Nehemiya 6:1-19

  • Abansi babandanya kurwanya igikorwa co kwubaka (1-14)

  • Barangiza kwubaka uruzitiro mu misi 52 (15-19)

6  Nuko Sanibalati, Tobiya+, wa Mwarabu+ Geshemu n’abandi bansi bacu bakimara kumenya yuko nari nasubiye kwubaka uruzitiro+ be n’uko aho rwari rwarasambutse hose hazibiwe (naho ku marembo ntari bwashireko imiryango)+,  Sanibalati na Geshemu baca bantumako bati: «Reka duhane isango tuze duhurire mu bigwati vyo mu kiyaya ca Ono+.» Mugabo bashaka kungirira nabi.  Nuko ndabatumako intumwa nti: «Ndiko nkora igikorwa gihambaye, sinshobora kumanuka ngo nze. Mvuye ku gikorwa nkaza kubaraba coca gihagarara.»  Bandungikiye ubwo butumwa incuro zine, nanje nguma ndabishura kwa kundi.  Maze Sanibalati arungika umusuku wiwe kumbwira bwa butumwa nyene ku ncuro ya gatanu, aza afise mu ntoke ikete ryuguruye.  Ibi ni vyo vyari vyanditsemwo: «Mu mahanga bavuga yuko wewe n’Abayuda bagenzawe muriko mutegura umugambi wo kugarariza+, kandi na Geshemu+ ni ko avuga. Ni co gituma uriko wubaka uruzitiro. Kandi ayo makuru avuga yuko uzoca ubabera umwami.  Waranagenye abahanuzi bagenda barakwamamaza bavuga ngo: “Hariho umwami mu Buyuda!” Ivyo bintu rero bizohava bimenyeshwa umwami. Aho ntiwoza tukabivugana?»  Ariko ndamwishura nti: «Ivyo vyose uvuga nta na kimwe cabaye. Ni ivyo uriko urikurira mu mutwe*  Bose bariko barondera kudutera ubwoba, bavuga ngo: «Bazoca bacika intege*, igikorwa gihagarare+.» Mana ndagusavye unkomeze*+. 10  Maze nja kwa Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli. Ico gihe ntiyava mu nzu. Ambwira ati: «Tuvugane igihe twohurira ku nzu y’Imana y’ukuri, mu rusengero, duheze twiyugaranireyo kuko bahava baza kukwica. Baraza kukwica mw’ijoro.» 11  Mugabo mvuga nti: «Ubona umuntu nkanje yohunga? Umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ntiyicwe+? Eka sinjayo!» 12  Naciye ntahura ko Imana atari yo yari yamutumye, ahubwo ko Tobiya na Sanibalati+ ari bo bari bamuhaye amahera ngo ampende*. 13  Bamuhaye amahera kugira ngo antere ubwoba, bitume ncumura maze baronke ico bafatirako mu kumvuga nabi kugira banyambike ibara. 14  Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya+ na Sanibalati n’ivyo bintu bakoze. Wibuke n’umuhanuzikazi Nowadiya be n’abandi bahanuzi bagumye barondera kuntera ubwoba. 15  Nuko ku musi ugira 25 w’ukwezi kwa Eluli*, uruzitiro rurarangira. Rwubatswe mu misi 52. 16  Abansi bacu bose bakimara kuvyumva, abo mu bihugu bibanyi vyose na bo bakabibona, baramaramara cane+. Maze batahura ko Imana yacu ari yo yadufashije muri ico gikorwa. 17  Muri iyo misi, abanyacubahiro+ bo mu Buyuda baza bararungikira amakete menshi Tobiya, na we akabishura. 18  Abantu benshi bo mu Buyuda bari baremeye baranarahira ko bazoguma bamushigikira kubera ko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara+. Kandi umuhungu wiwe Yehohanani yari yararongoye umukobwa wa Meshulamu+ mwene Berekiya. 19  Vyongeye, baguma bambwira ivyiza akora hanyuma bakaja kumubwira ivyo navuze. Tobiya yaca andungikira amakete yo kuntera ubwoba+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu mutima wawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yabo azokoroka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukomeze amaboko yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «amvugeko ubwo buhanuzi.»