Gusubira mu vyagezwe 27:1-26
27 Maze Musa ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ategeka abantu ati: «Nimwubahirize amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi.
2 Umusi muzojabuka Yorodani mukinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, muze mushinge amabuye maninimanini hanyuma muyasige ishwagara+.
3 Muze muyandikeko aya mategeko yose, hanyuma mubone kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, igihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye+.
4 Nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+ hanyuma muyasige ishwagara nk’uko ndabibategetse uyu musi.
5 Muze muhubake kandi igicaniro ca Yehova Imana yanyu, igicaniro c’amabuye. Ntihaze hagire icuma muyakozako+.
6 Ico gicaniro ca Yehova Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabajwe, hanyuma mugishikanireko ibimazi biturirwa vya Yehova Imana yanyu.
7 Muze mushikane ibimazi vyo gusangira+ hanyuma mubirire aho nyene+, muhimbarwe imbere ya Yehova Imana yanyu+.
8 Muze mwandike neza aya mategeko yose kuri ayo mabuye+.»
9 Musa n’abaherezi b’Abalewi baca babwira Abisirayeli bati: «Yemwe Bisirayeli, nimuhore mwumvirize! Uyu musi mucitse ihanga rya Yehova Imana yanyu+.
10 Mutegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe+ n’amategeko yiwe ndabahaye uyu musi.»
11 Nuko kuri uwo musi, Musa ategeka abantu ati:
12 «Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi ni yo miryango izohagarara ku musozi Gerizimu+ kugira ihezagire abantu: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yozefu n’uwa Benyamini.
13 Iyi miryango na yo izohagarara ku musozi Ebali+ kugira itangaze umuvumo: umuryango wa Rubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zabuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali.
14 Abalewi na bo bazobwira Abisirayeli bose n’ijwi rirenga+ bati:
15 “Aravumwe umuntu wese ahingura igishusho c’ikibazano+ canke igishusho c’icuma*+, ikintu gishisha Yehova+ cakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene* hanyuma akakinyegeza.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen*!”)
16 “Aravumwe umuntu wese asuzugura se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
17 “Aravumwe umuntu wese yimura akarimbi ka mugenziwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
18 “Aravumwe umuntu wese azimiza impumyi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
19 “Aravumwe umuntu wese agoreka urubanza+ rwa kavamahanga, rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
20 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’umugore wa se, kuko aba amaramaje se wiwe*+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
21 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’igikoko+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
22 “Aravumwe umuntu wese aryamana na mushikiwe, yaba ari uwo basangiye se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
23 “Aravumwe umuntu wese aryamana na inabukwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
24 “Aravumwe umuntu wese yibundira mugenziwe akamwica+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
25 “Aravumwe umuntu wese yakira igiturire co kwica intungane+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
26 “Aravumwe umuntu wese atazokwubahiriza aya mategeko ngo ayakurikize+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nibibe gutyo nyene.»
^ Canke «uwuhingura ibintu mu biti canke mu vyuma.»
^ Canke «igishusho mu cuma bashongesheje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «aba akuye agashambara se wiwe.»