Imigani 22:1-29

  • Izina ryiza riraruta ubutunzi bwinshi (1)

  • Niwigishe umwana wawe hakiri kare (6)

  • Ikinebwe cibwira ngo hanze hariyo intambwe (13)

  • Gukosora umwana biramurinda ubupfu (15)

  • Umukozi w’umuhanga akorera abami (29)

22  Wohitamwo izina ryiza* aho guhitamwo itunga ryinshi+,kandi icubahiro* kiraruta ifeza n’inzahabu.   Umutunzi n’umukene bahuriye kuri iki kintu: bose ni Yehova yabaremye+.   Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje,ariko ibijuju* birabandanya inzira maze bikibonerako*.   Ivyiza vyo kwicisha bugufi no gutinya Yehovani ubutunzi, ubuninahazwa n’ubuzima+.   Inzira y’umuntu w’indyarya yuzuyemwo amahwa n’imitego,ariko uwuha agaciro ubuzima bwiwe aguma kure yavyo+.   Niwigishe umwana* inzira akwiye gucamwo+.Azorinda asaza atarayivamwo+.   Umutunzi ni we aganza abakene,kandi uwusavye ideni aba umuja w’uwarimuhaye+.   Uwubiba ibitagororotse azokwimbura ivyago+,kandi inkoni akubitisha abantu yashavuye izovunika+.   Uwutanga cane* azohezagirwa,kuko ibifungurwa vyiwe abihako abakene+. 10  Irukana umucokoranyimaze induru zizohera,amatati* n’ibitutsi na vyo nyene bihere. 11  Umuntu w’umutima utyoroye kandi avuga amajambo y’igikundiroazoba umugenzi w’umwami+. 12  Yehova* arakingira ubumenyi,ariko agatembagaza amajambo y’ibihemu+. 13  Ikinebwe kivuga giti: «Hanze hariho intambwe! Yohava inyicira hagati mu kibanza rusangi*+ 14  Akanwa k’abagore b’ibitandero* ni ikinogo kirekire+. Uwo Yehova yaciriye rubi azokigwamwo. 15  Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana*+,ariko inkoni irabukurayo ikabwigiza kure yiwe+. 16  Uwuzuruma umukene kugira yongereze itunga ryiwe+hamwe n’uwuha ingabire umutunzi,bazoruhira kuja mu bukene. 17  Tega ugutwi, wumvirize amajambo y’abanyabwenge*+,kandi uzirikane witonze ivyo ndakwigisha*+, 18  kuko niwabigumiza ku mutima wawe uzohimbarwa+,kandi bizoguma mu kanwa kawe+. 19  Ndaguhaye ubumenyi uyu musi,kugira ngo wame wizigira Yehova. 20  Mbega sinakwandikiye,nkaguha impanuro n’ubumenyi, 21  kugira ndakwereke ko aya majambo ari ay’ukuri n’ayo kwizigirwa,maze uzanire uwagutumye inkuru y’ukuri? 22  Ntunyage umukene ngo ni uko akenye+,kandi ntuhohotere umuntu mutoyi mw’irembo ry’igisagara+, 23  kuko Yehova ubwiwe azobaburanira+kandi azokwaka ubuzima ababanyaga utwabo. 24  Ntugendane n’umuntu akaza ishavu,canke ngo wifatanye n’umuntu ashavura ningoga, 25  kugira ntuhave wiga ingeso ziwemaze ukitega umutego+. 26  Ntube mu bantu bahana amaboko,bakemera kwishinga ingurane y’abandi+. 27  Niwabura ico uriha,bazogukura ku gitanda cawe bagitware. 28  Ntuze wimure akarimbi ka keraba sogokuruza bawe bashinze+. 29  Mbega uramaze kubona umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Azohagarara imbere y’abami+,ntazohagarara imbere y’abantu basanzwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «gushimwa.»
Canke «kuvugwa neza.»
Canke «abantu batazi utuntu n’utundi.»
Canke «bigahanwa.»
Canke «umuhungu», «uwukiri muto.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuri n’ijisho ryiza.»
Canke «imanza.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso ya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «b’abanyamahangakazi.» Raba akajambo k’epfo mu Img 2:16.
Canke «umuhungu», «uwukiri muto.»
Canke «ubumenyi bwanje.»
Canke «y’inkerebutsi.»