Guharura 11:1-35
11 Abantu batangura kwidodomba n’agashavu imbere ya Yehova. Yehova avyumvise, aca ararungura n’ishavu. Yehova aca abatiburiramwo umuriro, utangura kuyigiza bamwebamwe ku mpera y’ikambi.
2 Abantu baca batangura kuririra Musa, na we aca atakambira Yehova+ maze uwo muriro urazima.
3 Aho hantu baca bahita Tabera*, kuko Yehova yari yabatiburiyemwo umuriro+.
4 Isinzi ry’abanyamahanga+ bari kumwe na bo batangura kwipfuza cane+ ivyo kurya vyizavyiza. Abisirayeli na bo nyene baca batangura kurira, bavuga bati: «Ni nde azoduha inyama turya+?
5 Urazi ukuntu dukumbuye ya mafi twahora twirira kuri gusa mu Misiri, na ya makonkombure, amapasteke, ibitunguru vya pwaro, ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu+!
6 Ariko raba ubu, nta n’utuguvu tugifise. Nta kindi duhanze amaso atari iyi manu+.»
7 Iyo manu+ rero yari imeze nk’imbuto z’agati kitwa gadi+, kandi yasa n’ibirirarira vyera biva ku biti.
8 Abantu barakwiragira irya n’ino bakayitora, hanyuma bakayisya* canke bakayisekura. Baca bayiteka mu nkono canke bakayikoramwo imikate yiburungushuye+. Yari ifise akanovera nk’ak’udukate dusosa ducumbanywe amavuta.
9 Igihe urume rutonze aho bakambitse mw’ijoro, na manu yazanana na rwo+.
10 Musa yumva abantu bo mu miryango yose barira, umwe wese aririra ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe. Yehova aca arashavura cane+, na Musa biramubabaza rwose.
11 Maze Musa abwira Yehova ati: «Kubera iki wankwegeye izi ngorane jewe umusavyi wawe? Kuki utanyumviye akagongwe, ukandemeka umuzigo w’aba bantu bose+?
12 Mbega ni je natwaye inda y’aba bantu bose? Ni je nabavyaye aho umbwira ngo ndababumbatire mu gikiriza nka kurya umurezi* abumbatira umwana yonka, maze ndabajane mu gihugu warahiye ko uzoha ba sekuruza babo+?
13 Nzokura hehe inyama zikwiye aba bantu bose, ko baguma bandirira ngo ndabahe inyama!
14 Sinshobora kwikorera aba bantu bose jenyene kuko bandengeye+.
15 Hako ubandanya kumfata gutyo, pfuma unyica bihere biheze+. Ndagusavye ntusubire kunyereka ibindi vyago.»
16 Yehova yishura Musa ati: «Ntorera abagabo 70 mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abagabo uzi ko ari abashingantahe n’abakuru babishoboye+, ubajane kw’ihema ry’ibonaniro hanyuma uhagararane na bo ng’aho.
17 Nanje nzoca manuka+, mvuganire nawe ng’aho+. Nzokura impwemu nkeyi+ kuri wewe ndayishire kuri bo, baheze bagufashe kwikorera umuzigo w’aba bantu kugira ntubandanye kuwikorera wenyene+.
18 Bwira abantu uti: “Nimwitegurire* umusi w’ejo+. Muzorya inyama koko, kuko Yehova yumvise ingene murira mwidoga+ ngo: ‘Ni nde azoduha inyama turya? Mu Misiri hoho twari twimererewe neza+.’ Emwe, ari inyama gusa, Yehova azozibaha kandi muzozirya+.
19 Ntimuzozirya umusi umwe gusa canke 2 canke 5 canke 10 canke 20,
20 ahubwo muzozirya ukwezi kwose, gushika zibaciye mu mazuru zigasigara zibashisha+, kuko mwiyamirije Yehova ari hagati yanyu, mukaririra imbere yiwe muvuga ngo: ‘Kubera iki twavuye mu Misiri+?’”»
21 Maze Musa avuga ati: «Iri hanga ryacu ririmwo abagabo* 600.000+, hanyuma nawe ngo: “Nzobaha inyama barya ukwezi kwose!”
22 Mbega hoho uwobabagira amasho y’ibitungwa, ugira yobakwira? Canke uwofata amafi yose yo mu kiyaga, ugira yobakwira?»
23 Yehova yishura Musa ati: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi+? Nawe uraza kuraba ko ivyo ndakubwiye biba canke bitaba.»
24 Musa aca agenda kubwira abantu ivyo Yehova yavuze. Akoranya ba bagabo 70 bavuye mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abasaba guhagarara bakikuje ihema ry’ibonaniro+.
25 Yehova aca amanuka mu gicu+, avugana na we+. Akura impwemu nkeyi+ kuri we, ayishira kuri umwumwe muri ba bashingantahe 70. Iyo mpwemu imaze kubajako, baca batangura kuvuga ubuhanuzi*+. Ariko ivyo ntivyabandanije.
26 Ariko rero, hari abagabo babiri muri bo bari bagumye mw’ikambi. Umwe yitwa Elidadi, uwundi Medadi. Nuko impwemu ibazako, kuko na bo nyene bari mu banditswe, ariko ntibari bagiye kw’ihema ry’ibonaniro. Na bo baca batangura kuvuga ubuhanuzi mw’ikambi.
27 Umusore umwe aca yiruka kwa Musa, amubwira ati: «Elidadi na Medadi bariko baravuga ubuhanuzi mw’ikambi!»
28 Yosuwa+ mwene Nuni, uwabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, aca abwira Musa ati: «Databuja, babuze+!»
29 Ariko Musa amwishura ati: «Uriko uranyumvira impuhwe? Ahubwo icompa abantu bose ba Yehova bakaba abahanuzi, Yehova akabashirako impwemu yiwe!»
30 Musa araheza asubira mw’ikambi, ari kumwe na ba bashingantahe bo muri Isirayeli.
31 Ubwo nyene umuyaga uvuye kuri Yehova uca urahuhuta, utangura kuzana inkware zivuye ku kiyaga, zigwa hirya no hino y’ikambi+. Zikikuza ikambi gushika ahantu umuntu yogenda urugendo rw’umusi umwe. Kuva hasi kuduga zashika ahareha n’intambwe* zibiri.
32 Abantu baca bamara uwo musi wose begeranya izo nkware ijoro n’umurango be n’umusi ukurikira wose. Nta n’umwe yegeranije iziri munsi ya homeri* cumi. Baguma bazanikira hirya no hino y’ikambi.
33 Ariko izo nyama zikiri mu kanwa kabo, bataranatangura kuzihekenya, Yehova aca arashavurira cane abo bantu, maze Yehova atangura kubasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+.
34 Aho hantu baca bahita Kiburoti-Hatava*+, kuko bahahamvye abantu bafise ameru+.
35 Abantu baraheza bafata urugendo, bava i Kiburoti-Hatava baja i Hazeroti+ maze bagumayo.
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina risobanura ngo «kururumba.» Ni ukuvuga umuriro mwinshi.
^ Bayisya ku nsyo z’amaboko.
^ Canke «umurezi w’umugabo.»
^ Canke «nimwiyeze.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abagabo bagenda n’amaguru.» Iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku bagabo b’inguvu bashoboye kurwana.
^ Canke «kwifata nk’abahanuzi.»
^ Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
^ Homeri imwe yangana n’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
^ Ni ukuvuga imva z’abanyameru.