Mariko 16:1-8
-
Izuka rya Yezu (1-8)
16 Inyuma y’isabato+, Mariya Magadalena, Mariya+ nyina wa Yakobo hamwe na Salome, bagura ibintu bimota kugira babisige ikiziga ca Yezu+.
2 Hanyuma ku musi wa mbere w’indwi, izuba rimaze guseruka, bazindukira ku mva*+.
3 Baguma babazanya bati: «Ni nde aza kudutembagariza rya buye riri ku muryango w’imva?»
4 Ariko baravye, babona rya buye ryatembagaye, naho ryari rinini cane+.
5 Binjiye muri iyo mva, babona umusore yicaye amaja iburyo yambaye ikanzu yera, baca barakanguka.
6 Ababwira ati: «Ntimukanguke+. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa ku giti. Yazuwe+. Nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamuryamitse+!
7 Ahubwo genda mubwire abigishwa biwe na Petero muti: “Yabaye aragenda i Galilaya+. Ni ho muzomubonera nk’uko yabibabwiye+.”»
8 Basohotse iyo mva, baca bariruka barahunga, bagenda barajugumira bataye umutwe. Nta n’umwe babwiye ikintu na kimwe, kuko bari batekewe n’ubwoba*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku mva y’icibutso.»
^ Twisunze imizingo imwimwe ya kera yizigiwe, Injili ya Mariko igarukira ku murongo wa 8. Raba Inyongera ya A3.