Gusubira mu vyagezwe 32:1-52
32 «Tega ugutwi wa juru we nanje mvuge,isi na yo niyumvirize amajambo ava mu kanwa kanje.
2 Inyigisho yanje izotonyanga nk’imvura,amajambo yanje azotemba nk’urume,nk’akavura kanyanyaga ku bwatsi,nk’imvura icuncubukira ku biterwa.
3 Ngira ntangaze izina rya Yehova+.
Nimuvuge ibijanye n’ubukuru bw’Imana yacu+!
4 Ico Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,kuko inzira ziwe zose zigororotse+.
Ni Imana idahemuka+, itigera irenganya+,iragororotse kandi iratunganye+.
5 Ni bo bakoze ivy’ubupfu+.
Si abana bayo, ikosa ni rwabo+.
Ni urunganwe* ruhetamye kandi rugoramye+!
6 Mbega ukwo ni ko mufata Yehova+,ga mwa bantu b’ibijuju, mutagira ubwenge+?
Mbega si we So wanyu yabahaye ubuzima+?Si we yabaremye kandi akabagira ihanga rikomeye?
7 Nimwibuke imisi ya kera,mwiyumvire ivyabaye mu myaka yaheze.
Nimubaze ba so, na bo bazobibabwira+,mubaze abatama, na bo bazobibamenyesha.
8 Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa yayo+,igihe yatandukanya bene Adamu*+,yarashingiye imbibe imigwi y’abantu+afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+.
9 Kuko abantu ba Yehova ari bo mugabane wiwe+,Yakobo ni we ntoranwa yiwe+.
10 Yamusanze ahantu h’ubugaragwa+,mu gahinga ka nyaganande karimwo amajwi ateye ubwoba+.
Yaramukikuje, aramubungabunga+,aramukingira nk’imbone y’ijisho ryiwe+.
11 Nka kurya inkona inyiganza icari cayo,ikārāra hejuru y’ibiswi vyayo,igasanza amababa yayo ikabitora,maze ikabitwara hejuru y’amababa yayo+,
12 ni ko Yehova ubwiwe yagumye amuyobora*+,kandi nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we+.
13 Yatumye agendera hejuru ku misozi+,ku buryo yirira ivyeze mu mirima+.
Yamugaburiye ubuki bwo mu rutarehamwe n’amavuta avuye mu gitandara c’isare,
14 amavuta y’inka n’amata y’impene n’intama,hamwe n’intama nzizanziza*,impfizi z’intama z’i Bashani n’amasuguru y’impene,hamwe n’ingano nzizanziza+.Yinywera umuvinyu uvuye mu mutobe* w’inzabibu.
15 Aho Yeshuruni* avyibuhiye, yaciye atera imigere, aragarariza.
(Waravyibushe, uradoha, usigara ungana isi+.)
Yaciye aheba Imana yamuremye+,asuzugura Igitandara c’ubukiriro bwiwe.
16 Barayiteye ishavu mu gusenga imana z’inyamahanga+,barayibabaje mu gukora ibintu bishisha+.
17 Ibimazi vyabo babishikaniye amadayimoni, ntibabishikaniye Imana+,babishikaniye imana batigeze bamenya,imana nshasha zadutse vuba,imana ba sokuruza banyu batigeze bamenya.
18 Mwaribagiye Igitandara+ cabavyaye,ntimwibutse Imana yabibarutse+.
19 Aho Yehova abiboneye, yaciye abata+,kuko abahungu biwe n’abakobwa biwe bari bamushavuje.
20 Yaciye avuga ati: “Reka ndabahishe mu maso hanje+,maze ndabe iherezo ryabo.
Kuko ari urunganwe* rugoramye+,abana b’ibihemu+.
21 Baranshavuje* mu gusenga imana zitari zo+,barambabaje mu gusenga ibigirwamana ata co bimaze+.
Nanje rero nzobatera inzigo nkoresheje ihanga ata co rimaze+,nzobashavuza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.
22 Kuko ishavu ryanje ryadometse umuriro+.Uzokwaka gushika ibwina mu kuzimu+,uzorigata isi n’umwimbu wayo wose,uyigize imishinge y’imisozi.
23 Nzokwongereza ivyago vyabo,nzobamarirako imyampi yanje.
24 Bazokwicwa n’inzara+,bamarwe n’inyonko ikaze n’agatikizo gakomeye+.
Nzobarungikamwo ibikoko biryana+hamwe n’inzoka z’ubumara zikwega hasi*.
25 Abari hanze bazohekurwa n’inkota+,abari mu nzu na bo batekerwe n’ubwoba+.Ukwo ni ko bizomera ku musore n’inkumi,ku mwana no ku mutama w’imvi+.
26 Mba naravuze nti: ‘Nzobashwiragiza,nzobazimanganya ntibasubire kwibukwa’,
27 ariko natinye ingene abansi banje bovyakira+,kuko bohava babitahura ukutari kwo+,
bakavuga ngo: ‘Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda+,si Yehova yabikoze.’
