Mariko 8:1-38

  • Yezu agaburira abagabo 4.000 (1-9)

  • Abafarizayo basaba ikimenyetso (10-13)

  • Umwambiro w’Abafarizayo n’uwa Herodi (14-21)

  • Yezu akiza umugabo w’impumyi i Betsayida (22-26)

  • Petero avuga ko Yezu ari Kristu (27-30)

  • Yezu amenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (31-33)

  • Ivyo abigishwa b’ukuri basabwa (34-38)

8  Muri iyo misi, isinzi rinini ryongera gukoranira iruhande yiwe, kandi nta kintu bari bafise bafungura. Yezu aca ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati:  «Aba bantu baranteye ikigongwe+, kuko tumaranye imisi itatu kandi ntibagira ico bafungura+.  Hamwe nobarungika iwabo bashonje*, bohava bagwa mu nzira, kandi bamwe muri bo bava kure.»  Mugabo abigishwa biwe bamwishura bati: «Mbega muri aka gahinga, umuntu yokura hehe imikate yohaza aba bantu bose?»  Aca ababaza ati: «Mufise imikate ingahe?» Na bo bati: «Indwi+  Aca abwira abo bantu ngo bicare hasi. Araheza afata ya mikate indwi maze ashimira Imana. Hanyuma arayimanyagura, ayiha abigishwa biwe, na bo bayiha abo bantu+.  Bari bafise n’udufi dukeyi. Aca araduhezagira, ababwira ngo na two nyene batugaburire abo bantu.  Nuko bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke* indwi bininibinini+.  Bari nk’abagabo 4.000. Araheza arabarungika. 10  Ubwo nyene aca yurira ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, aja mu karere ka Dalumanuta+. 11  Abafarizayo baca bamusangayo, batangura kumuhaririza bamusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru kugira bamugeze+. 12  Yezu ariruhutsa cane, hanyuma avuga ati: «Kubera iki uru runganwe* rurondera ikimenyetso+? Ni ukuri ndabibabwiye, nta kimenyetso uru runganwe ruzohabwa+ 13  Aca abasiga ng’aho, yongera kwurira ubwato aja ku yindi nkengera. 14  Ico gihe abigishwa bari bibagiye kwitwaza imikate, kandi nta kintu na kimwe bari bafise mu bwato atari umukate umwe+. 15  Yezu atangura kubaburira adakikiriza ati: «Mugume muri maso, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi+ 16  Baca batangura guharira ku vy’uko ata mikate bafise. 17  Yezu arabimenya, aca ababwira ati: «Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise? Mbega n’ubu ntimurategera canke ngo mutahure? Biracabagora gutegera mu mitima yanyu? 18  “Mbega ntimubona kandi mufise amaso? Ntimwumva kandi mufise amatwi?” Ntimwibuka 19  ivyabaye igihe namanyagura imikate itanu+ nkayigaburira abagabo 5.000? Mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu twasigaye?» Bamwishura bati: «Cumi na bibiri+ 20  «Igihe na ho namanyagura ya mikate indwi nkayigaburira abagabo 4.000, mwegeranije ibiseke bininibinini bingahe vyuzuye utumanyu twasigaye?» Bamwishura bati: «Indwi+ 21  Aca ababaza ati: «None n’ubu ntimuratahura?» 22  Baraheza bashika i Betsayida. Abantu rero bamuzanira umugabo w’impumyi, baramwinginga ngo amukoreko+. 23  Aca afata ukuboko uwo mugabo, amujana inyuma y’ikigwati. Amaze gushira* amate ku maso yiwe+, aca amurambikako ibiganza, amubaza ati: «Hari ico ubona?» 24  Uwo mugabo aca araramura amaso, amubwira ati: «Ndabona abantu, mugabo womenga ni ibiti biriko biragendagenda.» 25  Yezu yongera gushira ibiganza vyiwe ku maso y’uwo mugabo, amaso yiwe aca arabona neza. Nuko arakira, asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya. 26  Aca amurungika muhira, amubwira ati: «Ntiwinjire mu kigwati.» 27  Yezu n’abigishwa biwe baca bava ng’aho, baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo. Bari mu nzira, atangura kubaza abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+ 28  Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri “Yohani Umubatizi+”, abandi ngo uri “Eliya+”, abandi na bo ngo uri “umwe mu bahanuzi.”» 29  Ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu+ 30  Aca arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ibimwerekeye+. 31  Vyongeye, atangura kubigisha ko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwankwa n’abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, hanyuma akicwa+ maze akazuka haciye imisi itatu+. 32  Ivyo yabibabwira atarya umunwa. Mugabo Petero aca aramwihereranya, atangura kumukarira+. 33  Yezu aca arahindukira, araba abigishwa biwe hanyuma akarira Petero ati: «Ja inyuma yanje Shetani! Kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu+ 34  Hanyuma Yezu ahamagara isinzi ry’abantu n’abigishwa biwe, ababwira ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako* hanyuma agume ankurikira+. 35  Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba kubera jewe no kubera inkuru nziza azoburokora+. 36  Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima+? 37  Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki kugira arokore ubuzima bwiwe+? 38  Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri uru runganwe* rw’abantu b’ibihemu* kandi b’abacumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we+ niyaza mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+

Utujambo tw'epfo

Canke «bisonzesheje.»
Canke «ibiseke vy’ibifungurwa.»
Canke «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «gucira.»
Canke «iri yaruka.»
Canke «barenga ibigo.»