Ivyahishuriwe Yohani 11:1-19

  • Vya vyabona bibiri (1-13)

    • Bivuga ubuhanuzi imisi 1.260 vyambaye amagunira (3)

    • Baricwa ariko ntibahambwe (7-10)

    • Inyuma y’imisi itatu n’igice barasubira kuba bazima (11, 12)

  • Icago ca kabiri kiraheze, ica gatatu kiraje (14)

  • Urumbete rugira indwi (15-19)

    • Ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe (15)

    • Imana izohonya abonona isi (18)

11  Maze bampa irenga rimeze nk’inkoni*+, nca numva ijwi rimbwira riti: «Haguruka upime urusengero* rw’Imana n’igicaniro hamwe n’abasengera muri rwo.  Mugabo ikigo kiri hanze y’urusengero ukireke ntugipime, kuko cahawe amahanga, kandi azohonyanga igisagara ceranda+ amezi 42+.  Nzotuma ivyabona vyanje bibiri bivuga ubuhanuzi imisi 1.260 vyambaye amagunira.»  Abo bagereranywa na vya biti bibiri vy’imyelayo*+ be na vya bintu bibiri baterekako amatara+, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi+.  Hagize uwushaka kubagirira nabi, umuriro uca uva mu kanwa kabo ukarigata abansi babo. Umuntu wese ashaka kubagirira nabi ategerezwa gupfa gutyo.  Abo barafise ububasha bwo kwugara ijuru*+ kugira ntihagire imvura igwa+ mu misi y’igikorwa cabo co kuvuga ubuhanuzi, kandi barafise ububasha bwo guhindura amazi akaba amaraso+ no guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose incuro zose bashaka.  Nibarangiza igikorwa cabo co kuvuga ubuhanuzi, ca gikoko kiduga kiva mu nyenga kizobarwanya, kibatsinde kandi kibice+.  Ibiziga vyabo bizoguma mw’ibarabara rikuru rya ca gisagara gikomeye kigereranywa na Sodomu na Misiri, aho n’Umukama wabo yamanitswe.  Abantu bo mu moko yose, imiryango yose, indimi zose n’amahanga yose bazomara imisi itatu n’igice+ bitegereza ibiziga vyabo, kandi ntibazokwemera ko bihambwa. 10  Ababa kw’isi bazoryoherwa n’urupfu rwabo, bagire umusi mukuru kandi bagemuriranire, kuko abo bahanuzi babiri bahora babababaza cane. 11  Inyuma y’iyo misi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima ivuye ku Mana yarabinjiyemwo+, baca barahaguruka, abababonye baca batekerwa n’ubwoba bwinshi. 12  Maze bumva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru ribabwira riti: «Nimuduge ino.» Baca baduga mw’ijuru bari mu gicu, kandi abansi babo barababonye*. 13  Muri uwo mwanya* haca haba nyamugigima ikomeye, ic’icumi c’igisagara gica kirasenyuka. Iyo nyamugigima yahitanye abantu 7.000, abasigaye baca batekerwa n’ubwoba, maze baninahaza Imana yo mw’ijuru. 14  Icago ca kabiri+ kiraheze. Ehe icago ca gatatu kiraje cihuta. 15  Umumarayika w’indwi avuza urumbete rwiwe+. Mw’ijuru haca humvikana amajwi akomeye avuga ati: «Ubwami bw’isi bubaye Ubwami bw’Umukama wacu+ n’ubwa Kristu wiwe+, kandi azoganza gushika ibihe bidahera+ 16  Ba bakurambere 24+ bari bicaye imbere y’Imana ku ntebe zabo z’ubwami baca barapfukama, barunama mu maso habo hashika hasi maze basenga Imana, 17  bavuga bati: «Turagushimiye, Yehova* Mana Mushoboravyose, wewe uriho+ kandi wamyeho, kuko wafashe ububasha bwawe bukomeye ugatangura kuganza+. 18  Ariko amahanga yashavuye, na wewe washavuye, kandi igihe co gucira urubanza abapfuye n’ico guhemba+ abashumba bawe b’abahanuzi+, n’aberanda, n’abatinya izina ryawe, abato n’abahambaye be n’ico guhonya abonona* isi cashitse+ 19  Urusengero* rw’Imana rwo mw’ijuru rurugururwa, maze mbona isandugu y’isezerano ryayo iri muri urwo rusengero+. Haca haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro na nyamugigima n’urubura rukomeye.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga inyubakwa nyamukuru y’urusengero igizwe n’Aheranda hamwe n’Aheranda cane.
Canke «nk’inkoni yo gupimisha.»
Ivyo biti vyama imyelayo (olive).
Canke «ikirere.»
Canke «bariko barabitegereza.»
Canke «kuri iyo saha.»
Canke «abahonya.»
Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.