Ivyahishuriwe Yohani 1:1-20

  • Ivyo Imana yahishuye biciye kuri Yezu (1-3)

  • Indamutso ku mashengero indwi (4-8)

    • «Ndi Alufa na Omega» (8)

  • «Nasanze ndi mu musi w’Umukama» (9-11)

  • Yohani yerekwa ubuninahazwa bwa Yezu (12-20)

1  Ivyahishuwe* na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ kugira yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba. Yezu yaciye atuma umumarayika wiwe kugira abishikirize umushumba wayo* Yohani+ mu bimenyetso.  Uyo* na we yarashingiye intahe ijambo ry’Imana n’ubutumwa Yezu Kristu yatanze, emwe ibintu vyose yabonye.  Hahiriwe uwusoma amajambo y’ubu buhanuzi n’ijwi ryumvikana, hamwe n’abumva bakongera bagakurikiza ivyanditswe muri bwo+, kuko igihe Imana yashinze kiri hafi.  Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe amashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya: Nimugire ubuntu n’amahoro biva kuri «Umwe ariho kandi yamyeho kandi ariko araza+», no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe yiwe y’ubwami  hamwe no kuri Yezu Kristu, «ca Cabona cizigirwa+», «imfura mu kuva mu bapfuye+», akaba n’«Umutware w’abami b’isi+ Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe+,  akatugira ubwami+ n’abaherezi+ b’Imana yiwe ikaba na Se wiwe, nahabwe ubuninahazwa n’ububasha gushika ibihe bidahera. Amen.  Ehe arazananye n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona, mbere n’abamucumise bazomubona. Imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Ego cane, Amen.  «Jewe ndi Alufa na Omega*+», ni ko Yehova* avuze, «Umwe ariho kandi yamyeho kandi ariko araza, Imana Mushoboravyose+  Jewe Yohani, mwenewanyu musangiye uruhamo+, ubwami+ n’ukwihangana+ kubera twunze ubumwe na Yezu+, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa kuvuga ivyerekeye Imana no gushingira intahe Yezu. 10  Biciye ku mpwemu nyeranda, nasanze ndi mu musi w’Umukama, maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye nk’iry’urumbete 11  rimbwira riti: «Ivyo ubona uvyandike mu muzingo maze ubirungikire aya mashengero indwi: iry’i Efeso+, iry’i Simuruna+, iry’i Perugamo+, iry’i Tiyatira+, iry’i Sarudi+, iry’i Filadelufiya+ n’iry’i Lawodiseya+ 12  Nca mpindukira kuraba uwariko avugana nanje. Mpindukiye, mbona ibintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu+, 13  kandi hagati yavyo hari uwusa n’umwana w’umuntu+. Yari yambaye impuzu ishika ku birenge kandi yari akenyeye umukanda w’inzahabu mu gikiriza. 14  Umutwe wiwe n’imishatsi yiwe vyarera nk’ubwoya bw’intama, nk’urubura*. Amaso yiwe yari ameze nk’urubeya rw’umuriro+, 15  ibirenge vyiwe vyari bimeze nk’umujumpu mwiza+ uriko urayagayaga mw’ifuru, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi. 16  Yari afise inyenyeri indwi+ mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe y’ubugi bubiri+, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo ryatse cane, rica ibibatsi+. 17  Ndamubonye, nca ngwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe, mera nk’uwapfuye. Maze anshirako ukuboko kwiwe kw’ukuryo, ambwira ati: «Ntutinye. Jewe ndi uwa mbere+ n’uwa nyuma+, 18  kandi ndi muzima+. Nari narapfuye+, ariko raba ndi muzima gushika ibihe bidahera+, kandi mfise impfunguruzo z’urupfu n’iz’ukuzimu+. 19  Andika rero ivyo wabonye, ibiriko biraba ubu n’ibizoba mu nyuma. 20  Inyenyeri indwi wabonye mu kuboko kwanje kw’ukuryo na birya bintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu, ni ibanga ryeranda. Ng’iyi rero insobanuro yavyo: zirya nyenyeri indwi zigereranya abamarayika ba ya mashengero indwi, birya bintu indwi baterekako amatara na vyo bigereranya amashengero indwi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «wiwe.» Ni ukuvuga umushumba wa Yezu.
Canke «ivyashizwe ahabona.»
Ni ukuvuga Yohani.
Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.
Canke «nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.