Ivyakozwe n’intumwa 21:1-40

  • Pawulo aja i Yeruzalemu (1-14)

  • Ashika i Yeruzalemu (15-19)

  • Pawulo akurikiza impanuro ahawe n’abakurambere (20-26)

  • Haduka akaguma mu rusengero. Pawulo afatwa (27-36)

  • Pawulo yemererwa kugira ico abwiye isinzi (37-40)

21  Aho tumariye kubiyaka tugafata ubwato, twaciye tunyaruka ata handi duciye maze dushika i Kosi. Ku musi ukurikira tuja i Rode, hanyuma tuva ng’aho tuja i Patara.  Tumaze kuronka ubwato* bujabuka buja i Fenisiya, tururira turagenda.  Dushitse aho tubona izinga rya Shipure, turisiga inyuma ibubamfu* turabandanya tugana muri Siriya, duhagarara i Tiro, aho ubwato bwabwirizwa gupakururira imizigo.  Twararondeye abigishwa turabatora, hanyuma tuhaguma imisi indwi. Mugabo biciye ku mpwemu baguma babwira Pawulo kudahonyoza ikirenge i Yeruzalemu+.  Igihe twari kuhamara kirangiye, tuvayo dufata inzira, mugabo bose baraduherekeza gushika inyuma y’igisagara, bari kumwe n’abagore n’abana. Hanyuma turapfukama ku nkengera y’ikiyaga, turasenga  maze turasezerana. Turaheza twurira ubwato, na bo basubira iwabo.  Maze tuva i Tiro n’ubwato dushika i Putolemayi, turamutsa abavukanyi, tugumana na bo umusi umwe.  Bukeye tuvayo tuja i Sezariya, twinjira mu nzu y’umwigisha w’inkuru nziza* yitwa Filipo, tuguma iwe. Yari umwe muri ba bagabo indwi+.  Uyo mugabo yari afise abakobwa bane batubatse*, bavuga ubuhanuzi+. 10  Mugabo tuhamaze imisi itari mike, umuhanuzi yitwa Agabo+ amanuka avuye i Yudaya. 11  Aza aho turi, afata umukaba wa Pawulo, yiboha amaguru n’amaboko, avuga ati: «Impwemu nyeranda ivuze iti: “Umugabo nyene uyu mukaba, uku ni ko Abayuda bazomuboha i Yeruzalemu+, bamushikirize abanyamahanga+.”» 12  Aho twumviye ivyo, twe n’abo twari kumwe dutangura kumwinginga ngo ntaduge i Yeruzalemu. 13  Maze Pawulo yishura ati: «Murizwa n’iki? Kubera iki muriko mugerageza kunca intege ngo sinjeyo*? Mumenye neza ko ntiteguriye gusa kuboherwa i Yeruzalemu, ariko niteguriye no gupfirayo ku bw’izina ry’Umukama Yezu+ 14  Vyanse ko ateshwa, duca turareka kumubuza*, tuvuga duti: «Ivyo Yehova* agomba nibibe.» 15  Inyuma y’iyo misi rero twitegurira urugendo, hanyuma dufata inzira tugana i Yeruzalemu. 16  Bamwe mu bigishwa b’i Sezariya na bo nyene bajana natwe, batujana kwa Munasoni w’i Shipure ngo aduhe indaro. Yari umwe mu bigishwa ba mbere. 17  Dushitse i Yeruzalemu, abavukanyi batwakirana umunezero. 18  Mugabo ku musi ukurikira Pawulo ajana natwe kwa Yakobo+, kandi abakurambere bose ni ho bari. 19  Nuko arabaramutsa, atangura kubiganira ido n’ido ibintu Imana yakoreye mu mahanga biciye ku gikorwa yaranguye. 20  Aho bavyumviye batangura kuninahaza Imana, mugabo bamubwira bati: «Muvukanyi, urabona ko hari Abayuda ibihumbi n’ibihumbi bizera, kandi bose barafitiye umwete amategeko*+. 21  Mugabo barumvise urukurukuru yuko umaze igihe wigisha Abayuda bose bo mu mahanga guheba amategeko ya Musa*, ubabwira kutagenyera abana babo no kudakurikiza imigenzo yo kuva kera+. 22  None dukore iki? Uko biri kwose baraza kwumva ko washitse. 23  Kora rero ibi tukubwiye: turafise abagabo bane bagize indagano. 