Matayo 18:1-35

  • Umukuru mu Bwami (1-6)

  • Ibitsitaza (7-11)

  • Ikigereranyo c’intama yatakaye (12-14)

  • Ingene worokora mwenewanyu (15-20)

  • Ikigereranyo c’umushumba adatanga imbabazi (21-35)

18  Muri uwo mwanya, abigishwa begera Yezu maze bamubaza bati: «Ni nde asumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru+  Aca ahamagara umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo,  maze avuga ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, nimutahinduka* ngo mumere nk’abana batoyi+, ntimuzogenda mwinjiye mu Bwami bwo mw’ijuru+.  Uwusumba abandi mu Bwami bwo mw’ijuru rero, ni uwicisha bugufi akamera nk’uyu mwana+.  Uwo wese yakiriye umwana mutoyi nk’uyu kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye.  Ariko uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi banyizera, yopfuma yambikwa mw’izosi urusyo ruzungurutswa n’indogobwa, maze agatererwa mu kiyaga+.  Isi iragowe kubera ibitsitaza! Ibitsitaza vyovyo bitegerezwa kuza, ariko aragowe umuntu bizananako!  Nimba rero ikiganza cawe canke ikirenge cawe kigutsitaza, gice ugite kure yawe+. Wopfuma uronka ubuzima ufise ikiganza kimwe canke ikirenge kimwe, hako utererwa mu muriro utazima ufise ibiganza bibiri canke ibirenge bibiri+.  Vyongeye, nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rinogore urite kure yawe. Wopfuma uronka ubuzima ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena* yaka umuriro ufise amaso abiri+. 10  Murabe neza ntihagire n’umwe musuzugura muri aba batoyi. Ndababwiye ko abamarayika babo mw’ijuru baguma bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru+. 11 * —— 12  Muvyiyumvirako iki? Hamwe umuntu yoba afise intama 100 hanyuma imwe muri zo igatakara+, none ntiyosiga ku musozi izo 99 zisigaye, akaja kurondera iyo yatakaye+? 13  Aramutse ayitoye, ndababwiye ko imutera umunezero kuruta zimwe 99 zitari zazimiye. 14  Na Dawe* ari mw’ijuru ntashaka ko hagira n’umwe muri aba batoyi apfa+. 15  Vyongeye, nimba mwene⁠wanyu acumuye, genda umwereke ikosa yakoze* muri mwenyene+. Niyakwumviriza, uzoba urokoye mwenewanyu+. 16  Ariko natakwumviriza, uraca uhitana uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ikintu cose gishingirwe intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 17  Natabumviriza, uraca ubibwira ishengero. Niyanka no kwumviriza ishengero, uraca umufata nk’umunyamahanga+ canke umutozakori+. 18  Ni ukuri ndabibabwiye, ibintu vyose muzoboha kw’isi bizoba vyamaze kubohwa mw’ijuru, kandi ibintu vyose muzobohora kw’isi bizoba vyamaze kubohorwa mw’ijuru. 19  Ni ukuri, ndababwiye kandi yuko babiri muri mwebwe aha kw’isi nibumvikana ikintu gihambaye bakwiye gusaba, Dawe wo mw’ijuru azokibaha+. 20  Nkako, aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje+, mba ndi hagati yabo.» 21  Petero aca yegera Yezu, amubaza ati: «Mukama, mwenewacu ancumuyeko nomubabarira incuro zingahe? Gushika ku ncuro indwi?» 22  Yezu amwishura ati: «Oya, si gushika ku ncuro indwi, ahubwo ni gushika ku ncuro 77+. 23  Ni co gituma Ubwami bwo mw’ijuru bwogereranywa n’umwami yashatse kwishuza abashumba biwe. 24  Atanguye kubishuza, bamuzanira umuntu yari amufitiye italanto 10.000*. 25  Ariko kubera atari afise ico yishura, shebuja ategeka ko uwo mushumba agurishwa hamwe n’umugore wiwe, abana biwe n’ivyo atunze vyose kugira iryo deni ryishurwe+. 26  Nya mushumba aca arapfukama, aramwunamira*, amubwira ati: “Nunyihanganire, nzokwishura ivyawe vyose.” 27  Shebuja aca amwumvira akagongwe, aramureka, amuhebera ideni yari amufitiye+. 28  Ariko uwo mushumba aca aja kurondera umwe mu bashumba bagenziwe yari amufitiye idenariyo* 100, aca amugurukirako, atangura kumunigura, amubwira ati: “Nyishura ivyo umfitiye vyose.” 29  Uwo mushumba mugenziwe aca aramupfukamira, aramutakambira ati: “Nunyihanganire, nzokwishura ivyawe.” 30  Ariko aravyanka, aca aramupfungisha gushika yishuye ivyo amufitiye. 31  Abashumba bagenziwe babonye ibibaye, barababara cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye vyose. 32  Shebuja aca amutumako, amubwira ati: “Wa mushumba mubi we, ko naguhebeye ideni ryose wari umfitiye igihe wantakambira, 33  weho ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nazikugiriye+?” 34  N’ishavu n’akantu, shebuja aca amuha abarinzi b’ibohero, gushika arishe ivyo yari amufitiye vyose. 35  Ukwo nyene ni ko Dawe wo mw’ijuru azogirira umwe wese muri mwebwe+, nimutababarira bagenzi banyu bivuye ku mutima+

Utujambo tw'epfo

Canke «nimutahindukira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «na So wanyu.»
Mu kigiriki havuga ngo «genda umukosore.»
Italanto 10.000 z’ifeza zingana n’idenariyo 60.000.000. Raba Inyongera ya B14.
Canke «yikubita imbere yiwe.»