Kuvayo 36:1-38

  • Intererano ziba umurengera (1-7)

  • Bakora ibigize ihema ryeranda (8-38)

36  «Bezaleli azokorana na Oholiyabu n’abandi bahinga bose Yehova yahaye ubukerebutsi nʼugutegera, kugira bakore ibintu vyose bizokoreshwa mu gikorwa ceranda, nk’uko Yehova yabitegetse+  Nuko Musa ahamagara Bezaleli na Oholiyabu, n’umuhinga wese Yehova yahaye ubukerebutsi+, umuntu wese umutima usunitse kuza gukora ico gikorwa avyishakiye+.  Batora intererano zose+ Abisirayeli bari bazanye kwa Musa ku bw’igikorwa ceranda. Ariko Abisirayeli baguma bazanira Musa intererano batanga bavyishakiye buri gitondo.  Bamaze gutangura ico gikorwa ceranda, ba bahinga bose baguma baza bakurakuranwa,  bakabwira Musa bati: «Ibintu abantu bariko barazana birarengeye kure n’iyo ivyo dukeneye ku bw’igikorwa Yehova yadutegetse.»  Musa aca ategeka yuko batangaza mw’ikambi yose bati: «Bagabo namwe bagore, ntimusubire kuzana ibindi bikoresho vy’intererano nyeranda.» Ukwo ni ko babujije abantu kuzana ibindi.  Ivyo bikoresho vyari bikwiye ku bw’igikorwa cari gikenewe, mbere vyari birenze.  Abo bahinga bose+ rero bubaka rya hema ryeranda+, bakoresheje ibitambara cumi bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe* be n’inyuzi zisa n’agahama. Yabikoze* bidesheko abakerubi+.  Igitambara kimwekimwe cari gifise uburebure bw’intambwe* 28 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Vyose vyarangana. 10  Maze ateranya ibitambara bitanu ukwavyo, ateranya n’ibindi bitanu ukwavyo. 11  Aca akora ibigombo mu nyuzi zisa n’ubururu ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo yateranije ubwa mbere. Abigenza gutyo no ku mpera y’ica nyuma mu vyo yateranije ubwa kabiri, aho bizofatanirizwa. 12  Akora ibigombo 50 ku gitambara kimwe, n’ibindi 50 ku mpera y’ikindi gitambara, abikora bitumberanye aho bizofatanirizwa. 13  Amaherezo, akora udufatanisho 50 mu nzahabu, hanyuma adufatanisha ivyo bitambara biba ihema rimwe. 14  Araheza akora ibitambara 11 mu bwoya bw’impene vyo gupfuka iryo hema ryeranda+. 15  Igitambara kimwekimwe cari gifise uburebure bw’intambwe 30 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Ivyo bitambara 11 vyose vyarangana. 16  Maze ateranya ibitambara bitanu ukwavyo, ateranya n’ibindi bitandatu bisigaye. 17  Hanyuma akora ibigombo 50 ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo yateranije ubwa mbere, akora n’ibindi 50 ku mpera y’ica nyuma mu vyo yateranije ubwa kabiri, aho bizofatanira. 18  Akora n’udufatanisho 50 mu mujumpu kugira afatanye ivyo bitambara, bibe ihema rimwe. 19  Hanyuma akora igitambara co gupfuka iryo hema mu nshato z’intama zisize ibara ritukura. Akora n’ikindi co kurenza hejuru yaco mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi*+. 20  Maze akora ibizingiti* vy’iryo hema ryeranda mu giti c’umunyinya+, araheza arabishinga+. 21  Ikizingiti cose cari gifise uburebure bw’intambwe cumi n’ubwaguke bw’intambwe imwe n’igice. 22  Kimwekimwe cose cari gifise amasonga* abiri atumberanye*. Ukwo ni ko yakoze ibizingiti vyose vy’iryo hema. 23  Akora ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. 24  Hanyuma akora mw’ifeza udutafari 40 dutoboye two kuja munsi y’ivyo bizingiti 20. Ashira udutafari tubiri munsi y’amasonga abiri y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’amasonga y’ibizingiti bikurikira+. 25  Akora kandi ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu buraruko bw’iryo hema 26  n’udutafari 40 twavyo dutoboye dukozwe mw’ifeza. Ashira udutafari tubiri munsi y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’ibizingiti bikurikira. 27  Uruhande rw’inyuma rw’iryo hema, amaja mu burengero, arukorera ibizingiti bitandatu+. 28  Akora kandi ibizingiti bibiri ngo bibe inkingi mu mfuruka zibiri z’inyuma kuri iryo hema. 29  Vyari bigizwe n’imbaho zibirizibiri kuva hasi gushika hejuru ku mukono* wa mbere. Ukwo ni ko yagize kuri izo nkingi zibiri zo mu mfuruka. 30  Vyari ibizingiti umunani n’udutafari 16 twavyo dukozwe mw’ifeza: udutafari tubiri munsi y’ikizingiti kimwekimwe. 31  Maze akora mu giti c’umunyinya udukoni two gufata ibizingiti. Ashira dutanu ku ruhande rumwe rw’ihema+, 32  dutanu ku rundi ruhande, n’utundi dutanu ku ruhande rw’ihema rwo mu burengero, ni ukuvuga igice c’inyuma. 33  Akora n’agakoni gafata ibizingiti hagati na hagati, kava ku mpera imwe kagashika ku yindi. 34  Hanyuma ahomeka inzahabu kuri ivyo bizingiti, abikorera n’imikono y’inzahabu yo kwinjizamwo twa dukoni. Ahomeka inzahabu no kuri utwo dukoni+. 35  Hanyuma akora irido+ mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Ayidesako abakerubi+. 36  Aca ayikorera inkingi zine mu giti c’umunyinya, azihomekako inzahabu. Araheza akora udusumari tw’izo nkingi mu nzahabu, akora n’udutafari tune twazo mw’ifeza. 37  Hanyuma akora iyindi rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Vyose abijishira hamwe+. 38  Akora kandi inkingi zitanu zayo n’udusumari* tw’izo nkingi. Ahomeka inzahabu ku mitwe yazo no ku dusumari twazo, ariko udutafari dutanu twazo twari dukozwe mu mujumpu.

Utujambo tw'epfo

Biboneka ko ari Bezaleli.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «amakadrema.»
Canke «utubaho tugororotse.»
Canke «afatanijwe.»
Canke «ku kigombo.»
Canke «ikindi gikingirizo.»
Canke «imikono», «ibigombo.»