Matayo 14:1-36
14 Ico gihe, Herodi* buramatari w’intara ya Galilaya yumva ivyerekeye Yezu+.
2 Aca abwira abasuku biwe ati: «Uwo ni Yohani Umubatizi. Yarazuwe mu bapfuye. Ni co gituma afise ububasha bwo gukora ibitangaro+.»
3 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo+.
4 Yohani yaguma amubwira ati: «Ntivyemewe ko umugira umugore wawe+.»
5 Ariko naho yashaka kumwica, yaratinya abantu kuko Yohani bamufata nk’umuhanuzi+.
6 Ariko igihe Herodi yariko ahimbaza umusi mukuru wo kwibuka ivuka*+ ryiwe, umukobwa wa Herodiya yaratamvye ku buryo anezereza cane Herodi+.
7 Herodi yaciye amwemerera ashizeko n’indahiro ko amuha ico amusavye cose.
8 Maze nya mukobwa yohejwe na nyina, avuga ati: «Numpe ng’aha kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi+.»
9 Naho umwami vyamubabaje cane, yaciye ategeka ko bawumuha kugira yubahirize indahiro yarahiye no ku bw’abariko barasangira na we*.
10 Araheza arungika umuntu mw’ibohero ngo ace umutwe Yohani.
11 Nuko bazana umutwe wiwe kw’isiniya, bawuha nya mukobwa, na we awushira nyina.
12 Mu nyuma abigishwa ba Yohani baraza, batora ikiziga ciwe baramuhamba, hanyuma baja kubibwira Yezu.
13 Yezu avyumvise aca aravayo, aja mu gahinga kugira abe ukwa wenyene. Ariko isinzi ry’abantu rivyumvise, rica riva mu gisagara n’amaguru riramukurikira+.
14 Yururutse ubwato, abona isinzi rinini ry’abantu. Bamutera ikigongwe+, aca akiza abantu babo barwaye+.
15 Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: «Ehe turi mu gahinga kandi amasaha aragiye. Rungika abo bantu baje mu bigwati kwigurira ivyo kurya+.»
16 Yezu ababwira ati: «Ntibirirwe baragenda. Mwebwe nimubahe ivyo barya.»
17 Bamwishura bati: «Aha nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri.»
18 Na we ababwira ati: «Binzanire.»
19 Aca ategeka iryo sinzi ry’abantu ngo bicare hasi ku bwatsi. Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, ayihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu.
20 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+.
21 Abariye bari nk’abagabo 5.000 udashizemwo abagore n’abana batoyi+.
22 Ubwo nyene aca abwira abigishwa biwe ngo burire ubwato bajabuke ku yindi nkengera, na we asigara ararungika iryo sinzi+.
23 Amaze kurungika iryo sinzi, aca aduga ku musozi gusenga ari wenyene+. Naho bwari bwije, yari ng’aho wenyene.
24 Ico gihe ubwato bwari bumaze kugenda nk’imetero amajana* buvuye ku nkengera. Bagenda baranigana n’imikuba, kuko umuyaga waza ubaturutse imbere.
25 Buri mu guca*, Yezu aza aho bari agendera ku mazi.
26 Abigishwa bamubonye ariko agendera ku mazi, bahagarika umutima, bavuga bati: «Ni igihume!» Baca bakoma induru kubera ubwoba.
27 Ubwo nyene Yezu aca arabavugisha, ababwira ati: «Humura ni jewe! Ntimugire ubwoba+.»
28 Petero aca amwishura ati: «Mukama, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri ngendera ku mazi.»
29 Na we amubwira ati: «Ingo!» Petero aca yururuka ubwato, agendera ku mazi agana Yezu.
30 Mugabo abonye ingene umuyaga uriko urahuhuta cane, aca agira ubwoba. Atanguye kunyika, akoma induru ati: «Mukama, ntabara!»
31 Yezu aca aramvura ukuboko aramufata, amubwira ati: «Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki watwawe n’ugukekeranya+?»
32 Baca burira mu bwato, ico gihuhusi gica kiraturura.
33 Abari mu bwato baca baramwunamira*, bamubwira bati: «Vy’ukuri, uri Umwana w’Imana.»
34 Hanyuma barajabuka, bashika i Genesareti+.
35 Abantu baho bamumenye, baca babimenyesha abantu bose bo muri ako karere. Nuko bamuzanira abantu bose bari barwaye.
36 Baramutakambira ngo bakore gusa ku buyonga bw’impuzu* yiwe+, kandi ababukozeko bose baca bakira neza.
Utujambo tw'epfo
^ Ni Herodi Antipa. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «isabukuru y’amavuka.»
^ Canke «ku bw’abari bicaranye na we ku meza.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «sitadiyo nyinshi.» Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185.
^ Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira kane.» Ni ukuvuga nko kuva sacenda z’ijoro gushika izuba riserutse nka sakumi na zibiri zo mu gitondo.
^ Canke «baca bikubita imbere yiwe.»
^ Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»