Itanguriro 50:1-26

  • Yozefu aja guhamba Yakobo i Kanani (1-14)

  • Yozefu ahumuriza benewabo ko yabahariye (15-21)

  • Imisi ya nyuma ya Yozefu n’urupfu rwiwe (22-26)

    • Yozefu abwira benewabo uko bazogenza amagufa yiwe (25)

50  Yozefu aca yubama kuri se wiwe+, aguma amuririrako yongera amusomagura.  Hanyuma ategeka abasuku biwe b’abaganga ngo basige se wiwe ibimubuza kubora+. Abo baganga baca basiga Isirayeli ibimubuza kubora.  Bamara imisi 40 bamusiga, kuko ari co kiringo bamara basiga ibiziga. Abanyamisiri bamara imisi 70 bamuririra.  Imisi y’ikigandaro iheze, Yozefu abwira abo ku kirimba* kwa Farawo ati: «Nimba munkundiye, ndabinginze mumbwirire Farawo muti:  “Dawe yarandahije+, ambwira ati: ‘Ehe ngira mpfe+. Uzompambe mu mva niyimbishirije+ mu gihugu ca Kanani+.’ Ndagusavye rero undeke nje guhamba Dawe, nzoca ngaruka.”»  Farawo amwishura ati: «Genda uhambe so wawe nk’uko yabikurahije+  Yozefu aca aja guhamba se wiwe, ajana n’abasuku ba Farawo bose, abashingantahe+ bo ku kirimba n’abashingantahe bose bo mu Misiri.  Ajana kandi n’abo mu rugo rwiwe bose na benewabo hamwe n’abo mu rugo rwa se+. Abana babo batoyi n’ibitungwa vyabo ni vyo vyonyene vyasigaye mu ntara ya Gosheni.  Yari kumwe kandi n’imikogote+ hamwe n’abagendera ku mafarasi. Wari umugwi w’abantu benshi cane. 10  Bashitse ku mbuga y’i Atadi mu ntara ya Yorodani, bahagirira ikigandaro gikomeye hariko n’amarira menshi cane. Yozefu amara imisi indwi agandariye se wiwe. 11  Abanyagihugu baho ari bo Banyakanani, babonye ico kigandaro ku mbuga y’i Atadi, baratangara maze bavuga bati: «Iki ni ikigandaro gikomeye ku Banyamisiri!» Ni co catumye aho hantu bahita Abeli-Misirayimu*. Hari mu ntara ya Yorodani. 12  Abahungu ba Yakobo bamugirira nk’uko nyene yari yabategetse+. 13  Bamujana i Kanani, bamuhamba mw’isenga ry’ibuye riri mw’itongo ry’i Makipela, aharabana n’i Mamure. Iryo tongo Aburahamu yari yariguze na Efuroni Umuheti kugira aronke itongo ryo guhambamwo+. 14  Yozefu ahejeje guhamba se wiwe, aca asubira mu Misiri ari kumwe na benewabo n’abandi bose bari bamuherekeje. 15  Benewabo na Yozefu babonye ko se wabo apfuye, bavugana bati: «Hari aho wosanga Yozefu adufitiye inzigo, akazohava atwishura ikibi cose twamukoreye+ 16  Nuko batuma intumwa kuri Yozefu bati: «Imbere y’uko so wawe apfa, yadutegetse ati: 17  “Muze mubwire Yozefu muti: ‘Ndagusavye uharire ikosa rya benewanyu n’igicumuro bakoze mu kugukorera ikibi kingana gutyo.’” Turagusavye rero utubabarire ikosa ryacu, twebwe abasavyi b’Imana ya so wawe.» Yozefu yumvise ayo majambo, aca araturikisha ararira. 18  Benewabo baca baraza, bapfukama imbere yiwe maze bavuga bati: «Ehe turi abashumba bawe+ 19  Yozefu abishura ati: «Ntimutinye. Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana? 20  Naho mwari mwiyumviriye kunkorera ikibi+, Imana yagihinduye iciza kugira irokore abantu benshi, nk’uko iriko irabigira uno musi+. 21  Ntimutinye rero. Nzoguma ndabaha ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi+.» Nuko arabaremesha, arabahumuriza. 22  Yozefu abandanya kuba mu Misiri hamwe n’abo mu rugo rwa se. Yozefu yamaze imyaka 110. 23  Nuko Yozefu abona abuzukuru ba Efurayimu+, abona n’abana ba Makiri+ umuhungu wa Manase. Yabafata nk’abana biwe bwite*. 24  Hanyuma Yozefu abwira benewabo ati: «Ehe ngira mpfe, ariko Imana ntizobura kubitwararika+. Izobakura muri iki gihugu ibajane mu gihugu yarahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko izokibaha+ 25  Yozefu aca arahiza abahungu ba Isirayeli, ababwira ati: «Imana ntizobura kubitwararika. Muze mutware amagufa yanje, muyakure ino+ 26  Hanyuma Yozefu apfa afise imyaka 110. Bamusiga ibimubuza kubora+, baca bamushira mw’isandugu mu Misiri.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu rugo.»
Iryo zina risobanura ngo «ikigandaro c’Abanyamisiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «bavukiye ku bibero vyiwe.»