Gusubira mu vyagezwe 9:1-29
9 Umviriza yemwe Bisirayeli, uyu musi mugira mujabuke uruzi Yorodani+ kugira mwigarurire igihugu kirimwo amahanga manini kandi akomeye kubasumvya+, ibisagara binini bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+,
2 n’abantu bakomeye kandi barebare bakomoka kuri Anaki+, abo muzi kandi mwumvise abavuga ivyabo ngo: “Ni nde yoshobora kwihanga abakomoka kuri Anaki?”
3 Uyu musi rero mumenye ko Yehova Imana yanyu azojabuka Yorodani imbere yanyu+. Ni umuriro utema ugatongora+ kandi azobatikiza bose. Azobatsindira imbere yanyu ku buryo mubirukana ningoga, mubatikize nk’uko Yehova yabibasezeraniye+.
4 Yehova Imana yanyu niyabirukana bakababisa, ntimuze mwibwire muti: “Ubugororotsi bwacu ni bwo bwatumye Yehova aduha iki gihugu ngo tucigarurire+.” Ahubwo ububisha bw’ayo mahanga+ ni bwo butumye Yehova ayirukana.
5 Ubugororotsi bwanyu canke ukudahemuka kwanyu si vyo bitumye mwigarurira igihugu cabo. Ahubwo ububisha bw’ayo mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yanyu ayirukana+, kugira ashitse ijambo Yehova yarahiye ba sokuruza banyu, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+.
6 Mumenye rero ko Yehova Imana yanyu atabahaye iki gihugu ciza ngo ni uko muri abagororotsi. Ahubwo muri intumva*+.
7 Mwibuke ingene mwateye ishavu Yehova Imana yanyu mu bugaragwa+. Ntimuze mwigere muvyibagira. Mwagumye mugarariza Yehova uhereye umusi mwava mu Misiri gushika mugeze ng’aha+.
8 N’i Horebu nyene mwarateye ishavu Yehova. Yehova yaciye ashavura cane ku buryo yagira abatikize+.
9 Igihe naduga ku musozi gutora vya bisate vy’amabuye+ biriko isezerano Yehova yagiraniye namwe+, namaze imisi 40 n’amajoro 40+ kuri wo ntarya kandi ntanywa n’amazi.
10 Yehova yaciye ampa ibisate bibiri vy’amabuye yanditseko n’urutoke rwiwe. Vyariko amajambo yose Yehova yababwiriye ku musozi, ayavugira mu muriro umusi mwari mukoranye*+.
11 Inyuma y’imisi 40 n’amajoro 40, Yehova yaciye ampa vya bisate bibiri vy’amabuye, ibisate biriko isezerano,
12 maze Yehova ambwira ati: “Manuka ningoga, kuko abantu bawe wakuye mu Misiri bakoze ivy’ubupfu+. Banyarutse guta inzira nabategetse kugenderamwo. Bihinguriye igishusho c’icuma*+.”
13 Yehova yaciye ambwira ati: “Narihweje aba bantu nsanga ni intumva+.
14 Reka nkwereke: ngira ndabatikize, nzimanganye amazina yabo munsi y’ijuru, hanyuma ndakugire ihanga rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi kubasumba+.”
15 Naciye manuka uwo musozi uriko urarurumba+, kandi nari mfise mu maboko vya bisate bibiri biriko isezerano+.
16 Hanyuma nararavye, nsanga mwacumuye kuri Yehova Imana yanyu! Mwari mwihinguriye inyana y’icuma. Mwari mwataye ningoga inzira Yehova yabategetse kugenderamwo+.
17 Naciye mfata vya bisate bibiri nari mfise mu maboko ndabiterera hasi, ndabisabiriza mu maso yanyu+.
18 Naciye mara imisi 40 n’amajoro 40 nunamira Yehova nk’ubwa mbere. Sinarya kandi sinanywa n’amazi+, kubera ibicumuro vyose mwari mwakoze mu gukora ibintu bibi imbere ya Yehova mukamubabaza.
19 Nari nagize ubwoba kuko Yehova yari yabashavuriye cane+, akaba yagira abatikize. Ariko n’ico gihe nyene Yehova yaranyumvirije+.
20 Yehova yarashavuriye cane Aroni ku buryo yagira amwice+, ariko n’ico gihe nyene naratakamvye ku bwa Aroni.
21 Naciye mfata iyo nyana+, ico kintu cari catumye mucumura maze ndagiturira. Narakimenaguye, ndagisya gushika aho kimera nk’umukungugu, maze ndawusuka mu ruzi rutemba ruva ku musozi+.
22 Mwarasubiriye kandi gutera ishavu Yehova i Tabera+, i Masa+ n’i Kiburoti-Hatava+.
23 Igihe na ho Yehova yabakura i Kadeshi-Baruneya+ akababwira ati: “Duga mwigarurire igihugu ngira ndabahe”, mwarongeye kugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. Ntimwamwizeye+ kandi ntimwamugamburukiye.
24 Mwagumye mugarariza Yehova kuva igihe nabamenya.
25 Namaze imisi 40 n’amajoro 40+ nza ndunamira Yehova. Nabigize gutyo kubera Yehova yari yavuze ko agira abatikize.
26 Naciye ntakambira Yehova nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ntuhonye abantu bawe. Ni ihanga ryawe wigabira*+, iryo warokoye ukoresheje ububasha bwawe, ukarikura mu Misiri ukoresheje ukuboko kwawe gukomeye+.
27 Niwibuke abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ukutagondwa kw’aba bantu, ububisha bwabo n’igicumuro cabo+.
28 Ahandiho abantu bo mu gihugu wadukuyemwo bohava bavuga ngo: ‘Yehova vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye. Yabakuye ino kugira abicire mu bugaragwa kubera abanka+.’
29 Erega ni abantu bawe, ihanga ryawe wigabira+, iryo wakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+.”
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga impome ndende cane.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mufise izosi ridadaraye.»
^ Canke «umusi ishengero ryari rikoranye.»
^ Canke «icuma bashongesheje.»
^ Canke «intoranwa yawe.»