28 Kuko ari ihanga ritagira ubwenge*,nta gutegera bafise+.
29 Iyo baba bafise ubwenge*+, bari kubizirikana+.
Bari kwiyumvira iherezo ryabo+.
30 Mbega umuntu umwe yoshobora kwirukana 1.000,abantu babiri na bo bakirukana 10.000+?
Kiretse Igitandara cabo cabagurishije+,kiretse Yehova yabatanze.
31 Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu+,mbere ivyo n’abansi bacu barabitahuye+.
32 Umuzabibu wabo uva ku muzabibu w’i Sodomuno mu mirima* y’i Gomora+.
Inzabibu zabo ni inzabibu z’ubumara,inzabibu* zabo zirarura+.
33 Umuvinyu wabo ni ubumara bw’inzoka,ubumara bw’incira bwica cane.
34 Ivyo none ntibibitse iruhande yanje,bikaba vyugaraniye mu kigega canje+?
35 Uguhōra n’uguhana ni ivyanje+.Igihe nicagera, ukuguru kwabo kuzonyerera+,kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi,kandi ibibarindiriye ntibizoteba.”
36 Yehova azocira urubanza abantu biwe+,kandi azokwumvira impuhwe abasavyi biwe+,niyabona utuguvu twabo twagabanutse,hasigaye abatagira gitabara n’abatagira udutege.
37 Azoheza avuge ati: “Za mana zabo ziri hehe+,ca gitandara barondereramwo ubuhungiro,
38 zimwe zahora zirya ibinure vy’ibimazi vyabo*,zikanywa umuvinyu w’amashikanwa yabo y’ibinyobwa+?
Nizihaguruke zibatabare.
Nizibabere ubuhungiro.
39 Ubu rero nimumenye ko ari jewe ndi Imana+,nta zindi mana zihari atari jewe+.
Ndica nkongera ngakiza+.
Ndakomeretsa+ nkongera nkavura+,kandi nta wushobora kurokora ikiri mu kuboko kwanje+.
40 Mbere ndadugije ukuboko kwanje,mvuga nti: ‘Ndahiye ukubaho kwanje kwamaho+’,
41 ninakarisha inkota yanje ica ibibatsi,ukuboko kwanje kukitegurira gushitsa imanza+,nzokwihora abansi banje+,nsubirize mu nkoko abanyanka.
42 Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso,amaraso y’abishwe n’ay’abagizwe imbohe.Inkota yanje izorya inyama,izorya imitwe y’indongozi z’abansi.”
43 Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+,kuko azohora amaraso y’abasavyi biwe+,azokwihora abansi biwe+,kandi azotyorora* igihugu c’abantu biwe.»
44 Musa aca araza, asubiramwo amajambo yose y’iyo ndirimbo abantu bose bumva+, ari kumwe na Hosheya*+ mwene Nuni.
45 Musa arangije kubwira ayo majambo Abisirayeli bose,
46 ababwira ati: «Nimushire ku mutima amajambo yose yo kubaburira ndababwiye uyu musi+, kugira muze mwigishe abana banyu kwubahiriza ayo mategeko yose+.
47 Ntimwibaze ko ayo majambo ata co amaze kuri mwebwe, kuko ari yo buzima bwanyu+ kandi ni yo azotuma murambira mu gihugu mugiye kwigarurira nimwajabuka uruzi Yorodani.»
48 Kuri uyo musi nyene Yehova abarira Musa ati:
49 «Duga kuri uyu musozi Nebo+, uri mu karere ka Abarimu+ mu gihugu ca Mowabu, aharabana n’i Yeriko maze urabe igihugu ca Kanani ngira mpe Abisirayeli+.
50 Uzoca upfira ng’aho kuri uwo musozi, uhamvye ab’iwanyu* nk’uko Aroni mwenewanyu yapfiriye ku musozi Hori+, agahamvya ab’iwabo.
51 Kuko mwampemukiye imbere y’Abisirayeli kuri ya mazi y’i Meriba+ h’i Kadeshi, mu bugaragwa bwa Zini. Ntimwerekanye ko ndi mweranda imbere y’Abisirayeli+.
52 Uzobona ico gihugu uri kure, ariko ntuzokwinjira muri ico gihugu ngira mpe Abisirayeli+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «iyaruka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuryango w’abantu.»
^ Hariko havugwa Yakobo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibinure vy’intama.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amaraso.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «baranteye ishari.»
^ Canke «ivyikwega mu mukungugu.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ritumva impanuro.»
^ Canke «ubukerebutsi.»
^ Canke «imikobeko.»
^ Canke «imisoko y’inzabibu.»
^ Canke «zirya ibimazi vyabo vyizavyiza.»
^ Canke «azotangira impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
^ Ni izina Yosuwa yari afise ubwa mbere. Hosheya rivuye mw’izina Hoshaya. Risobanura ngo «uwarokowe na Yehova», «Yehova yararokoye.»
^ Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.