Matayo 12:1-50

  • Yezu «arafise ububasha kw’isabato» (1-8)

  • Yezu akiza umugabo afise ukuboko kumugaye (9-14)

  • Umusavyi w’Imana, uwo ikunda cane (15-21)

  • Yezu yirukana amadayimoni afashijwe n’impwemu nyeranda (22-30)

  • Igicumuro kidaharirwa (31, 32)

  • Igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco (33-37)

  • «Ikimenyetso ca Yona» (38-42)

  • Iyo impwemu mbi igarutse (43-45)

  • Nyina wa Yezu na benewabo (46-50)

12  Muri ico gihe, Yezu aca mu mirima y’ingano kw’isabato. Abigishwa biwe barasonza, hanyuma batangura kwaha* amahundo y’intete bararya+.  Abafarizayo ngo babibone, bamubwira bati: «Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+  Aca ababaza ati: «Mbega ntimwasomye ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+?  Yarinjiye mu nzu y’Imana maze barya imikate y’ishikanwa*+, kandi atari yemerewe kuyirya hamwe n’abari kumwe na we. Abaherezi gusa ni bo bari bemerewe kuyirya+.  Canke ntimwasomye mu mategeko yuko ku misi y’isabato, abaherezi bakorera ku rusengero barenga kw’isabato ariko ntibagirwe n’ikosa+?  Ariko ndababwiye yuko ng’aha hari uwuruta urusengero+.  Iyo muba mwaratahuye insobanuro y’aya majambo ngo: “Ico nshaka ni imbabazi+, si ibimazi+”, ntimwari gutsindisha abantu b’intungane.  Kuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isabato*+  Avuye ng’aho, aca aja mw’isinagogi yabo. 10  Aho hantu hariho umugabo afise ukuboko kumugaye*+! Nuko babaza Yezu bati: «Vyoba vyemewe gukiza umuntu kw’isabato?» Aho bariko barondera ico bamwagiriza+. 11  Abishura ati: «Ni nde muri mwebwe hamwe yoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo, atoyifata ngo ayikureyo+? 12  Hari akantu rero umuntu! None ntarusha agaciro intama? Biremewe rero gukora iciza kw’isabato.» 13  Aca abwira uwo mugabo ati: «Ramvura ukuboko kwawe.» Na we arakuramvura, guca kurakira, gusubira kumera neza nk’ukundi. 14  Ariko Abafarizayo baca barasohoka, batangura kuja inama y’ingene bomwica. 15  Yezu abimenye aca arahava. Abantu benshi baca baramukurikira+, na we arabakiza bose. 16  Mugabo arabihanikiriza ngo ntibavuge uwo ari we+, 17  kugira haranguke ivyo umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ati: 18  «Ehe umusavyi wanje+ nitoreye, uwo nkunda cane, uwo nashimye+! Nzomushirako impwemu yanje+, kandi azotomorera amahanga ubutungane ico ari co. 19  Ntazoshwana+ canke ngo avuze urwamo, eka nta n’uwuzokwumva ijwi ryiwe mu mayira yagutse. 20  Ntazojanjagura irenga rivunitse, kandi ntazozimya urutambi ruriko rurafumba umwotsi+, gushika ubutungane bwiganje hose. 21  Emwe, amahanga azokwizigira izina ryiwe+ 22  Hanyuma bamuzanira umuntu arimwo idayimoni, w’impumyi kandi w’umuragi, na we aramukiza ku buryo asubira kuvuga no kubona. 23  Amasinzi yose y’abantu aratangara, avuga ati: «Ubwo uyu ntiyoba ari wa Mwana wa Dawidi?» 24  Abafarizayo bavyumvise, baca bavuga bati: «Uyu muntu nta wundi amufasha kwirukana amadayimoni atari Beyezebuli*, umutware w’amadayimoni+ 25  Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: «Ubwami bwose iyo bwiciyemwo ibice burahona, kandi igisagara cose canke urugo rwose iyo vyiciyemwo ibice ntibirama. 26  Muri ubwo buryo nyene, nimba Shetani yirukana Shetani, azoba yamaze kwicamwo ibice. None wumva ubwami bwiwe bworama gute? 27  Vyongeye, nimba nirukana amadayimoni mfashijwe na Beyezebuli, abana banyu bobo bayirukana bafashijwe na nde? Ni co gituma bazobacira urubanza*. 28  Ariko nimba nirukana amadayimoni mfashijwe n’impwemu y’Imana, Ubwami bw’Imana rero bwabashikiriye*+. 