Gusubira mu vyagezwe 21:1-23

  • Ubwicanyi bwakozwe n’abantu batazwi (1-9)

  • Kurongora abagore bagizwe imbohe (10-14)

  • Uburenganzira bw’imfura (15-17)

  • Umwana w’intumva (18-21)

  • Uwumanitswe ku giti aba ari ikivume (22, 23)

21  Nimwasanga ikiziga c’umuntu kirambaraye mu gahinga mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi uwamwishe akaba atamenyekanye,  abashingantahe banyu n’abacamanza banyu+ baze bagende bapime urugendo ruri hagati y’ico kiziga n’ibisagara biri hafi yaco.  Abashingantahe b’igisagara kiri hafi cane y’ico kiziga bazoca bafata ishashi y’inka itarakora igikorwa na kimwe, ishashi itarigera yikorera umutwaro*,  maze bayijane mu mwonga* urimwo amazi atemba, ahantu batararima canke ngo bateragire, baheze bayivunireyo izosi+.  Abaherezi ari bo Balewi bazoca baza, kuko ari bo Yehova Imana yanyu yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire abantu mw’izina rya Yehova+. Bazobabwira ingene amatati yose ajanye n’ugukomerekanya akwiye gutorerwa umuti+.  Abashingantahe bose b’igisagara kiri hafi cane y’uwo muvyimba bazoca bakarabira+ hejuru y’iyo shashi bavuniye izosi mu mwonga,  maze bavuge bati: “Amaboko yacu si yo yasheshe aya maraso, kandi n’amaso yacu ntiyabonye uwayasheshe.  Ewe Yehova, ntuharure aya maraso ku bantu bawe b’Abisirayeli, abo warokoye+. Ntureke ngo icaha co gusesa amaraso y’intungane kigume ku bantu bawe b’Abisirayeli+.” Aho ni ho ico caha co gusesa amaraso kitazoharurwa kuri bo.  Muzoba mukuye icaha co gusesa amaraso y’intungane muri mwebwe, kuko muzoba mukoze ibigororotse mu maso ya Yehova. 10  Nimwaja kurwana n’abansi banyu hanyuma Yehova Imana yanyu akabafasha kubatsinda mukabagira imbohe+, 11  maze muri izo mbohe ukabonamwo umugore mwiza ukamushima, ugashaka kumutwara ngo abe umugore wawe, 12  urashobora kumuzana muhira iwawe. Azoheza yimoshe umushatsi, atunganye inzara ziwe, 13  yambure impuzu yaje yambaye hanyuma abe mu nzu yawe. Azomara ukwezi kwose aririra+ se na nyina. Inyuma y’aho urashobora kuryamana na we ukaba umugabo wiwe, na we akaba umugore wawe. 14  Ariko niwabona atakiguhimbara, uzomureka yigire+ iyo ashatse hose. Ntuze umugurishe canke ngo umufate nabi, kuko uzoba wamaze kumumaramaza. 15  Umugabo niyaba afise abagore babiri, akaba akunda umwe gusumba uwundi* ariko abo bagore bose bakaba baramuvyariye abahungu, kandi imfura ikaba ari iy’uwo mugore adakunda+, 16  ku musi wo guha intoranwa abahungu biwe ntibizoba vyemewe ko afata nk’imfura umuhungu w’umugore akunda, ngo amurutishe umuhungu w’umugore adakunda kandi ari we asanzwe ari imfura. 17  Akwiye kwemera ko umuhungu w’umugore adakunda ari we mfura mu kumuha imigabane ibiri y’ivyo atunze vyose, kuko ari we ntango y’ubushobozi bwiwe bwo kurondoka. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+. 18  Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji, akaba atubaha se na nyina+ kandi bakaba baragerageje kumukosora ntiyumve+, 19  se na nyina baze bamufate bamujane ku bashingantahe kw’irembo ry’igisagara cabo, 20  maze bababwire bati: “Uyu mwana wacu ni intagondwa, ni umugarariji kandi ntatwubaha. Ni umukunzi w’inda+ kandi ni imborerwa+.” 21  Abantu bose bo muri ico gisagara baze bamwicishe amabuye. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe, kandi Abisirayeli bose bazovyumva batinye+. 22  Umuntu niyakora igicumuro gituma yicwa, hanyuma mukamwica+ mukamumanika ku giti+, 23  ikiziga ciwe ntikize kirare ku giti+. Mutegerezwa kumuhamba kuri uwo musi nyene, kuko uwumanitswe aba ari ikivume ku Mana+. Ntimuze muhumanye igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «batarambika ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «mu mubande.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagore babiri, akaba akunda umwe, akanka uwundi.»