24  Tora abo bagabo mujane, wihumanure uri kumwe na bo nk’uko bisabwa wongere ubarihire ivyo bazokenera, kugira bamobwe*. Abantu bose bazoheza bamenye yuko urukurukuru bakwumviseko ari ibinyoma, ahubwo ko wigenza neza kandi ko ukurikiza amategeko+. 25  Nayo ku bijanye n’abizera bo mu mahanga, twarabandikiye ingingo twafashe, tubabwira yuko bakwiye kuguma birinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, amaraso+, ibinizwe*+ n’ubusambanyi*+ 26  Bukeye Pawulo ajana n’abo bagabo, arihumanura ari kumwe na bo nk’uko bisabwa+. Araheza yinjira mu rusengero kugira amenyeshe igihe imisi y’ukwo kwihumanura izorangirira, maze umwe wese muri bo agatangirwa ishikanwa. 27  Maze imisi indwi y’ukwihumanura iri mu kurangira, Abayuda bo muri Aziya bamubona mu rusengero baca bagumura isinzi ryose, baramufata, 28  basemerera bati: «Bagabo ba Isirayeli, tabara! Ng’uyu wa mugabo yigisha abantu bose n’ahantu hose inyigisho zirwanya ihanga ryacu, amategeko yacu n’aha hantu heranda. Uretse ivyo, yaraninjije Abagiriki* mu rusengero ahumanya aha hantu heranda+ 29  Bavuze ivyo kubera ko imbere y’aho bari babonye Pawulo ari kumwe n’Umunyefeso yitwa Tirofimo+, baca biyumvira ko yari yamwinjije mu rusengero. 30  Mu gisagara cose haba intureka, abantu bashwabadukira rimwe bacakira Pawulo baramuburuta, bamusohora mu rusengero. Ubwo nyene imiryango ica irugarwa. 31  Bakiriko barondera kumwica, umukomanda w’ingabo amenyeshwa yuko Yeruzalemu yose iri mu muvurungano. 32  Ubwo nyene aca afata abasoda n’intwazangabo, amanuka iyo bari yiruka. Ngo babone uyo mukomanda n’abo basoda, baca bareka gukubita Pawulo. 33  Maze nya mukomanda aregera aramufata, ategeka yuko aboheshwa iminyororo ibiri+, aca atangura kubaza uwo ari we n’ico yari yakoze. 34  Mugabo bamwe muri nya sinzi batangura gusemerera bavuga uku, abandi kuriya. Uwo mukomanda abonye ko ata kintu gitomoye amenye kubera uwo muvurungano, ategeka ko bamujana ku cicaro c’abasoda. 35  Mugabo Pawulo ashitse ku ngazi, biba ngombwa ko abasoda bamuterura bakamutwara kubera ko iryo sinzi ryashaka kumugirira nabi. 36  Ryaguma rimukurikira risemerera riti: «Mwice!» 37  Pawulo agira yinjizwe ku cicaro c’abasoda, abwira nya mukomanda ati: «Wonkundira nkagira ico ndakubwira?» Na we ati: «Urazi ikigiriki? 38  Nturi rero wa Munyamisiri yatera umugumuko mu misi iheze akajana mu gahinga ba bagabo 4.000 bitwaje ibibugita* 39  Maze Pawulo avuga ati: «Mu vy’ukuri ndi Umuyuda+ w’i Taruso+ muri Silisiya, umunyagihugu wo mu gisagara kitayoberanye. Ndakwinginze rero, unkundire ngire ico mbwira aba bantu.» 40  Nya mukomanda amuha uruhusha. Pawulo ahagaze ku ngazi, agira ikimenyetso n’ukuboko ngo abantu bacereze. Hamaze kuba agacerere kenshi, ababwira mu giheburayo+ ati:

Utujambo tw'epfo

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «ku ruhande ruriko ikivuko.»
Canke «w’injili.»
Mu kirigiki havuga ngo «b’isugi.»
Canke «gutuma ngoyagoya mu mutima.»
Mu kigiriki havuga ngo «duca turanuma.»
Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
Mu kigiriki havuga ngo «ubuhuni ku bijanye na Musa.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Ni ukumobwa kwerekana ko bashikije ivyo baraganiye Imana.
Canke «ivyishwe bidakuwemwo amaraso.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
Canke «intambi.»