29  Canke umuntu yoshobora gute kwinjira mu nzu y’umuntu w’inguvu akamutwara ivyo atunze? Kiretse abanje kumuboha, ni ho yoshobora gusahura ibiri mu nzu yiwe. 30  Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+. 31  Ni co gituma ndababwiye ko igicumuro ico ari co cose n’igitutsi* ico ari co cose abantu bazobibabarirwa, ariko uwutuka impwemu nyeranda* ntazobibabarirwa+. 32  Nk’akarorero, uwo wese avuga nabi Umwana w’umuntu azobabarirwa+. Ariko uwo wese avuga nabi impwemu nyeranda ntazobabarirwa, haba muri iki gihe* canke mu gihe kizoza+. 33  Nimutume igiti kiba ciza maze ivyamwa vyaco bibe vyiza, canke mutume igiti kiba kibi* maze ivyamwa vyaco bibe bibi*. Kuko igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. 34  Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, mwoshobora gute kuvuga ibintu vyiza kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga+. 35  Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza abikuye mw’itunga ryiwe ryiza, ariko umuntu mubi asohora ibintu bibi abikuye mw’itunga ryiwe ribi+. 36  Ndababwiye ko ku musi w’urubanza abantu bazobazwa+ ibintu vyose bitagira akamaro bavuga. 37  Kuko amajambo yanyu ari yo azobagira abagororotsi, kandi amajambo yanyu ni yo azobatsindisha.» 38  Maze bamwe mu banditsi n’Abafarizayo bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka kubona ikimenyetso udukoreye+ 39  Abishura ati: «Urunganwe* rw’abantu babi kandi b’ibihemu* ruguma rurondera ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso ruzohabwa atari ikimenyetso c’umuhanuzi Yona+. 40  Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi runini+, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda* y’isi+. 41  Ku musi w’urubanza, abantu b’i Ninewe bazozukira rimwe n’abantu b’uru runganwe, kandi bazobatsindisha kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona yamamaza+. Ariko ng’aha hari uwuruta Yona+. 42  Ku musi w’urubanza, wa mwamikazi wo mu bumanuko azozukira rimwe n’abantu b’uru runganwe abatsindishe, kuko yaje avuye ku mpera y’isi kugira yumve ubukerebutsi bwa Salomo+. Ariko ng’aha hari uwuruta Salomo+. 43  Iyo impwemu mbi* ivuye mu muntu, ica ahantu humye irondera aho iruhukira ariko ikahabura+. 44  Iraheza ikavuga iti: “Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo.” Ishitse, isanga ya nzu igaragara, ikubuye neza kandi isharije. 45  Ica igenda kurondera izindi mpwemu indwi ziyirusha ububisha, maze zikinjira muri iyo nzu zikiberayo. Amaherezo, ivy’uwo muntu biba bibi kuruta ivya mbere+. Ivyo nyene ni vyo bizoshikira uru runganwe rw’abantu babi.» 46  Akiriko aravugisha iryo sinzi, nyina wiwe na benewabo+ bari bahagaze hanze bashaka kuvugana na we+. 47  Umuntu umwe aca amubwira ati: «Nyoko wawe na benewanyu bahagaze hanze, kandi bashaka ko muvugana.» 48  Yezu amwishura ati: «Mawe ni nde, kandi benewacu ni bande?» 49  Aca yerekeza ukuboko ku bigishwa biwe, avuga ati: «Mawe na benewacu ng’aba+! 50  Uwo wese akora ivyo Dawe wo mw’ijuru ashaka, ni we mwenewacu na mushikanje na mawe+

Utujambo tw'epfo

Canke «kumyoza.»
Canke «ari Umukama w’isabato.»
Canke «kunyunyutse.»
Ni irindi zina rya Shetani.
Canke «ni co gituma bazobatsindisha.»
Canke «bwabahwikiye.»
Canke «ukurogota.»
Canke «uwurogota ku mpwemu nyeranda.»
Mu kigiriki havuga ngo «kiba ikiboze.»
Mu gikiriki havuga ngo «bibe ibiboze.»
Canke «iyaruka.»
Canke «kandi barenga ibigo.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu mutima.»
Canke «ihumanye.»