Indirimbo ya Salomo 4:1-16
4 «Uri mwiza rukundo rwanje!
Uri mwiza cane!
Amaso yawe asa n’ay’inuma mu gitambara witwikiriye.
Imishatsi yawe imeze nk’ubusho bw’impeneburiko buramanuka imisozi y’i Gileyadi+.
2 Amenyo yawe ameze nk’ubusho bw’intama bahejeje kumwa,ziriko ziraduga zivuye aho bazogereza.Zose zifise amahasa,kandi nta n’imwe yabuze imyagazi yayo.
3 Iminwa yawe imeze nk’urunyuzi rutukura*,kandi amajambo yawe araryoshe.
Amatama* yawe ameze nk’igihimba c’ikomamangamu gitambara cawe witwikiriye.
4 Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara wa Dawidi+,wubatswe n’amabuye atonze ku mirongoamanitsweko inkinzo igihumbi,inkinzo zose z’umuzingi z’abarwanyi b’intwari+.
5 Amabere yawe abiri ameze nk’imyagazi ibiri,amahasa y’ingeregere+ariko ararisha mu mashurwe y’amalisi.»
6 «Ngira nigire ku musozi w’imira*no ku mutumba uriko imibavu+,akayaga kataratangura guhuhuta* n’ibitutu ngo bihunge.»
7 «Uri mwiza wese rukundo rwanje+,kandi nta gahonzi ugira.
8 Ingo tujane tuve i Libani mugeni wanje,ingo tujane tuve i Libani+.
Manuka uve kw’isonga ry’umusozi Amana*,kw’isonga rya Seniri, isonga rya Herumoni+,ahantu intambwe zirara, imisozi ingwe ziberamwo.
9 Ewe mushikanje, mugeni wanje, warantwaye umutima+.Warantwaye umutima igihe nakubita ijisho amaso yawe,nkabona n’agasharizo kamwe gusa k’umugufu wawe.
10 Ese ukuntu urukundo rwawe ruryoshe+, ewe mushikanje, mugeni wanje!
Urukundo rwawe ruraruta umuvinyu kure n’iyo+,kandi akamoto k’amavuta yawe karuta ibintu vyose bimota neza+!
11 Mugeni wanje, iminwa yawe itonyanga ubuki bwo mu kimamara+.
Ubuki n’amata biri munsi y’ururimi rwawe+,kandi akamoto k’impuzu zawe kameze nk’akamoto ka Libani.
12 Mushikanje, umugeni wanje, ameze nk’umurima uzitiye,emwe umurima uzitiye n’iriba ry’amazi ryugaye.
13 Imivyaro* yawe ni iparadizo* y’amakomamanga,irimwo ivyamwa vyizavyiza biri kumwe n’uduti tw’ihina n’utwitwa narada,
14 narada+ na habasereti, kanehe*+ na kanele*+,ubwoko bwose bw’ibiti vy’imibavu, imira n’ingagari+,hamwe n’ubwoko bwose bw’ibiterwa bimota neza cane+.
15 Uri isoko ry’amazi riri mu murima, iriba ry’amazi mezan’imigezi itemba iva i Libani+.
16 Ikangure wa muyaga wo mu buraruko!Ingo wa muyaga wo mu bumanuko!
Nimuhuhutire* ku murima wanje.
Akamoto kawo nigakwiragire hose.»
«Umukunzi wanje naze mu murima wiwe,yirire ivyamwa vyawo vyizavyiza.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «rusa n’agahama.»
^ Canke «imisaya.»
^ Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «umusi utaratangura guhuhuta.»
^ Canke «Anti-Libani.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «urukoba.»
^ Canke «umurima.»
^ Kanehe ni ubwoko bw’amarenga amota.
^ Canke «n’umudarasini.»
^ Canke «nimuhuhere.»