Itanguriro 39:1-23

  • Yozefu mu rugo kwa Potifari (1-6)

  • Yozefu yanka kuryamana na muka Potifari (7-20)

  • Yozefu mw’ibohero (21-23)

39  Nuko ba Bishimayeli+ bamanukana Yozefu mu Misiri+. Bamugurisha ku Munyamisiri yitwa Potifari+, umukozi wo ku kirimba kwa Farawo, akaba n’umukuru w’abamucungera.  Ariko Yehova yari kumwe na Yozefu+. Ivyo vyatumye aroranirwa yongera ashingwa kuganza urugo rwa shebuja Umunyamisiri.  Shebuja rero abona ko Yehova yari kumwe na Yozefu be n’uko Yehova yatuma aroranirwa mu vyo akora vyose.  Potifari aramukunda cane, aba umukozi wiwe yizigira. Aca amushinga kugaba urugo rwiwe no kwitwararika ivyo atunze vyose.  Kuva aho amushingiye kugaba urugo rwiwe no kwitwararika ivyo atunze vyose, Yehova aguma ahezagira urugo rw’uwo Munyamisiri kubera Yozefu. Umuhezagiro wa Yehova uba ku vyo yari atunze vyose mu rugo no mu mirima+.  Potifari araheza azeza Yozefu ivyo atunze vyose, ntiyasubira kuraba ikintu na kimwe kiretse ivyo yafungura gusa. Vyongeye, Yozefu yari umusore w’inguvu kandi mwiza cane.  Inyuma y’ivyo, umugore wa shebuja atangura kuza aritegereza Yozefu, amubwira ati: «Ingo turyamane!»  Ariko Yozefu yaranka, akamwishura ati: «Databuja nta co yinona ku vyo yanjeje muri uru rugo, kandi yanshinze kwitwararika ivyo atunze vyose.  Nta n’umwe anduta muri uru rugo, kandi nta kintu na kimwe databuja yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi gikomeye gutyo, ngacumura ku Mana+ 10  Yaguma abimubwira imisi yose, ariko Yozefu ntiyigera yemera kuryamana na we canke ngo agumane na we. 11  Nuko umusi umwe Yozefu yinjira mu nzu gukora igikorwa ciwe, kandi nta mukozi n’umwe yari muri iyo nzu. 12  Inabuja aca amucakira impuzu, amubwira ati: «Ingo turyamane!» Ariko Yozefu amutana impuzu yiwe mu maboko, ahungira hanze. 13  Abonye ko amutanye impuzu yiwe mu maboko agahungira hanze, 14  aca akoma induru atabaza abagabo bo mu rugo rwiwe, ababwira ati: «Ndabira ntuze! Yatuzaniye uwu Muheburayo kugira adukoze isoni. Yansanze iyo ndi ngo turyamane, mugabo nca nkoma induru n’ijwi ryanje ryose. 15  Aho yumviye ko nkomye induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje ahungira hanze.» 16  Aca agumiza iyo mpuzu iruhande yiwe gushika shebuja wa Yozefu atashe. 17  Araheza amubwira vya bindi nyene ati: «Wa mukozi w’Umuheburayo watuzanira, yansanze iyo ndi kugira ankoze isoni. 18  Ariko aho yumviye ko nkomye induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje ahungira hanze.» 19  Potifari yumvise ivyo umugore wiwe amubwiye ngo: «Ibi ni vyo umusuku wawe yankoreye», aca ararungura n’ishavu. 20  Shebuja wa Yozefu aca amushira mw’ibohero, ahantu bapfungira imbohe z’umwami. Nuko aguma ng’aho mw’ibohero+. 21  Ariko Yehova agumana na Yozefu, aguma amugirira ubuntu*. Atuma umukuru w’ibohero amukunda cane+. 22  Uwo mukuru w’ibohero araheza azeza Yozefu imbohe zose, kandi ikintu cose zakora ni Yozefu yagikoresha+. 23  Uwo mukuru w’ibohero nta na kimwe yasuzuma mu vyo Yozefu yari ajejwe, kuko Yehova yari kumwe na Yozefu, kandi ico yakora cose Yehova yatuma kiroranirwa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»