Azigadi bari 2.322. 18  Abahungu ba Adonikamu bari 667. 19  Abahungu ba Bigivayi bari 2.067. 20  Abahungu ba Adini bari 655. 21  Abahungu ba Ateri bakomoka kuri Hezekiya bari 98. 22  Abahungu ba Hashumu bari 328. 23  Abahungu ba Bezayi bari 324. 24  Abahungu ba Harifu bari 112. 25  Ab’i Gibeyoni+ bari 95. 26  Abagabo b’i Betelehemu n’i Netofa bari 188. 27  Abagabo b’i Anatoti+ bari 128. 28  Abagabo b’i Beti-Azimaveti bari 42. 29  Abagabo b’i Kiriyati-Yeyarimu+, i Kefira n’i Beroti+ bari 743. 30  Abagabo b’i Rama n’i Geba+ bari 621. 31  Abagabo b’i Mikimasi+ bari 122. 32  Abagabo b’i Beteli+ n’i Ayi+ bari 123. 33  Abagabo b’i Nebo handi bari 52. 34  Abahungu ba Elamu wundi bari 1.254. 35  Abahungu ba Harimu bari 320. 36  Ab’i Yeriko bari 345. 37  Ab’i Lodi, i Hadidi n’i Ono+ bari 721. 38  Ab’i Senaya* bari 3.930. 39  Abaherezi+ bari aba: abahungu ba Yedaya bo mu muryango wa Yeshuwa bari 973. 40  Abahungu ba Imeri bari 1.052. 41  Abahungu ba Pashuri+ bari 1.247. 42  Abahungu ba Harimu+ bari 1.017. 43  Abalewi+ bari aba: abahungu ba Yeshuwa, aba Kadumiyeli+, bakomoka kuri Hodeva, bari 74. 44  Abaririmvyi+ bari aba: abahungu ba Asafu+ bari 148. 45  Abarinzi b’amarembo+ bari aba: abahungu ba Shalumu, aba Ateri, aba Talimoni, aba Akubu+, aba Hatita n’aba Shobayi. Bari 138. 46  Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ bari aba: abahungu ba Ziha, aba Hasufa, aba Tabayoti, 47  aba Kerosi, aba Siya, aba Padoni, 48  aba Lebana, aba Hagaba, aba Salumayi, 49  aba Hanane, aba Gideli, aba Gahari, 50  aba Reyaya, aba Rezini, aba Nekoda, 51  aba Gazamu, aba Uza, aba Paseya, 52  aba Besayi, ab’Abamewunimu*, aba Nefushesimu*, 53  aba Bakibuki, aba Hakufa, aba Harihuri, 54  aba Baziliti, aba Mehida, aba Harisha, 55  aba Barikosi, aba Sisera, aba Tema, 56  aba Neziya n’aba Hatifa. 57  Abahungu b’abasuku ba Salomo+ bari aba: abahungu ba Sotayi, aba Sofereti, aba Perida, 58  aba Yahala, aba Darikoni, aba Gideli, 59  aba Shefatiya, aba Hatili, aba Pokereti-Hazebayimu n’aba Amoni. 60  Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo, bose hamwe bari 392. 61  Aba bakurikira baduze bava i Teli-Mela, i Teli-Harisha, i Kerubi, i Adoni n’i Imeri, mugabo ntibashoboye kwerekana neza umuryango bavamwo n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bari Abisirayeli+: 62  abahungu ba Delaya, aba Tobiya n’aba Nekoda bari 642. 63  Mu baherezi hari aba: abahungu ba Habaya, aba Hakozi+ n’aba Baruzilayi. Uwo Baruzilayi yarongoye umwe mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umunyagileyadi, aca yitirirwa izina ryabo. 64  Abo bararondeye aho banditswe kugira ngo berekane amamuko yabo mugabo ntibahabona, bituma bakurwa mu buherezi*+. 65  Nuko buramatari*+ ababwira ko badakwiye kurya ku bintu vyeranda cane+ gushika habonetse umuherezi yobaza Imana biciye kuri Urimu na Tumimu*+. 66  Abantu bose bari bagize iryo shengero bari 42.360+. 67  Aho ntidushizemwo abashumba babo n’abashumbakazi+ babo 7.337. Bari bafise n’abaririmvyi be n’abaririmvyikazi+ 245. 68  Bari bafise amafarasi 736, inyumpu* 245, 69  ingamiya 435 n’indogobwa 6.720. 70  Bamwe mu bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli baratanze intererano yo gushigikira igikorwa+. Buramatari* yatanze amadarakima* 1.000 y’inzahabu, amabakure 50 n’amakanzu+ 530 y’abaherezi, ngo bishirwe mu kigega. 71  Abandi bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli batanga amadarakima 20.000 y’inzahabu n’imina* 2.200 z’ifeza ngo bishirwe mu kigega c’ico gikorwa. 72  Abandi bantu na bo batanga amadarakima 20.000 y’inzahabu, imina 2.000 z’ifeza n’amakanzu 67 y’abaherezi. 73  Maze abaherezi, Abalewi, abarinzi b’amarembo, abaririmvyi+, abanyagihugu basanzwe n’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*, baja kuba mu bisagara vyabo. Nuko Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo+. Ukwezi kugira indwi kwashitse+ bose ari yo baba+

Utujambo tw'epfo

Ishobora kuba ari intara ya Babiloni canke y’Ubuyuda.
Muri iki kigabane, ijambo «abahungu» rishobora gusigura abakomotse kuri uwo muntu aba ariko aravugwa. Mu mirongo imwimwe na ho rishobora no kuba risigura ababa ahantu kanaka.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Senaya.»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Mewunimu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu b’Abanefushesimu.»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko bahumanye.»
Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.
Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Muri rusangi, idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi citwa idariki capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Raba Inyongera ya B14.
Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.
Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»